Inzara ku rugi rwa Somalia, ku bwa ONU

Abariko baravoma
Insiguro y'isanamu, Uruzuba ruhanze ihembe rya Afrika ni rwo rwa mbere rukaze mu myaka 40

Inzara iri ku rugi rw'ibice bimwe bimwe vya Somalia, nk'uko vyagabishijwe kuri uyu wa mbere n'uwujejwe ibibazo vy'abari mu kaga, Martin Griffiths.

Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ku murwa mukuru Mogadishu, yavuze ko afise ibimenyetso bifadika ko inzara ishobora gushika mu bice vyo mu bumanuko bwo hagati muri Somalia hagati y'amezi ya Gitugutu (10) na Kigarama(12).

Ivyo abivuze inyuma y'urugendo yagize i Baidoa mu ntara ya South-West muri Somalia- akarere k'ico gihugu kugarijwe kurusha izindi n'uruzuba rugeramiye Afrika y'ubuseruko.

Inyuma y'ibiringo bine vy'imvura itagwa, ico gisagara kiguma cakira abantu ata kintu na kimwe bagisigaranye kubera urwo ruzuba amashirahamwe agereranya ko rwatumye abantu barenga miriyoni imwe bata izabo.

Ayo mashirahamwe avuga kandi ko urwo ruzuba ari rwo mbere rukaze muri ako karere k'ihembe rya Afrika mu myaka 40.

Abantu muri Kenya, Ethiopia na Somalia birabagora kuronka ico bashira ku munwa , mu gihe abantu baharurwa muri miriyoni 22 muri ako karere bashobora kwugarizwa n'inzara ikomeye.

Abateshejwe izabo
Insiguro y'isanamu, Abantu benshi ubu barataye izabo

Kuba ibintu bimeze gutyo biva ku rufatangane rw'imvo zitandukanye, kandi nta kimenyetso c'uko ibintu bitera bimera neza.

Ihindagurika ry'ibihe ni imwe mu mvo zikomeye, mu gihe intambara muri Ethiopia na Sonalia, hamwe n'iduga ry'ibiciro kubera intambara muri Ukraine vyaje gutuma ikibazo gikomera kuruta.