SADC n'Ubumwe bwa Bulaya babona ko amatora yo muri Tanzania atabaye mu muco

Uwutora

Umurwi w'intumwa z'ishirahamwe ry'ubutunzi rihuza ibihugu vya Afrika y'Ubumanuko (SADC) umenyesha ko amatora rusangi aheruka muri Tanzania atashitse ku rugero rwa demokarasi rw'iri shirahamwe, kubera ugutera ubwoba indongozi z'imigambwe itavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi, kubuza abantu uburenganzira bwabo, hamwe n'igipfungu vyaranze aya matora.

Mw'itangazo bashikirije abamenyeshamakuru, uwo murwi uvuga ko naho umunsi w'amatora waranzwe n'amahoro mu bice vyinshi, "ahantu henshi, abatora ntibashoboye kugaragaza mu bwigenge ishaka ryabo rya demokarasi."

Iryo tangazo rivuga ko ayo matora "atarimwo ibiranga amatora yubahiriza amategeko ngenderwako ya SADC yo mu 2021 ashira imbere demokarasi, nka kimwe mu bifatirwako kugira amatora avugwe ko yabaye meza kandi mu bwigenge, yongere yizerwe mu bihugu bigize iri shirahamwe.

Uwo murwi kandi watangaje ko abiyamamaza mu migambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi batotejwe, barafatwa, abandi baraterwa ubwoba, harimwo n'uko umwe mu barongoye abatavuga rumwe n'ubutegetsi, Tundu Lissu, apfunzwe yagirizwa ivyaha vy'uguhungabanya umutekano.

SADC yavuze ko ivyo bikorwa bisubiza inyuma demokarasi ishingiye ku migambwe myinshi muri Tanzania, kandi bibuza abanyagihugu kugira inyota yo kwitaba amatora.

"Ivyo vyatumye haba ubusumbane hagati y'abiyamamaza, bigabanya ubushobozi bw'abatora bwo gufata ingingo y'ukuri," niko itangazo ryavuze.

Uwo murwi kandi wagaragaje impungenge zikomeye kw'ihonyangwa ry'uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro, harimwo n'igenzurwa rikomeye ry'ivyandikwa, n'amakuru aboneka ku mbuga ngurukanabumenyi.

Kuva ku munsi w'amatora, urubuga rwa internet rwarugawe, ivyatumye itumatumanako rihagarara, binatuma ibikorwa vy'abari barungitswe gukurikirana amatora bihungabana. Kuva uwo munsi, imbuga ngurukanabumenyi n'ubutumwa bwo mu masanamu ntivyashobora gukoreshwa.

Uru rubuga rwa internet rwagiye gusubira kwugururwa amasaha make inyuma y'aho Perezida Samia Suluhu Hassan arahiriye acungerewe cane.

Ku bijanye n'ukumenyesha amakuru, SADC yavuze ko ibinyamakuru vya reta vyafashije cane umugambwe uri kubutegetsi, mu gihe ibinyamakuru vyigenga bitakoze cane kubera gutinya ingingo vyoshobora gufatirwa inyuma y'amatora.

'...Amabwirizwa adutegeka ico dukora turayanse'

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

SADC yanditse iti: "Dufatiye ku vyo umurwi wacu wabonye, kandi dufatiye ku kungene icegeranyo cawo categuwe, SADC ibona ko amatora rusangi yo mu 2025 muri Tanzania atashitse ku rugero rw'amatora ya demokarasi".

Tanzania ni kimwe mu bihugu vyashinze iri shirahamwe ry'ubutunzi rihuza ibihugu vya Afrika y'Ubumanuko (SADC).

Mu barungitswe gukurkirana amatora muri Tanzania, harimwo intumwa z'Ubumwe bwa Afrika (UA), umuryango w'ibihugu vy'akarere k'ibiyaga Binini (CIRGL), SADC, hamwe n'Ishirahamwe rya Afrika y'Ubuseruko (EAC), be n'abandi bavuye mu bice bitandukanye vy'isi.

Hagati aho, amasaha make inyuma y'aho Perezida Samia Suluhu arahiriye ikiringo kigira kabiri nk'umukuru w'igihugu ca Tanzania, yashimiye ayo mashirahamwe ku ntererano yayo, ariko ko atari uko ivyo bashikirije vyose bitegerezwa gushirwa mu ngiro, akagira ati: "Tanzania ubwayo ni yo yo nyene ifise uburenganzira bwo kwihitiramwo ivyokorwa".

Yavuze ibi yisunze amajambo yavuzwe na Prezida Benjamin Mkapa mu 2000 igihe yarahira kuba umukuru w'igihugu, ashimira intumwa zari zagiye gukirikirana amatora, nazo nyene zigashikiriza intererano zayo, aho yagize ati:

"Turashimiye abaje gukurikirana ingene amatora yagenze bavuye hanze y'igihugu. Igihe badukeza, twaravyakiriye twicishije bugufi. Twarumvise kandi n'abiyumvira ko atagenze neza, kandi natwe hari ivyo twabonye, ariko amabwirizwa adutegeka ico dukora turayanse".

Prezida Samia Suluhu yarongeye avuga ko ata muntu n'umwe ari intungane rwose, kuko nta muntu mw'isi atagira aho ananirwa.

Ubumwe bwa Buraya (EU) na bwo nyene bwagaragaje impungenge zikomeye ku bibazo vyahabaye, buvuga ku bikorwa vy'uruhendo, guhagarika internet, hamwe n'ukutagenda neza kw'amatora.

Mw'itangazo ry'iri shirahamwe, Ubumwe bwa Buraya buvuga ko butewe impungenge nshinshi n'amakuru y'abishwe n'abakomeretse bikomeye, bugasaba impande zompi kwigumya.

Busaba kandi "irekurwa ry'abanyapolitike bafashwe, hamwe n'amatohoza y'ukuri kandi yimbitse ku makuru avuga abanyurujwe, ababuriwe irengero hamwe n'ubugizi bwa nabi".

Uwo murwi wasavye Reta ya Tanzaniya gushiraho amategeko atomoye, harimwo kwemerera abiyamamaza ku giti cabo, guha ubushobozi ubutungane gusuzuma ivyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu, kukingira abagenzuzi b'amatora, no gutuma urwaruka rushobora kugira uruhara mu bikorwa vya poritike.

Ku rundi ruhande, Umukuru w'urwego rurongoye Ubumwe bwa Afrika, Mahmoud Ali Youssouf, yavuze ko yakiriye ivyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu muri Tanzania, anakeza Perezida Samia Suluhu Hassan ku ntsinzi yiwe.

Ariko yavuze ko ababajwe n'abapfiriye mu ntureka zandurutse kuri aya matora, agatera akamo abategetsi kubungabunga uburenganzira shingiro n'ubwigenge, harimwo uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro n'ubwo gukora amakoraniro, hisunzwe amategeko. Asaba kandi abanyagihugu gukoresha uburenganzira bwabo mu mahoro kandi mu buryo bubereye.

Ku musi w'amatora n'imisi yakurikiye, Tanzania yaranzwe n'intureka, cane cane mu bisagara bimwe bimwe, harimwo na Dar es Salaam, aho mbere yashizwe mu mategeko yo kuguma mu nzu kuva isaha cumi na zibiri z'umugoroba gushika isaha cumi na zibiri z'igitondo.

Ali Youssouf yavuze ko Ubumwe bwa Afrika bwiyemeje "gushigikira abanyagihugu na reta ya Tanzania mu twigoro twabo two kubungabunga amahoro, ubumwe bw'igihugu na demokarasi".