Arsenal isabwa gushira ku ruhande 'inyungu z'amafaranga' ikura muri Visit Rwanda

Agapira ka Arsenal kariko ikirango ca 'Visit Rwanda' ku kuboko kw'i bubamfu

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Visit Rwanda yatanguye kugirana amasezerano na Arsenal mu 2018
    • Umwanditsi, Rob Stevens
    • Igikorwa, BBC Sport Africa

Abafana batari bake ba Arsenal bari mw'isekeza ryo gusaba uwo mugwi wo muri Premier League kutongera igihe amasezerano yawo yo gukorana na Visit Rwanda basavye urwego rutwara aba Gunners ''gushira ku ruhande inyungu z'amafaranga''.

Abo bantu bishize hamwe mu co bise The Gunners for Peace bavuga ko bapfuma babona karitiye ya Tottenham, irimwo umukeba ruhebwa w'uwo mugwi, ari yo igirana amasezerano yo kwamamazwa na Arsenal n'ikirango co ku kuboko hakuba Urwanda.

Amasezarano y'Urwanda yo gukorana n'imigwi ya Arsenal, Bayern Munich na Paris St-Germain yaratumwe urutoke cane kuva aho intambara ikomereye cane mu buseruko bwa Repuburika ya Demokarasi ya Congo, aho abategetsi bavuga ko abantu 700.000 bamaze kwicwa kuva mu kwezi kwa mbere.

Reta ya Congo yagiriza Urwanda guha ibigwanisho umugwi witwaje ibigwanisho wa M23 no kurungika ingabo zija muri Congo kuwufasha kurwana.

''Muri Congo, canke mu banye-Congo, bariko baratabura canke bamatura agace ka Visit Rwanda ku gapira ka Arsenal,'' niko Joe Mbu, yavukiye muri Congo, umwe mu bari muri iryo sekeza yabwiye BBC Sport Africa.

Umunye-Congo Tresor Kudabika, yahinduye agapira kiwe kugira ahari Visit Rwanda ahashire ibendera ry'igihugu ciwe, nawe yemera ko isano n'Urwanda ririko ririca izina ry'uwo mugwi.

''Twarakinye igice ca (Uefa Champions League) kane gishira ica nyuma na Real Madrid. Igihugu cose ca Congo cashigikiye Real Madrid, '' niko avuga.

Gunners for Peace bavuga ko, inyuma y'amatohoza aherutse gukorwa, basanze batandatu ku bafana 10 ba Arsenal bashigikiye ko Arsenal yorangiza amasezerano yayo na Visit Rwanda.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ugukorana kwa Visit Rwanda na Arsenal mu gushira ikirango ku kuboko kw'agapira kwatanguye mu 2018, none amasezerano ahari ubu - abari muri iryo sekeza bavuga ko azorangirana n'uwu mwaka w'inkino - bivugwa ko aciye miriyoni 10 z'amafaranga y'abaongereza (£10m, arenga miriyaridi 18.8 mu mafaranga y'Urwanda) ku mwaka.

Ku ndwi iza, umugwi wo mu Bufaransa wa PSG, uzohura na Gunners mu gice ca kabiri gishira ica nyuma ca Champions League, warongeye ikiringo co gukorana na Visit Rwanda gushika mu 2028.

Iyo ngingo yabaye yirengagije ubutumwa bwo ku mbuga hwaniro bwasaba PSG kurungiza amasezerano yayo, ubutumwa bwateweko umukono n'abantu 75.000.

Mbu na bagenziwe bari muri iryo sekeza bizeye ko uwo mugwi wo mu buraruko bwa Londres nawo utazobigenza nka PSG.

''Nizeye ko bazokora ikibereye. Iciza muri ivyo n'uko twavuganye n'abaserukira Arsenal,'' niko Mbu avuga.

''Ni ryari turaba ko inyungu z'amafaranga zoja ku ruhande hanyuma tukaraba ubuntu bwavyo?

''Hamwe Arsenal yobandanya gukorana na bo [Visit Rwanda] koba ari akamaramaza.''

Arsenal yavuze ko ataco izovuga kw'isekeza rya Gunners for Peace, mu gihe umwe mu bavugizi ba reta y'Urwanda yashigikiye ukorana mu nkino aca avuga ko vyafashije kuzamura ubutunzi bw'igihugu.

Hagati aho, umunyamabanga mukuru w'ihuriro ry'abanafana ba Arsenal mu Rwanda, Arsenal Rwanda Supporters Club, yabwiye BBC Sport Africa ko kuvuga ko abafana ba Arsenal muri rusangi baterekwa ayo masezerano ari ''ugoresha indenzarugero y'uko ibintu biri''.

Ubu vuba Urwanda rwarakiriye isabukuru rw'abafana ba Arsenal muri Afrika, ryahuje abafana bavuye mu bihugu 10.

''Iyo sabukuru yerekanye abanyafrika bashigikiye cane uwo mugwi no gukorana na Visit Rwanda,'' nk'uko bivugwa n'umukuru wa Arsenal Rwanda Olivier Nemeye.

''Amatati ya poritike yigirwa mu nzira z'imigenderanire canke mu mashirahamwe ahuza ibihugu (nka UA canka ONU), si mu gukorana mu mupira w'amaguru.''

Kuki 'Visit Tottenham?'

James Turner and Tresor Kubadika bambaye udupira Arsenal ikinana iyo bayisanze iwabo turiko agatambara ka Gunners for Peace bahagaze imbere y'icapa canditseko ngo 'Visit Tottenham'

Ahavuye isanamu, BBC Sport Africa

Insiguro y'isanamu, James Turner na Tresor Kubadika baratanze udutambara two ku maboko twa Gunners for Peace two gufuka ahari Visit Rwanda ku kuboko kw'agapira k'uwo mugwi

Gunners for Peace batanguye gusohora video yo gutwenza yamamaza ''amabarabara meza'' ya Tottenham imbere y'uko bafukura bagashira ahabona icapa hafi y'ikibuga ca Emirates Stadium kiriko ubutumwa 'Visit Tottenham'.

''Ni ugutebura [urwenya] kurimwo ubutumwa bukomeye,'' bivugwa n'umwe mu babitunganije, James Turner.

''Ico turiko turagerageza gusigura n'uko vy'ukuri tudashobora kwibaza ko hari uwo gukorana yoza ari mubi kurusha Urwanda.

''Biragaragara ko abafana benshi ba Arsenal batokwifuza gukorana na Tottenham.

''Ico dushaka ni ukuronka uwo dukorana abereye neza gusumba indangagaciro z'umugwi [wacu].''

Gunners for Peace kandi yarahaye abafana udutambara two ku kuboko, dushobora gukoreshwa mu gufuka ahahora ikirango ca Visit Rwanda kuri utwo dupira, imbere y'uko haba urukino rwa Arsenal na Crystal Palace rwarangiye ari 2-2 ku wa gatatu.

''Abantu bategerezwa kumva ko bisanzuye mu kwambara udupira twa Arsenal," 'niko Kudabika asigura.

''Ntushobora guterwa isoni no kwambara agapira ka Arsenal kuko kariko Visit Rwanda.''

Gunners for Peace bategekanya kugura utundi dutambara twinshi two ku kuboko imbere y'uko haba urukino rwo gusubiza na PSG muri Champions League ku wa kabiri uza, kandi bariko baravugana n'abafana b'uwo mugwi wo mu Bufaransa barabe ko bokorera hamwe.

Ahandi, Bayern Munich nta gishasha irasohora ku bijanye no gukorana n'Urwanda mu guteza imbere inkino n'ubukerarugendo kuva mu ntango z'ukwezi kwa kabiri, igihe uwo mugwi wo mu Budagi warungika abakozi bawo babiri muri ico gihugu ''kuraba uko ibintu vyifashe''.

Guhagarika intambara no 'guhindura isura y'ubutunzi'

Abagabo babiri bambaye umwambaro wa gisirikare bafise inkoho bahagaze kw'isonga ry'agasozi bacunze ikibanza gicukurwamwo ubutare muri RD Congo, n'uruhererekane rw'imisozi kure

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, M23 bigaruriye agace ka Congo karimwo amabuye y'agaciro menshi

Iyo ntambara imaze imyaka hafi 30 mu buseruko bwa Congo yarakomeye gusumba kuva muri Nzero (ukwezi kwa1) aho M23 yigaruriye ibisagara vya Goma na Bukavu bigatuma haba ubwoba ko intambara ishobora gukwira akarere kose.

Urwanda ruvuga ko ingabo zarwo zivuna ingabo za Congo n'imigwi ikorana na zo, imwe muri iyo rwagiriza uruhara muri jenoside yo mu 1994 mu Rwanda.

Congo yagiriza kandi Urwanda gusahura amabuye yayo y'agaciro, ivyo Urwanda ruhakana.

Ariko, Congo n'abitwaje ibigwanisho barumvikanye guhagarika kugwana gushika ibiganiro vy'amahoro bihagarariwe na Qatar bishitse ''ku musozo''.

Ku wa gatatu impande zompi zatangaje ko zigiye gukora kugira amahoro agaruke inyuma y'ibiganiro vy'indwi irenga vyavuzwe ko ''vyavuga ibintu uko biri kandi vyubaka''.

Urwanda rwagirizwa gushira uburyo mu nkino mu guteza imbere ishusho yabwo mu makungu - umukenyuro abawunegura bita 'sportswashing' [twogereranya no kwiyeza uciye mu nkino].

Uretse amasezerano ya Visit Rwanda, ico gihugu cimirije kwakira ihiganwa ry'isi ryo gusiganwa ku makinga World Road Championships muri Nyakanga (9) ariko amahirwe y'uko cakira isiganwa ry'imodoka zizwi nka Formula1 yo asa n'uko yayoyotse.

Reta y'Urwanda ivuga ko ugukorana mu nkino vyagize uruhara rukomeye mu guhindura ubutunzi bw'ico gihugu kuva mu 1994, kandi ko ibihugu vya Afrika bikwiye kwijukira ico gisata gusumba.

Biciye kuri Visit Rwanda, ubukerarugendo bwinjirije ico gihugu hafi miriyoni 650 z'amadorari mu mwaka uheze, nk'uko umuvugizi yabibwiye BBC Sport Africa.

Kuba Urwanda rwarumvikanye gukorana na Arsenal haraheze imyaka indwi kumbure bishobora kuba bidatangaje, mu gihe umukuru w'ico gihugu, Paul Kagame, ari umufana w'aba Gunners.

Ariko n'aho ibiganiro vy'amahoro bibandanya, Kudabika ashimika avuga ko uwo mugwi ubu ukwiye guhagarika iyo migenderanire.

''Kwambara Visit Rwanda ni ukwibwira abantu ko ataco bitwaye ko abantu bica abantu bo muri Congo,'' niko yavuze.

''Nizeye ko niba Arsenal iha agaciro ingingo zayo ngenderwako izohagarika ibi bintu.''

Abafana babiri ba Arsenal bariko baraca impande y'icapa kivuga ngo: 'Visit Tottenham' mu ndome zanditse mw'ibara ritukura ku kibaho cera. Amajambo yanditse mu ndome ntoya avuga 'Arsenal ni umugwi ukomeye. Dufise ivyo tugenderako'

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Icapa ca Visit Tottenham kiri mu gitutu c'ikibuga ca Arsenal Emirates Stadium