Umumenyereza wa Maroc ati ‘Africa izotsindira igikombe c’isi mu myaka 15-20’

Ahavuye isanamu, Getty Images
Afrika izotsindira igikombe c’isi yose “mu myaka 15-20”, niko umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu wa Maroc Walid Regragui avuga, akaba ari na we mumenyereza wa mbere wa Afrika ahatswe gushika kuri iyo ntumbero.
Barongowe na Regragui, Les Lions de l'Atlas, babaye umurwi wa mbere wo ku mugabane wa Afrika ushitse mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi, aho bagiye gukurwamwo n’Ubufaransa buhejeje ihiganwa muri mu kibanza ca kabiri.
Uyu mumenyereza w’imyaka 47 yizeye ko Afrika izoronka akarusho mu myaka iri imbere, aho izoba iserukirwa n’ibihugu birenga bitanu ku ncuro ya mbere kuva mu 2026 no kubandanya.
Regragui ati: "Mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi kiri imbere, tuzoba dufise ibibanza icenda, ibi bikazodufasha kwiga gusumba.
"Mu myaka 15-20, ndazi neza ko umurwi wa Afrika uzotsindira igikombe. Kuko igihe cose tuzokwama tuhigira vyinshi, rero urwaruka rwacu ruzoba rufise mu maraso igikombe c’isi”.
Kuva mu 1994, Afrika iserukirwa n’ibihugu bitanu – ibibanza bike cane ugereranije na 13 vya Bulaya, ikaba isumvya ikibanza kimwe Amerika y’ubumanuko isanzwe ifise ibihugu bike cane rwose, ikanganya na Aziya (iyo itaramutse yakira igikombe).
Nyamara iki giharuro kuri Afrika kizokwiyongera hafi incuro zibiri mbere gishobore gushika no kw’icumi mu gihe hogira igihugu cayo corengana inkino mpuzamigabane za play-off /barrage zo guhiganira ibibanza vy’abazokwitaba ihiganwa ry’igikombe c’isi.
Uyu mugabane ntiworoherwa gushika muri ca gice co gukuranamwo, aho mu 2018 ata murwi n’umwe washoboye gushikayo, igihe cose ikama iserukirwa n’umwe gusa urengana inkino z’amatsinda kuva mu 1994 wongererejwe igitigiri, kiretse mu 2014 na 2022, aho imirwi ibiri ari yo yashoboye kurengana.
Uyo yahoze akinira umurwi nserukiragihugu wa Maroc avuga ati: "Ingorane zacu nk’imirwi ya Afrika, ntarinze kunegura cane, ni uko dufise ibibanza bitanu gusa, rero ibi bigasigura ko muri kino gihe Misiri itari kubamwo, canke Nigeria, Afrika y’Epfo, Mali, n’ibindi.
"Rero, igihe cose, kubera twama duhanganye (mu kurondera itike), ntivyoroshe na gato (gushobora kwigira ku gikombe c’isi)”.
Inyuma y’aho itsindiwe na Croatia mu rukino rwo kurondera ikibanza ca gatatu ku wa gatandatu, yama iheza iri mu bibanza vya mbere mu mahiganwa atandatu y’igikombe c’isi imaze gukina, Regragui avuga ko bari kuri urwo rugero kubera bobo bama baja muri aya mahiganwa.
Uyu mugabo yatsindiye ihiganwa ry’imirwi yabaye iya mbere ku mugabane wa Afrika mu ntango z’uno mwaka agira ati: "(Jose) Mourinho – igihe yari muri Manchester United – yaravuze ivyerekeye ADN/DNA y’uyo murwi, ariko ndibaza ko ikintu nk’iki kibaho no mu mirwi nserukirabihugu”.
"Kubera iki igihe cose imirwi ya Bulaya (yama ishika mu nkino za nyuma z’igikombe c’isi)? Croatia – kubera iki badutsinze bakarangiza ihiganwa bari mu kibanza ca gatatu? Ni uko bamenyereye cane izi nkino, igihe cose bama baronka itike yo kuja mu gikombe c’isi yose.
"Iyo wama witabira buri higanwa ry’igikombe c’isi, ukama ukina izi nkino igihe cose, zirakwigisha, abakinyi bakiri bato barahigira vyinshi. Ibi bituma mw’ihiganwa rikurikira aba bakinyi bakiri bato bazosubirayo bakomeye cane”.
Inyuma y’imyaka 20, Maroc yagarutse mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi mu 2018, isubira uno mwaka, ibitari bwigere bibaho ko yikurikiranya uku kuva aho iherukira mu 1994-1998.
Muri Qatar, Maroc yateye intambwe zidasanzwe n’aho yahuye n’imirwi y’ibihangange kw’isi: Ububirigi (2), Espagne (7), Portugal (9), ikongera kandi, mu nkino zo mu matsinda, igaca imbere Croatia yari yahejeje ari iya kabiri mu 2018.
Umumeyereza wa Maroc yongerako ati: "Twaharonkeye inyigisho z’imyaka myinshi iyo uronse akaryo ko guhura na Croatia incuro zibiri mw’ihiganwa rimwe, igihugu kiza mu kibanza ca gatatu kw’isi”.
"Gukina na Espagne, Portugal, Ubufaransa, Ububirigi, na Canada, ni ibintu bidasanzwe – inkino zose zikomeye”.
Urugamba 'rudasanzwe’

Ahavuye isanamu, Getty Images
Inyuma yo kwinjizwa igitsindo kimwe gusa mu nkino zitanu za mbere muri Qatar, mu nyuma vyahavuye vyanka kuri Maroc igihe itsinzwe n’Ubufaransa 2-0 mu nkino z’igice ca kabiri gishira ica nyuma ku wa gatatu, imbere y’uko itsindwa na Croatia 2-1 ku wa gatandatu.
N’aho Regragui yababaye cane kubona Maroc itashoboye kuba umurwi wa mbere wa Afrika wari kuba ushitse mu rukino rwa nyuma canke ngo uhereze mu kibanza ca gatatu, ariteze ko intambwe idasanzwe umurwi wiwe washitseko igiye kwibonekeza ubu bwa vuba.
Ati: "Turababaye, ariko ni twikangura tuzomenya neza igikorwa kidasanzwe twashitseko.
"Inyuma y’uru rukino rwa nyuma, tuzokwihweza ngene ibintu vyagenze, ndazi ko tuzosanga Maroc yakoze ibintu bikomye cane. Ubu rero, ndazi ko dufise igikorwa kidasanzwe imbere yacu”.
Uyu mumenyereza yiteze neza ko n’iyindi mirwi ikomakomeye y’umugabane nayo nyene igiye gukurikiranirwa hagufi muri kazoza.
"Ubu hagiye kuba vyinshi vyitezwe ku yindi mirwi ya Afrika irondera gushika ku vyo twashitseko.
"Maroc irerekanye ko (imirwi ya Afrika) ishoboye kandi itari kure cane (y’imirwi y’ibihangange), rero itandukaniro hagati y’imirwi ya Bulaya n’iya Afrika ni rito cane gusumba uko vyahoze, kandi ni utuntu duto cane.
“Ibi bigiye gutera intege umupira w‘amaguru muri Afrika”.










