Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Nta gahengwe mu bitero vy'amadrone, mu gihe Amerika n'Uburusiya biri mu biganiro i Riyadh kuri Ukraine
Intumwa za Reta Zunze Ubumwe za Amerika n'iz'Uburusiya ziri i Riyadh, umugwa mukuru wa Arabia Sawudite, mu biganiro bifise intego yo kurangiza intambara hagati y'Uburusiya na Ukraine.
Ni inyuma y'ibindi biganiro vyabaye hagati ya Amerika na Ukraine mw'ijoro ryakeye muri ico gisagara nyene, ibiganiro intumwa za Ukraine zivuga ko wari umubonano "ngirakamaro kandi itumbereye".
Ni mu gihe Perezida Donald Trump wa Amerika avuga ko ari we wenyene ashobora "gutesha" Putin.
Ku wa gatandatu mw'ijoro, avugana n'umunyamakuru Clay Travis ari mu ndege Air Force One irerura umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Perezida Trump yamubwiye ko ata wundi muntu n'umwe kw'isi ashobora gutesha Putin "kiretse jewe".
Muri ico kiganiro, agira ati: "Ndibaza ko nzoshobora kumutesha".
Yongerako ati: "Twaragiranye ibiganiro vyiza cane, kandi nshaka kubona abantu baretse kwicwa."
Ni mu gihe Uburusiya na Ukraine bibandanya guterana bikoresheje za ndege zitajamwo abadereva (drone), aho igisirikare ca Ukraine kirwanira mu kirere kivuga ko mw'ijoro ryakeye Uburusiya bwarungitse 99, kigakororamwo 57, izindi 36 zikaba zitashitse aho zari zirungitswe. Ariko ntikivuga ivy'izindi zitandatu zisigaye.
Intara za Kiev, Kharkiv, Sumy, Kirovograd hamwe na Zaporizhia ni zo zatewe.
Abategetsi bavuga ko ibitero vyo ku mugoroba w'ejo ku wa Mungu vyahitanye abantu batatu, abandi batari bake barakomereka.
Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine avuga ko ibi bitero vyabaye "akamenyero buri musi" kandi ko ari nkenerwa ko "amakungu atera igitsure gishasha kuri Moscou" kugira ngo iyi ntambara ihagarare.
Hagati aho, Uburusiya nabwo buvuga ko bwakoroye izi ndege zitajamwo abadereva 28 za Ukraine zarungitswe gutera ku butaka bwabwo, mu ntara za Rostov, Voronezh, Belgorod na Bryansk.
Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi buvuga ko muri zo harimwo 12 zakororewe hejuru y'intara za Bryansk na Rostov, zibiri nazo zikororerwa mu ntara ya Crimée/Crimea yigaruriwe n'Uburusiya kuva mu 2014, imwe nayo igakororerwa mu ntara ya Krasnodar, iyindi nayo hejuru y'ikiyaga (inyanja) Azov.
Igisirikare ca Ukraine kivuga ko cisubije ikigwati mu ntara ya Luhansk
Mu yandi makuru kuri iyi ntambara nyene, ingabo za Ukraine zirwanira ku butaka zivuga ko zisubije ikigwati co mu ntara ya Luhansk iri mu buseruko bw'igihugu.
Mu butumwa cacishije ku rubuga rwa Telegram, kivuga ko cabohoje ikigwati ca Nadiya mu ntambara yamaze amasaha 30, kandi ko bisubije akarere kangana n'ibirometero kwadarato bitatu, aho cerekana na videwo y'ingwano, harimwo iya vya bimodoka vy'intambara bitamenwa n'amasasu asanzwe.
Gusa iyi videwo ntirashobora guhinyuzwa n'uruhande rwigenga.
Mu misi ya mbere y'ino ntambara, Uburusiya bwigaruriye intara yose ya Luhansk, imwe mu ntego nyamukuru ya Perezida Putin mu gitero ciwe kuri Ukraine.
Gushika ubu, igice kinini kiracari mu minwe y'igisirikare c'Uburusiya.
Ukraine yasambuye za kajugujugu z'Uburusiya mu ntara ya Belgorod
Ingabo zishinzwe ibikorwa bidasanzwe za Ukraine (Special Operations Forces, SSO) zivuga ko zasambuye kajugujugu zine zari zibitswe ahantu hihishije mu ntara ya Belgorod y'Uburusiya.
Izi ngabo za SSO zivuga ko ibisasu vya misire vyo mu bwoko bwa Himars bihingurwa na Amerika, ibisasu bitekeye n'utundi dusasu dutoduto, vyakoreshejwe mu gusambura kajugujugu z'intambara zibiri zo mu bwoko bwa Ka-52 hamwe n'izindi zibiri zo mu bwoko bwa Mi-8 zunguruza ingabo.
Nk'uko biri muri iri tangazo, izi kajugujugu zarakoreshejwe mu gutera ingabo za Ukraine.
Ibisasu vya misire vyo mu bwoko bwa Himars biraswa hifashishijwe igendereza ritangwa na Amerika, bikavugwa ko Ukraine yagize ingorane kw'ikoreshwa ryavyo kubera ingingo Amerika iherutse gufata yo guhagarika vy'agateganyo ubufasha iha Ukraine mu vy'igendereza.