Ububiligi bwarirukanye bamwe mu bakinyi ba Handball b'Abarundi basaba ubuhungiro

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, Umunyamakuru, Bruxelles
Abakinyi birukanywe n’Ububiligi ni batandatu b’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi w’imikangara itarenza imyaka 19 bo mu rukino rw’amaboko rwa Handball, bari basavye ubuhungiro mu Bubiligi.
Barungitswe ku nguvu muri Croatia.
Abo bakinyi bari bahagaritswe itariki ndwi Munyonyo (11) uyu mwaka, mu gihe bari bitavye ibiro vy’abinjira n’abasohoka mu Bubiligi kugira basigure icatumye basaba ubuhungiro muri ico gihugu.
Ni inyuma yo kumara igihe bapfungiwe mu kibanza cabonyene, kiri mu gisagara ca Liège, ku birometero 102 uvuye ku murwa mukuru Bruxelles w'Ububiligi.
Imwe mu miryango iharanira agateka ka zina muntu mu Bubiligi, nka 'Getting the Voice Out' na 'CRACPE', yasaba ko Ububiligi butobarungika muri Croatia kuko ico gihugu kimaze gushirwa mu majwi n’amashirahamwe mpuzamakungu acagiriza kuba mu bihugu bitubahiriza agateka k’abasaba ubuhungiro.
Mu gisata c’abinjira n’abasohoka mu Bubiligi, baguma bemeza ko iyo misore itegerezwa gusubizwa muri Croatia aho binjiriye, ari naho bosabira ubuhungiro nk’uko amasezerano ya Dublin abitegekanya.
Kubirukana vyashizwe mu ngiro ku munsi wa kabiri w’ino ndwi, aho burijwe indege ku nguvu basubizwa muri Croatia.
Ababunganira bavuga ko Ububiligi bwahonyanze amategeko mpuzamakungu ajejwe impunzi.
'Dusavye Ububiligi bwisubireko'
Gordien Niyungeko abafasha mu kubunganira, akaba n’umuhinga mu vy’agateka ka zina muntu, asaba Ububiligi kwisubirako kuko iyo ngingo ngo ishobora gutuma basubizwa mu Burundi, aho avuga ko bashobora kugirirwa nabi.
Yagize ati: "Ububiligi burazi ko Croatia ari igihugu kidatekanye mu bijanye n’agateka ka zina mumtu n’akabasaba ubuhungiro.
"Ivyo birazwi ko bashobora kugirirwa nabi canke bagasubizwa mu Burundi aho bogirirwa nabi gusumba, na burya baje bahunga.
"Ni co gituma dusavye Ububiligi bwisubireko kuko ingingo bwafashe irateye ubwoba, iranahonyanga agateka ka zina muntu n’akabasaba ubuhungiro."
BBC Gahuzamiryango yavuganye n’igisata c’abinjira n’abasohoka mu Bubiligi, aho cemeje ayo makuru mu majambo make bishuye BBC Gahuzamiryango. Bavuze ko hisunzwe amategeko.
Abo bakinyi ba Handball b'umurwi nserukiragihugu w’Uburundi w'abatarenza imyaka 19, batorotse itariki 9 Myandagaro (8) uyu mwaka, ubwo bari bitavye inkino z'igikombe c'isi cabera muri Croatia.
Bari basavye ubuhungiro mu Bubiligi muri Nyakanga (9).
Mu murwi w’abakinyi 12, 10 bari baratorotse aho bari bashikiye mu gisagara ca Rijeka mu burengero bwa Croatia, ubwo bari basigaje gukina inkino zibiri kugira barangize ihiganwa.










