East Africa: Miriyoni 28 bashobora kugeramirwa n'inzara ikabije - Oxfam

Ahavuye isanamu, AFP
Abantu bashika miriyoni 28 muri Afrika y'ubuseruko barashobora kugeramirwa n'inzara ikomeye cane kubera iduga ry'ibiciro bitumwe n'intambara yo muri Ukraine hamwe n'ikena ry'imvura muri uku kwezi kwa gatatu, nk'uko ishirahamwe ry'abagiraneza Oxfam rigabisha.
Kenya, Somalia na Ethiopia vyugarijwe n'ikena ry'imvura rya mbere rikaze mu myaka 40, aho ni mu gihe Sudan y'Epfo yo ihanzwe n'imyuzure, nk'uko Oxfam ibandanya ivuga.
Iryo shirahamwe ryerekana kandi ico ryita ugusamazwa kw'amakungu n'ingwano yo muri Ukraine, ituma hatitabwaho ikibazo c'ikena ry'ivyo kurya mu karere ka Afrika y'ubuseruko.
Itangazo rigenewe ibinyamakuru rivuga ko utwigoro mpuzamakungu two guhangana n'ico kibazo dufise uburyo budahagije na gato kuko ku miriyaridi 6 z'ama dorari ONU ikeneye mu 2022 kugira igarukire ku bari mu kaga muri Ethiopia, Somalia na Sudan y'Epfo, 3% yonyene niyo amaze kuboneka.
Madame Gabriela Bucher, umuyobozi nshingwabikorwa mpuzamakungu wa Oxfam yagabishije avuga ati: "Ibice vya Ethiopia, Kenya, Somalia, Sudan y'Epfo n'ahandi vyimirije guhura n'akaga. N'aho imvura yogwa muri uku kwezi, kwivyukiranya bizoba nk'ibidashoboka kiretse hari igikozwe ubu nyene."
Abandanya ati: "Ingaruka z'ingwano yo muri Ukraine kw'ihererekanywa ry'indya kw'isi zizoshika mu bice vyose vy'isi, ariko abasanzwe bari bakenye n'abafise intege nke nibo zizosesereza cane kuruta abandi kandi vyihuse kuruta."

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ibihugu vya Afrika y'ubuseruko bivana 90% y'ingano bikenera muri Ukraine n'Uburusiya, nk'uko itangazo ribandanya rivuga.
"Kubera uruzuba, indogobwa zacu zarapfuye, izo dusigaranye nazo ziragoyagoya ku buryo zidashobora gukwega intunduguru z'imizigo", ivyo bivugwa na Ahmed Mohamud Omar, umurimyi wo muri county ya Wajiir muri Kenya.
"Nguma nibaza ico umuryango wanje uzorya, aho ico bazorya ejo kizova, niba ejo nzoronka indobo canke ibido y'amazi."










