'Vyose vyarangiye': Ingabo za Ukraine ziravuga ingene zataye ibirindiro vyazo muri Kursk mu Burusiya

    • Umwanditsi, Jonathan Beale
    • Igikorwa, BBC News
    • Yakoze inkuru ari, Ukraine
    • Umwanditsi, Anastasiia Levchenko
    • Igikorwa, BBC News
    • Yakoze inkuru ari, Ukraine

Ingabo za Ukraine zarwana mu ntara ya Kursk iri mu Burusiya ziravuga ibintu vyabaye nk'uko ari "firime iteye ubwoba", igihe bariko barasubira inyuma bava ku rugamba.

BBC yaronse amakuru menshi atangwa n'ingabo za Ukraine, zivuga "amahano" zaciyemwo igihe zariko zirasubira inyuma imbere y'umuriro w'Uburusiya, ibikoresho vya gisirikare vyaturiwe hamwe n'urutavanako rw'ibitero vy'indege z'Uburusiya zitagira abadereva zakubita zikuzako.

Aba basirikare bavugiye ku mbuga hwaniro bahawe ayandi mazina mu ntumbero yo gukingira imyidondoro yabo. Bamwe baravuga ukungene Ukraine yatakaje Sudzha, igisagara ca mbere kinini yari yigaruriye.

Kubera Ukraine ibuza ingendo zo ku rubuga rw'intambara, ishusho nyayo y'ingene ibintu bimeze ntishobora kuboneka. Ariko uku ni ko abasirikare batanu batubwira ivyabaye.

Volodymyr: 'Amadrone aguma acanacanako'

Ku wa 9 Ntwarante (3), "Volodymyr" yarungikiye BBC ubutumwa ku rubuga rwa Telegram avuga ko yari akiri i Sudzha, aharangwa ubwoba ku rwasiro rwariko rurasenyuka.

Ingabo za Ukraine "ziriko zigerageza kuvayo – imirongo y'ingabo n'ibikoresho. Bimwe muri vyo vyatuririwe mw'ibarabara n'amadrone y'Uburusiya. Nta muntu ashobora kuvayo ku murango".

Inzira imwe hagati ya Sudzha mu Burusiya n'intara ya Sumy yo muri Ukraine ni yo yonyene yacishwamwo uburyo hamwe n'ingabo.

Volodymyr yavuze ko hari haciye ikiringo kingana n'ukwezi umuntu ashobora guca muri iyi nzira ata nkomanzi. Avuga ko gushika ku wa 9 Ntwarante wari "umuriro gusa – amadrone acanacanako. Mu munota umwe gusa, ushobora kubona amadrone abiri canke atatu. Ayo ni menshi".

Ati: "Ibikoresho vyacu vyose biri kuri iri barabara Sudzha-Sumy. Kandi bose barazi ko [Abarusiya] bariko barondera kurica. Ariko kandi abakomanda bacu batewe batiteguye".

Igihe iyi nkuru yandikwa, hasigaye akanya gato gusa ngo Uburusiya bwisubize Sudzha, Volodymyr yavuga ko ingabo za Ukraine zariko zisatirwa ku mpande zitatu.

Maksym: Ibisigarira vy'amamodoka bisanzagaye ku mabarabara

Gushika ku wa 11 Ntwarante, ingabo za Ukraine zariko zirwana kugira ngo umwansi ntahave aca iri barabara, nk'uko biri mu butumwa bwo kuri Telegram bwa "Maksym".

"Mu misi mike iheze, twategetswe kuva ku birindiro vyacu dusubira inyuma nk'uko vyari vyateguwe", niko avuga, akongerako y'uko Uburusiya bwari bwegeranije ingabo nyinshi cane kugira ngo zigarurire iki gisagara, "harimwo n'igitigiri kinini c'ingabo za Korea ya Ruguru".

Abahinga ba gisirikare bavuga ko Uburusiya bwari bwegeranije ingabo zishika 70.000 mu ntumbero yo kubohoza Kursk – harimwo iza Korea ya Ruguru zababa 12.000.

Uburusiya kandi bwari bwarungitse ku rubuga rw'intambara amadrone karuhariwe kandi ko bwariko bukoresha ay'ubwiyahuzi n'ayerekana ikibiriraho amashusho yo ku rwasiro, ikizwi nka FPV, "mu gucungera neza amabarabara makuru makuru acishwamwo uburyo".

Muri ano madrone, harimwo ayakoreshwa hakoreshejwe intsinga za fibre optique - izi zikaba zidashobora guhubishwa n'ubuhinga bwa elektroniki.

Maksym avuga ko kubera ibi "umwansi yashoboye gusambura ibikoresho bitari bike", kandi ko ibisigarira vyavyo vyari "vyazibiye amabarabara".

Anton: Akajagari mu gusubira inyuma

"Anton" avuga ko ivyabaye kuri uwo musi, ku wa 11 Ntwarante, vyari "akaga".

Uno musirikare agira gatatu BBC yavuganye na we yariko akorera ku cicaro gikuru c'ingabo z'i Kursk.

Na we nyene yerekanye amahano batewe n'ano madrone ya FPV y'Uburusiya. Ati: "Twarigeze kuba tubarengeye cane mu vy'amadrone, ubu twararushijwe". Avuga kandi ko Uburusiya bwiganziye ikirere kubera ibitero ntahusha vyo mu kirere n'igitigiri c'umurengera c'ingabo.

Anton yavuze ko inzira zabashikanira uburyo zari zazibiwe. "Uburyo ntibukidushikira – ibirwanisho, amasasu, indya n'amazi nta buryo bukihari bwo kubishikana".

Anton yavuze ko yashoboye kuva i Sudzha n'amaguru, mw'ijoro – "Twahatswe kwicwa incuro nyinshi. Amadrone aguma azunguruka mu kirere."

Uno musirikare yavuze ko vyaboneka ko Ukraine yari gutakaza akarere kose yigaruriye muri Kursk ariko ko "umuntu yihweje mu bijanye n'igisirikare, uburongozi bwa Kursk bwari bwarushe. Ntaco vyari bikimaze kurondera kuyiguma".

Abategetsi bo mu bihugu vy'Uburengero bavuga ko Ukraine yari yarungitse ingabo zababa 12.000 muri Kursk. Zari ingabo zimenyereye cane urugamba, zifise n'ibirwanisho bikomeye vyatanzwe n'ibihugu vy'Uburengero, harimwo n'ibimodoka vy'intambara bitamenwa n'amasasu (chars/tanks) asanzwe hamwe n'izindi za burende.

Abarusiya bandika amakuru ku mbuga ngurukanabumenyi berekanye bimwe muri ibi bikoresho vyaturiwe canke vyafashwe. Ku wa 13 Ntwarante, Uburusiya bwavuze kobufise "ibintu mu minwe" muri Kurskkandi ko Ukraine "yataye" vyinshi mu bikoresho vyayo.

Dmytro: Habuze gato ngo dupfe

Mu butumwa yacishije ku mbuga hwaniro ku wa 11-12 Ntwarante, umusirikare wa kane, "Dmytro" yagereranije ukuva ku birindiro vyabo "na firime iteye ubwoba".

"Amabarabara yari yuzuye ibimodoka bitamenwa n'amasasu asanzwe n'ibindi bimodoka vy'intambara vyaturiwe. Hari benshi bakomeretse n'abapfuye."

Avuga ko imodoka akenshi zirukwako n'igifyo c'amadrone.

Aravuga ukungene yahatswe igihe imodoka yarimwo yashaya. We na bagenziwe bariko bagerageza kuyishayura igihe yaterwa n'iyindi drone.

Yarayihushije, ariko ikomeretsa umwe mu bo bari kumwe. Yavuze ko vyabaye ngombwa ko bahunga bakaja kwinyegeza mw'ishamba, aho bamaze amasaha abiri imbere y'uko barokorwa.

Dmytro yavuze ko benshi mu ngabo za Ukraine basubiye inyuma n'amaguru, aho wasanga bagenda ibirometero 15 canke 20. Yavuze ko ivyo bintu vyari bibi ku rugero rutagira izina.

Mu butumwa yarungitse ku wa 14 Ntwarante, Dmytro yongeyeko ati: "Vyose vyarangiye mu ntara ya Kursk... igikorwa nticagenze neza".

Avuga ko ibihumbi n'ibihumbi vy'abasirikare ba Ukraine bapfuye kuva igihe bajabuka ubwa mbere baja mu Burusiya muri Myandagaro (8).

Artem: 'Twarwana nk'intare'

Umusirikare wa gatanu yumvikana nk'uwutarihebura ku kuntu ibintu vyari bimeze. Ku wa 13 Ntwarante, "Artem" yarungitse ubutumwa kuri Telegram avuye mu bitaro vya gisirikare, aho yariko aravurirwa ibikomere yatewe n'ibisigarira vy'ibisasu mu gitero ca drone.

Artem yavuze ko yariko arwanira hirya mu burengero – hafi y'ikigwati ca Loknya, aho ingabo za Ukraine zari mu rugamba rudasanzwe kandi zirwana "nk'intare".

Wewe yemeza ko ico gitero cari cashitse ku ntego zimwe zimwe.

Ati: "Ni vyiza ko gushika ubu ingabo za Ukraine zashizeho aka karere ntavogerwa, ivyatumye Abarusiya badashobora kwinjira muri Sumy".

Uraine ihagaze gute ubu mu gitero cayo muri Kursk ?

Umukuru w'ibiro bikuru vy'igisirikare ca Ukraine, Oleksandr Syrskyi, ashimangira ko ingabo za Ukraine zasubiye inyuma zikaja ku birindiro bitekanye gusumba, ko zizoguma i Kursk, kandi ko bizobandanya uko "mu gihe cose bizoba bibereye kandi bikenewe".

Avuga ko Uburusiya bwatakaje abarenga 50.000 muri ico gitero – harimwo abapfuye, abakomeretse n'abafashwe.

Hagati ato, ibintu biratandukanye n'ukungene vyari bimeze muri Myandagaro umwaka uheze. Abahinga mu vya gisirikare bavuga ko bibiri vya bitatu vy'akarere kangana na kirometero kwadarato (km2) 1000 ingabo za Ukraine zari zigaruriye mu ntango vyabohojwe n'ingabo z'Uburusiya.

Amahirwe y'uko Ukraine yokoresheje ubutaka yari yafashe muri Kursk ku nyungu zayo asigaye ku rushi.

Mu ndwi iheze, Perezida Volodymyr Zelensky yavuze ko yizera ko igikorwa ca Kursk "cashitse ku ntego yaco", iyi nayo ikaba yari iyo guhatira Uburusiya gukura ingabo mu buseruko kugira ngo Pokrovsk itezurirwe.

Ariko ntibiramenyekana neza ko ivyahononekariye.