'Intureka zirangirira mu gupimana inguvu' - Samia ahejeje kurahira

Suluhu ariko ararahira

Ahavuye isanamu, Samia Suluhu @SuluhuSamia

    • Umwanditsi, Bernard Bankukira
    • Umwanditsi, na Chançard Abimana

Perezida Samia Suluhu Hassan wa Tanzania mu ijambo ryiwe ahejeje kurahira, yavuze gato ku ntureka zatanguye ku munsi w'amatora avuga ko zatosekaje isura y'igihugu ciwe.

Samia yarahiriye ikiringo kigira kabiri nk'umukuru w'igihugu inyuma y'intsinzi mu matora yabaye ku ndwi iheze aho yatahukanye amajwi 98%.

Ibirori vyabareye ku mugwa mukuru wa poritike, Dodoma, mu kibuga ca gisirikare, aho abanyagihugu batari batumiwe.

Samia Suluhu Hassan yemereye abanyagihugu ba Tanzania ko azokora uko ashoboye kwose kugira ngo igihugu ciwe kibandanye mu bumwe bwamye bukiranga.

Naho amatora yakurikiwe n'intureka ubu bivugwa ko zaguyemo abantu batari bacye, Samia yavuze ko we n'abandi bakandida bitoza 16 bahiganywe mu mahoro n'umutekano, asaba abanyagihugu ko basubira ku kivi inyuma y'imyiyamamazo yabaciyemwo imigwi.

Mu gihe Tanzania yari izwi nka kimwe mu bihugu birangwamwo ituze, amatora yaranzwe n'imvururu cane cane mu bibisagara bimwe bimwe, izo mvururu yazivuzeko gato mu ijambo ryiwe uyu musi.

Ati: "Abantu bose twipfuriza ineza iki gihugu, turababajwe cane n'ibikorwa vyo guhungabanya amahoro, kwica abantu no kwonona amatungo y'igihugu n'ay'abanyagihugu ku giti cabo mu turere tumwe tumwe hano mu gihugu cacu, cane cane mu bisagara".

"Ivyabaye ntibijanye n'ishusho be n'ingendo iranga Tanzania, kandi si ubutanzania."

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Yavuze kandi ko badatangazwa no "kubona benshi mu rwaruka rwinshi rwafashwe kubera izi ntureka bavuye hanze ya Tanzania", aca asaba inzego zibijejwe gukora amatohoza yimbitse.

Kuba urwaruka rwafashwe muri izo ntureka ruva hanze ya Tanzania nta kimenyetso kibihamya yerekanye.

Yateye akamo inzego zijejwe umutekano ku rwego rw'igihugu, hamwe n'izo ku rwego rw'intara n'uturere, gukora ibishobka vyose kugira ngo ubuzima bw'abanyagihugu busubire uko bwahora.

Samia yasubiyemwo ivyari vyavuzwe na Prezida Evariste Ndayishimiye w'Uburundi na Perezida Hakainde Hichilema wa Zambia mu majambo yabo bashikirije, aho bibukije ko amahoro atagira ikiguzi kandi ko ata n'umwe bishobora kuzanira ineza.

Ati: "Ndagabishije, nk'umuvyeyi, abo bose bakokeje uguhungabanya amahoro, nshaka ko batahura ko intureka n'uguhungabanya amahoro birangirira mu gupimana inguvu n'ubushobozi bwo kwivuna, ariko ibiganiro bivyara ugufatana mu nda, rero duhitemwo ibizana akarusho kuri twebwe.

"Imyiyerekano, imvururu n'uguhungabanya amahoro bitera ububabare, kandi nta co bitumarira twebwe canke uwundi muntu uwo ari we wese."

Perezida Samia Suluhu ahejeje kurahira, yashikirijwe icumu n'inkinzo nk'ibimenyetso vyo gukingira igihugu

Ahavuye isanamu, Samia Suluhu @SuluhuSamia

Insiguro y'isanamu, Perezida Samia Suluhu ahejeje kurahira, yashikirijwe icumu n'inkinzo nk'ibimenyetso vyo gukingira igihugu

Hakainde 'yasavye Samia' kumviriza n'abatamutoye

Imbere y'aha, Perezida Ndayishimiye yari mu bitavye ibi birori yakeje cane Abatanzania ku kuntu "amatora aheruka yabaye mu mahoro".

Yagiriyeko ashimira mugenziwe, Umukuru w'igihugu ca Tanzania, Samia Suluhu Hassan, avuga ingene igihugu ca Tanzania camye cerekana ubukerebutsi n'ubumwe kuva kironse intahe y'ukwikukira.

Yamenyesheje ko Uburundi buzokwama bufitaniye ubucuti n'imigenderanire myiza na Tanzania mu bikorwa vyose vy'iterambere. Yibukije kandi ko "amahoro atagira igiciro" , ashima ingene Tanzania yamye ari akarorero mu kubungabunga amahoro n'ituze mu karere.

Inyuma yiwe, umukuru w'igihugu ca Zambia, Hakainde Hichilema, yashimiye Perezida Samia hamwe n'abanyagihugu ba Tanzania ku kuntu igihugu cabo camye ari akarorero mu mahoro n'ugusubiza hamwe kuva mu myaka ya 1960.

Yamenyesheje ko igihugu ciwe ca Zambia kizokwama cifatanya n'abandi mu gukomeza amahoro n'umutekano mu karere kose.

Yahimirije Abatanzania hamwe n'umukuru w'igihugu kubandanya baganira mu gukemura amatati biciye mu biganiro.

Yagize ati: "Nashaka nsabe abanyagihugu ba Tanzania bose, baba ababa mu mazinga ya Zanzibar, Pemba n'ahandi hose, yuko ivyiza mumaze imyaka myinshi mwishimira, bikeneye gukingirwa uko vyoba kose.

"Nimba dufise ingorane, nimba dufise akangonongono, tuje hamwe ku meza imwe y'ibiganiro".

Yasavye kandi ko intwaro yobandanya kwumviriza bose, harimwo n'abatayitoye, kugira igihugu kibandanye mu bumwe n'iterambere.