Burundi - Amatora: Urunani Burundi bwa Bose ruriyamiriza ivyavuye mu matora y'abashingamateka

Urunani Burundi bwa Bose ruriyamiriza ivyavuye mu matora

Urunani Burundi Bwa Bose ruvuga ko rubabajwe n'ukungene inzira ya dekomarasi mu Burundi iriko irasubira inyuma kubera inenge zaranze amatora aheruka.

Mw'itangazo rwasohoye rwiyamiriza ivyatangajwe n'umugwi ujejwe gutegura amatora CENI, uru runani ruvuga ko rwiyamirije rwivuye inyuma ivyavuye muri ayo matora kuko "biterekana na gato ishaka ryerekanywe n'abarundi mu gihugu cose".

Uru runani rusaba sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro "gutesha agaciro ivyavuye muri ubu busuma busadanzwe."

Rusaba reta y'Uburundi gutegura ayandi matora "yigenga, adakumira kandi yoba mu muco".

Imigambwe Uprona na CNL na yo nyene iriyamiriza ivyavuye muri aya matora, ikavuga ko yabayemwo utunenge twinshi tuyatesha agaciro.

Eka n'ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch, na ryo nyene rivuga ko amatora aheruka mu Burundi "yaranzwe n'ihonyangwa rikomeye ry'uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro n'ubwigenge bwa poritike.

"Abarongoye umugambwe uri ku butegetsi n'urwaruka rwawo barateye ubwoba, barakubagura abanyagihugu bongera bagenzura ibitangazwa n'ibinyamakuru kugira ngo utsinde ata wuwukoreyemwo", ni ko itangazo rya HRW ryo kuri uyu wa 12 Ruheshi (6) rivuga.

Kuri uyu wa 11 Ruheshi, ni ho umurwi ujejwe gutegura amatora watangaza ibiharuro mfatakibanza vy'ivyavuye muri ayo matora, aho umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi waronse 96,51% mu nama nshingamateka mu gihugu cose.

Ni ibiki HRW yabonye?

Ishirahamwe HRW rivuga ko mu misi yakurikiye ayo matora, ryavuganye n'abaharanira uburenganzira bwa muntu mu gihugu, abanyamakuru, abanyagihugu basanzwe hamwe n'umunywanyi w'umuhari Imbonerakure wegukira umugambwe uri ku butegetsi, rikavuga ko bose baribwiye ko iterabwoba ryabandanije rikora imbere no ku musi nyene w'amatora.

"Imbonerakure zahagarara imbere y'ibiro vy'itora zikabwira abantu gutora umugambwe uri ku butegetsi", ni ko HRW ivuga isubiramwo amajambo y'uwari agiye gutora.

"Abari bahagarariye amatora bose bari abo mu mugambwe uri ku butegetsi. Umukuru w'ibiro vy'itora wenyene ubwiwe yantegetse ngo ntore umugambwe uri ku butegetsi."

HRW ivuga ko abantu yabajije kandi mu gisagara ca Bujumbura, mu Cibitoke, Rumonge, Bubanza, Gitega, Makamba na Ngozi na bo nyene bayibwiye ibintu nk'ibi nyene vyabereye mu biro vy'amatora.

Isubiramwo Imbonerakure yayibwiye iti: "Batubwiye gukora ibishoboka vyose kugira ngo abantu batore CNDD-FDD gusa."

Imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi hamwe n'ababibonye babwiye iri shirahamwe ko abaserukiye imigambwe itavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi, abanyamakuru hamwe n'abarorerezi bankiwe kwinjira mu biro vy'amatora, mbere no mu gihe co guharura amajwi.

HRW isubiramwo kandi umunyamakuru yayibwiye ko mu runani rw'amaradio umurwi CENI wabwiye ibinyamakuru "kutavuga ibitagenda neza".

Ubumwe bwa Afrika bwararungitse umurwi w'indorerezi wasohoye itangazo ku wa 7 Ruheshi ushima ukungene ayo matora yabaye "mu mahoro", ugashima ukungene yitabiriwe ku rugero rwo hejuru, "ubwigenge n'umuco" vyayaranze, n'uko abanyamakuru bayakurikiranye.

Ku bwa HRW, "Uyu mwihwezo utandukanye cane n'ingendo ngenderwako y'Ubumwe bwa Afrika ijanye na demokarasi, amatora n'uburenganzira bwa muntu, ishira imbere amatora yizewe, adakumira kandi aba mu muco".

Umugwi w'igihugu ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi CNIDH ariko wo uvuga ko n'aho ayo matora "yaranzwemwo utunenge tumwe tumwe", ko muri rusangi yagenze neza kandi yubahirije amategeko.