Uruzuba muri Somalia: 'Gira ico mukoze ubu nyene canke abana 350.000 bapfe'

- Umwanditsi, Na Mercy Juma
- Igikorwa, BBC News, Galkayo
Mu gihe Somalia yugarijwe n'ico abahinga bita uruzuba rwa mbere rukaze cane mu myaka 10, abana nibo bariko barahasinzikarira kurusha abandi. Abavyeyi barakenye ivyo babagaburira, gushika mu kwezi kwa gatandatu, 50% y'abana bafise munsi y'imyaka itanu mu gihugu cose bakaba bashobora kurwara indwara ziturutse ku kubura ico barya.
Nimco Abdi ashize uruyoya rwiwe rw'umukobwa rw'amezi atandatu ku munzani, asanga rupima 4kg (ibiro bine). Ivyo bihakwa kuba munsi y'ibiro uwo mwana yetegerezwa kuba agezeko.
Ni muto cane ugereranije n'amezi afise. Amaso yiwe yararotse, amagufa yiwe ari hejuru, umubiri nawo wuzuye iminkanyari kandi wiraburaniwe. Nimco amuteruye amuvana ku munzani, arira ata nguvu ku buryo uhakwa kutamwumva.
Nimco avuga ati: "Kare nahora ndamwonsa. Ariko nararwaye cane kubera ntagira ico ndya. Aca arananuka cane, nca mfata ingingo yo kumuzana ngaha. Nibura ngaha araronka amata hamwe n'imiti".
Nimco amaze iminsi ashitse ku kigo co gufasha abafise indwara zituruka ku kubura ivyo kurya i Luuq, 500km uvuye Mogadishu muri Somalia yo mu bumanuko bushira uburengero. Yahawe igitanda muri ico kigo, ariko ategerezwa kugisangira n'uwundi muvyeyi.
Ingorane ziwe zifiswe n'abandi bavyeyi benshi ubu bafise ubwoba ko bashobora kubura abana babo kubera kubura ico barya.
"Ata gikozwe, hibazwa ko gushika mu ci ryimirije, abana 350.000 kuri miriyoni 1,4 bababaye cane kubera kubura ico barya mu gihugu, bazoba bapfuye," ivyo bivugwa na Adam Abdelmoula wo mw'ishirahamwe rya ONU rihuza ibikorwa vyo kugarukira abari mu kaga, Ocha.
"Muri iki gihugu, abana bashika 70% basanzwe bataja kw'ishure. Mu ntara imwe ya Juba, uruzuba rwatumye amashure yugarwa kandi ivyo bigiye kugenda gutyo mu ntara nyinshi zugarijwe n'uruzuba," nk'uko abandanya avuga, akongerako ko abana b'abakobwa bamwe bamwe baca barongorwa hataragera kuko imiryango idashobora kubagaburira.
Ibigwati bisigaye bigaragara.
Fatuma Mohamed, umuforomakazi ku kigo ca Luuq co kwitaho abarwaye indwara ziturutse ku kurya nabi, avuga ko ico kigo ku bisanzwe gifise ubushobozi bwo kuryamika abantu 18, ariko ubu hari abana 50 na ba nyina babo.
"Ikiduteye impungenge n'ibitigiri binini turonka. Twarengewe kandi dukoresha uburyo burengeye ubwo dufise. Ubu imiti iraduherana," nk'uko avuga.

Abana bamwe bamwe baba ari ba magoyagi ku buryo bapfira mu nzira.
"Abavyeyi bazana abana bageze kure cane. Kandi benshi baba bacibwamwo uruziruzi kandi barwaye agasama (rougeole/measles)," nk'uko abandanya avuga.
Ico kigo ni nk'ikimemenyetso c'ingene ibintu vyifashe mu Somalia. Urwo ruzuba rumaze gukora ku bantu bangana na miriyoni 4.5. Juba, ari narwo ruzi runini muri Somalia, ubu rusa n'uko ata mazi akirutembamwo.

Ku bwa ONU, abantu 700.000 barataye izabo baja kurondera ico barya n'amazi, vyabo n'ivy'ibitungwa vyabo, kandi ico gitigiri kibandanya kwiyongera.
Haciye ibiringo bine ata mvura igwa, ubushuhe ubu bukaba ari umurengera, 90% vy'igihugu harumye.
Ku mabarabara mu gihugu hagati, uhasanga ibikankara vy'ibikoko - impene, indogobwa n'ingamiya zapfuye. Ibi ni akaga ku banya-Somalia benshi bari batunzwe no kworora hamwe no kugurisha ivyo bitungwa.
Ibiciro vy'ivyo kurya n'amazi vyaraduze cane. Ibigwati ubu biragaragara kuko abantu baguma bagana imicungararo y'ibisagara baja kurondera ahosumba ahandi.
Abasigaye mu bigwati n'abageze mu za bukuru, barindiriye ko imvura igwa, canke ko abakiri bato bagaruka bazanye amazi.
Urwo ruzuba ntirugeramiye Somalia gusa, ruri n'ahandi mu karere k'ihembe rya Afrika mbere no mu bindi bice vya Afrika.
CICR/ICRC (Internationl Committee of the Read Cross) ivuga ko nibura ica kane c'abanya-Afrika bose bahanzwe n'ikibazo c'ivyo kurya.
Hari kandi ikibazo gikomeye c'igitigiri kiguma ciyongera c'abantu bata izabo. Ico kibazo c'inzara kandi gisa n'icibagizwa n'intambara y'Uburusiya na Ukraine, mu gihe utwigoro twose, imfashanyo n'uburyo ubu vyose ari yo bitumberezwa.
Amakambi y'abata izabo akwiragiye mu gihugu cose. Kandi n'ayandi aguma avuka. Bamwe ntibari bwanakire imvune z'uruzuba rwo mu 2017, rwari rwatangajwe nk'akaga mu gihugu imbere y'uko uru rw'ubu narwo rwaduka.
Ntaco barabona
Mw'ikambi ya Galkayo, ibirometero amajana mu buraruko bwa Luuq, Hawa Fargod, umugore afise inda y'amezi indwi, yicaranye n'abana biwe babiri bakiri bato. Akaruri kiwe, co kimwe n'abandi amajana ngaha, kubatswe mu duti kagasakazwa ibitabu vy'imifuko n'impuzu. Iziko ryiwe ntiriheruka kwakamwo umuriro.
Umubanyi wa Hawa Fargod, Hawa Sharif, aravuga ingene yamaze iminsi itatu aja muri iyo kambi ari mu gitwazi gikwegwa n'indokobwa, we n'abana biwe batanu. Iyo ndogobwa ibashikanye mw'ikambi buno nyene yaciye ipfa.
"Iyo ndogobwa yonyene niyo yari igisigaye. Ibindi vyose vyarapfuye".

Urwo ruzuba rwatumye imiryango itatana - abagabo bagiye mu bisagara kurondera ubuzima, abagore n'abana nabo baja aho hose bashobora kuronka imfashanyo.
Amashirahamwe afasha avuga ko hari ikibazo gikomeye c'uburyo. Afise 3% y'ibikenewe kugira afashe mu gihugu.
Agerageza gukwiragiza amakamyo y'amazi, indya hamwe n'imiti. Ariko ivyo ntibishikira bose - kandi mu minsi iza, ivyo ntibizoshoboka kiretse habonetse ubundi buryo.
Mu gihe vyitezwe ko imvura yo muri uku kwezi kwa kane izoba iyibayabaye canke iri munsi y'iyibayabaye, hari ubwoba ko imbere ari habi gusumba.
Kwumva ko ibintu bigiye kuba nabi cane kuruta, ivyo kuri Hawa Fargod nta gishasha kirimwo. Mu gihe we nyene asanzwe arwaye amafyigo, akagira n'umwana arwaye, nta cizere afise kuri kazoza.
Nk'uwihebuye avuga ati : "Mfitiye ubwoba abana banje."
.










