'Abasirikare b'Uburundi bari muri RD Congo rwihishwe' - IDHB

Ahavuye isanamu, AFP
Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu mu Burundi IDHB (Initiative pour les Droits de l'Homme au Burundi) ryagiriza ico gihugu kurungika abasirikare n'imbonerakure muri Republika ya Demokrasi ya Congo, RDC, kugwanya umuhari wa RED-TABARA.
Ico cegeranyo ciswe "Igikorwa co kwiyoberanya, ubutumwa bw'Uburundi mw'ibanga muri Congo" kivuga ko abo basirikare n'imbonerakure begeranirizwa mu makambi atatu ya gisirikare imbere yo kurungikwa muri RD Congo mw'ijoro.
Ishirahamwe IDHB rivuga ko ivyo bikorwa vyoba bifise inkomoko ku ngendo z'abakuru b'ivyo bihugu bibiri, Uburundi na RD Congo, bagiriraniye, aho hashizwe umukono ku masezerano yo gufashanya muvyo umutekano ariko atasiguwe neza mw'ido n'ido.
Mu rugendo prezida Evariste Ndayishimiye yagize muri RD Congo mu kwezi kw'indwi umwaka uheze yavuze ko baganiriye na mugenziwe Felix Tshisekedi ingene "hotuzwa" imigwi yitwaje ibigwanisho iri mu buseruko bwa RD Congo.
Igihe yaza kumusubiriza mu ndumane mu rugendo yagize i Bujumbura mu kwezi kwa gatanu mu 2022, Tshisekedi yagize ati:"Ni ngombwa ko hongerezwa inguvu mu gukizura no mu bikorwa vya gisirikare n'umutekano ibihugu vyose bihuriyeko."
Iryo shirahamwe rivuga ko ari muri iyo ntumbero abasirikare b'abarundi n'imbonerakure bashika 700 bamaze kurungikwa muri RD Congo kuva mu mpera z'umwaka uheze.
Umugambwe wa CNDD-FDD ufisemwo uruhe ruhara?
IDHB ivuga kandi ko ico gikorwa gifashwe mu mugongo n'umugambwe uri ku butegetsi wa CNDD-FDD, ari na co gituma badapfa uwo bakirungitsemwo.
Ico cegeranyo kigira giti:"Imbonerakure zegeranywa n'abategetsi hagati mu gihugu kandi ntizibwirwa iyo ziba ziroye.
"Haba mu basirikare canke mu mbonerakure, bahitamwo abo babona biyumvamwo umugambwe CNDD-FDD."
Ariko kiragaruka kikavuga ko, barondeye n'abahoze mu gisirikare ca kera bajana muri ivyo bikorwa vya gisirikare muri RD Congo, ariko ngo si benshi ku bwoba ko bohava baca batorokera mu muhari wa RED-TABARA bagiye kugwanya.
Umukuru w'umugambwe uri ku butegetsi, Reverien Ndikuriyo aradomwako urutoke.
Imbonerakure imwe yagiye muri ivyo bikorwa, imwagiriza ko mu nama yigeze kubagirisha yababajije ati:"Igihugu coterwa, muriteguye kukigwanira?
Bose ngo bishuye ego batinya ko bahakanye boca bafatwa nk'abatavuga rumwe na reta.
Iyindi mbonerakure yemeza ko yahuriye n'uwurongoye urwo rwego mu gihugu cose, Sylvestre Ndayize, mu ngoro y'umugambwe CNDD-FDD aho yamubwiye ko agira amurungike ahantu kuko yaciye mu gisirikare.
Agira ati:"Mu nyuma yaransavye nimero za telefone nca mbona andungikiye ibihumbi ijana, ambwira ko ndayasiga muhira, ko bazompa ayo nzokoresha nitwagenda."
Abandanya avuga ko yagiye kumenya ko agiye muri RD Congo bahuriye n'izindi mbonerakure 90 hamwe n'abasirikare mw'ikambi ya Camp Chinois iri i Kabezi.
IDHB kandi bagiriza umugambwe CNDD-FDD gutegura ibikorwa bibi bafatiye kw'ijambo ryashikirijwe n'umukuru w'uwo mugambwe Reverien Ndikuriyo yavuze ko "gushika mu 2025 hoba hamaze guhabwa inyigisho nkarishwabwenge imbonerakure zishika 24.000."
Iryo shirahamwe rikaba ribona ko izo nyigisho zijanye no kwitegurira amatora yo mu 2025 hamwe na 2027
Nyinshi mu mbonerakure zimaze kuja muri RD Congo ziva mu ntara za Bujumbura, Bubanza, Cibitoke, Gitega, Kayanza, Kirundo, Muramvya, Muyinga na Ngozi.
Abategura ibokorwa vya gisirikare muri Congo ni bande?
Ico cegeranyo ca IDHB kivuga ko abari kw'isonga mu gutegura ivyo bikorwa vya gisirikare muri RD Congo, ari abakozi b'iperereza Alfred Innocent Museremu na Niyonzima Mathias batazira Kazungu.
Museremu ngo ni we yabazaniye impuzu z'igipolisi hamwe n'ibirato vya plastique, bahabwa itegeko ko muri izo mpuzu bambara ishati gusa canke ipantaro gusa.
Kazungu we avugwa mu nteguro mu manama menshi yabereye muri RD Congo.
Kibandanya kivuga ko abahirahiriye bakabaza igituma bari muri RD congo baca bicwa - izo nkuru ariko ngo bakaba badashobora kuzemeza.
Haravugwa abashika 40 boba barishwe bazira kwanka kuja muri ubwo butumwa bwo muri RD Congo, aho basaba ko babereka urupapuro rubarungika muri ubwo butumwa.
Abaja muri ivyo bikorwa kandi ngo babanza kwakwa ibibaranga n'amaterefone ngendanwa kugira ntibahave bamena ibanga.
Rimwe na rimwe imiryango y'abapfiriye muri RD Congo ntibahabwa uburenganzira bwo kugira imigirwa ijanye n'urupfu.
Ico cegeranyo kivuga ko muri iyo ntambara ihuza abasirikare b'Uburundi n'umuhari wa RED - TABARA ku butaka bwa RD Congo, bafashwa n'imigwi yitwaje ibigwanisho yo muri ico gihugu nka Mai Mai Kijangala na Gumino.
Twagerageje kurondera abategetsi b'Uburundi kugira bagire ico bavuze kuri iki cegeranyo ariko ntiturabaronka.






