Abarundi baja Serbia bagiye kuza barasabwa visa

Urupapuro rw'inzira

Ku rubuga rw'ubushikiranganji bw'imigenderanire ya Serbia n'amakungu handitse ko abarundi badafise igitabo c'inzira c'akazi bategerezwa kubanza gusaba visa imbere yo kuja muri ico gihugu.

Abarundi batari bake na cane cane urwaruka bamaze imisi baja mu gihugu ca Serbia, aho bava binjira mu bindi bihugu vya Buraya.

Bikavugwa ko benshi bagana igihugu c'Ububiligi.

Uburundi na Serbia bifitaniye amasezerano y'uko abanyagihugu bavyo bashobora kuva muri kimwe muri vyo baja mu kindi badasavye visa.

ivyo bikaba biri mu masezerano yemejwe n'inama nshingamateka y'Uburundi mu kwezi kwa gatandatu mu 2020

Urubuga rw'ubushikiranganji bw'imigenderanire ya Serbia n'amakungu

Kompanyi ya Ethiopian, ibiro vy'i Bujumbura, yamaze kumenyesha ama agence adandaza amatike ko kuva ejo ata muntu bazotwara adafise tike.

Mu ndwi iheze imiryango y'abarungitse ababo muri Serbia yarugarije ibiro vya Rwandair i Bujumbura binubira kuba ababo ngo bamaze imisi ibiri muri Qatar batararonka indege ibajana.

Impande zose zahavuye zumvikana.

Ikibazo kubari bamaze kugura tike

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu mezi nk'abiri aheze tike yo kuja Serbia yagurwa hagati y'imiliyoni zitandatu n'indwi.

Ubu itike yari iteye ku miliyoni zirenga cumi na zibiri ku muntu.

Amagence agurisha amatike y'indege ubu ariko aribaza uko bigihe kugenda.

Umwe mu bakozi twavuganye atashatse ko izina ryiwe rimenyekana yagize ati:"Ethiopian yamaze kutubwira ko kuva ejo ata muntu aja muri Serbia adafise visa izotwara.

"Ikibazo kiri ku gusubiza amahera abari baguze tike, aho usanga batazosubizwa amahera yose bivanye na tike baguze kandi ikosa ritabavuyeko."

Yabandanije agira ati:"Ethiopian yo ishobora kubasubiza n'ayo make, ariko Turkish yo handitse ko ata n'urumeya bazobasubiza. Ivyo biragoye gusigurira umukiriya."

Abarundi baja Serbia baca mu gihugu ca Turkia, aho bava bagana Serbia imbere yo guca bafata izindi ngendo zibashikana mu bihugu vya Buraya.

Ibihugu vya Buraya bikaba vyari bimaze imisi vyidoga kubera igitigiri c'abasaba ubuhungiro baciye muri Serbia kibandanya kwiyongera.

Serbia ntabwo ari igihugu kiri mu bigize Ubumwe bw’Uburayi (EU/UE) ariko ibihugu bituranyi byayo nka Hongrie cyangwa Romanie biri mu muryango w’ibyo bihugu bitanga amahirwe y’akazi, imibereho, n’uburenganzira ku mpunzi zibihungiyeho.