Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
'Urwaruka uruzaniye ivyo kuririmba buke buke satani yorugutwara' - Pasitori Cintije aririmba mu mudiho wa Rap
Pasitori Térence Cintije avuga ko uko bavuga Kristu kera atariko bobandanya kubikora kuko "generation y'ubu uyizaniye bimwe vyo kugenda buke buke satani aca abagutwara kuko wewe azi ibigezweho kugira yamamaze ubwami bwiwe."
Abandanya avuga ko mu gihe abakristu batomenya uko bazana ibintu bishasha kugira urwaruka rubarabireko, ngo bosanga Satani yabatwaye, bakanka kwumviriza ubutumwa kubera babuvuze bimwe bisanzwe.
Pasitori Térence Cintije wo mw'ishengero rya Jerusalem yo mu Burundi [Jerusalem du Burundi], avuga ko yatanguye gukunda umuziki kuva akiri umwana.
Amaze 'kwakira Kristu', ngo yaciye afata umuziki nk'igikoresho co gufasha gushira hejuru izina rya Kristu.
Igitangaje n'uko kuva agitangura kuririmba mu rushengero, akoresha umudiho wa Rap, umudiho utamenyerewe cane mu guhimbaza Imana.
Umudiho wa RAP wakiriwe gute mu rushengero?
Agitangura kuririmba muri uyo mudiho, si bose bavyakiriye neza.
Pasitori Cintije agira ati: "Kera bavuga ngo ni aba 'voyou', abantu nyene bo mw'ibarabara... ni abantu ata gakiza bafise bazanye ibintu vya satani mw'ishengero...
"Ariko buhoro buhoro bagiye baratahura."
Ubu bose ngo baratahura ko ingabire zose ziva ku Mana., ko ata ngabire ya satani ihari ahubwo twiga ingene ingabire zose twozikoranya tukazikoresha mu guhimbaza Imana.
Urwaruka rurashima ko pasitori Cintije yaronse impano yo "kuririmba ibijanye n'igihe tugezemwo", nk'uko bivugwa n'umwigeme Consolata.
Abandanya agira ati:"Twebwe turakenguruka uyu musore wacu. Nk'abakristu rero b'aha hantu, turamushigikiye pasitori wacu, Imana ibandanye imusiga ayandi mavuta kandi imuhishurira izindi ndirimbo za Rap."
Uwo mudiho urorohera abatama n'abatamakazi?
"Mu bintu vyose haraba iterambere" , uko ni ko Pasitori Térence Cintije avuga.
Abandanya agira ati: "Ingene bavuga Kristu ubwa mbere, ntibobandanya muri iyo 'style' nyene. Hariho ubundi bwiza tugenda dutambukiramwo, tukagenda turonka irindi hishurirwa rishasha."
Yongerako ko n'abatama banezerwa n'umudiho wa Rap.
Ivyo biremezwa na Pasitori Rose Simbagoye w'imyaka 68.
Agira ati: "Turakurikira gose indirimbo za Rap. Amatwi y'umwe umwe afise ivyo yumva. Bamwe nkumbure bakurikira uwo muziki ukabona bakura amaguru hasi badiha, natwe tugashira umutima k'uco ariko aravuga."
Ku myaka yiwe 68, Pasitori Rose umubajije nimba agishobora kurapa [gutamba uwo mudiho wa Rap], yishura ati: "None ko mba ndiko ndakira Yesu!"
Agirako anaririmba imwe mu ndirimbo ya Rap akunda cane:
"Yezu si umuzimu, Yesu ni muzima,
Yarapfuye arazuka,
Nkiri umwana navuga rwana,
Nkiri umwana, vyose nabona rwana,
Ariko ubu naratahuye,
Natahujwe n'ijambo"