Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Centrafrique ivuga ko indege mvamahanga yateye ingabo zayo
Reta ya Centrafrique ivuga ko indege bitazwi igihugu yavuyemwo yateye ikambi ya gisirikare mu gisagara ca Bossangoa.
Hari amakuru atandukanye avuga ko muri ako karere habaye intambara hagati y'ingabo za reta n’umuhari w’inyeshamba, Coalition des Patriotes pour le Changement.
Itangazo rya reta rivuga ko iyo ndege yateye kandi amabombe ku kirindiro c’incuti – ijambo rikunze gukoreshwa mu kuvuga abacangero b’Abarusiya – imbere y’uko itera ija mu buraruko.
Rivuga ko hari ivyononekaye ariko ntirivuga nimba hari abapfuye canke abakomeretse.
Iki gitero ntikirashobora guhinyuzwa mu nburyo bwigenga.
Hari abarwanyi baharurwa mu majana bo muri wa muhari w’abacangero Wagner wo mu Burusiya basanzwe bafasha igisirikare ca Centrafrique mu ntambara yaco n’inyeshamba.