Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
'Abanya Texas mu kaga': Ibihuhusi vyashize ahabona ingaruka z'ingingo za Trump ku mafranga yo kurinda ibiza
- Umwanditsi, Kayla Epstein
- Igikorwa, BBC News
Ibihuhusi ruhonyanganda vyaratemye kiratongora mu karere ka Texas itariki 4 z'ukwezi kwa Mukakaro(6), ahaguye imvura yoguye amezi n'amezi mu kiringo c'amasaha make, birandagura ibiti, ivyondo vy'umurengera n'agahinda mu bantu kubera amajana n'amajana y'abapfuye canke baburiwe irengero.
Basubiye kandi kwibanda ku bushobozi bwa reta ya Amerika bwo kugabisha no gukingira abanyagihugu ibiza biturutse kw'ihindagurika ry'ibihe.
Imvura nyinshi n'imyuzure ni vyo biza bivuye kw'ihindagurika ry'ibihe bimaze guhitana abantu benshi muri Amerika kuva ubutegetsi bwa prezida Trump bugabanije amahera y'abakozi mu bigo bibiri bikomeye biraba ihindagurika ry'ibihe: Ishirahamwe ry'igihugu ryitaho ibahari n'ikirere, 'the National Oceanic and Atmospheric Organisation' (NOAA) n'igisata c'igihugu kijejwe kijejwe ihindagurika ry'ibihe, 'National Weather Service' (NWS).
Mu gihe abahinga bavuga ko igisata c'igihugu kijejwe ihindagurika ry'ibihe casohoye imburi ku gihe mu mpera z'iyinga, ako kaga kahitanye abantu benshi ni nko kugabisha ku vyoshika mu gihe ibisata vya NWS na NOAA bitoba bifise abakozi hamwe n'uburyo bukwiye muri kazoza.
"Igisata kijejwe ihindagurika ry'ibihe cakoze akazi gakomeye ku nkuru mufise ngaha. Sinibaza ko kugabanya abakozi vyafashije muri iki gikorwa," nk'uko bivugwa na Andy Hazelton, umuhinga muvyo ihindagurika ry'ikirere yahora akora muri NOAA aho yari ajejwe kwerekana inzira z'ibihuhusi.
'Ariko ibi n'ibintu bishobora gushika kenshi mu gihe igabanurwa ry'amahera muri NOAA ryobandanya, mu gihe abakozi bogenda bagabanuka."
Ico gisaata biza vyaramaze kukigirako ingaruka zikomeye.
Kuva mu kwezi kwa Ruhuhuma(2) idisata kijejwe kugenzura ikirere kimaze gutakaza abakozi boba bashika 600 bivuye ku kwirukanwa gutandukanye, kuja mu karuhuko ko muza bukuru hakiri kare hamwe rero no gutanga imihoho, nk'uko bivugwa na Tom Fahy, umuyobozi ajejwe amategeko mw'ishirahamwe ry'abakozi b'ikigo c'igihugu kijejwe ihindagurika ry'ikirere.
Iryo gabanirwa ry'uburyo ryateye ibibazo mu mpande zose z'ico kigo, nk'uko bivugwa na Fahy, kuva kubajejwe ihindagurika ry'ikirere gushika ku bajejwe ubuhinga muvyo amazi, baminuje muvyo imyuzure.
Agira ati:"Twaratakaje abakozi benshi hamwe n'ubwenge mu kigo c'igihugu kijejwe ihindagurika ry;ibihe."
Ibiro vyinshi mu gihugu bikora bifise abakozi bake bari musi y'abari bahasanzwe bajejwe ihindagurika ry'ibihe, nk'uko Fahy yabibwiye BBC.
Muri rusangi, ibiro vya NWS biba birimwo n'imiburiburi abahinga mwene abo 13 mu bakozi bahakora, ni ko avuga. Ariko ibiro vy'i Goodland, Kansas na Hanford muri Califonia, bimwe vyonse bibura abakozi bashika ku bice 61.5% bajejwe ihindagurika ry'ikirere, nk'uko biri mu biharuro vya sendika y'abakozi NWSEO. Ibiro vya Amarillo muri Texas, bibura abakizi bashika ku bice 30.77%, hanyuma ivyo i Rapid City muri South Dakota ni 46.15%.