Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Menya Zohran Mamdani, umu-Islam yavukiye i Kampala agiye gutwara New York
- Umwanditsi, Nada Tawfik na Rachel Hagan
- Igikorwa, BBC News
- Yakoze inkuru ari, New York City & London
Zohran Mamdani yandikishije amateka nk'umu islam wa mbere agiye kurongora igisagara ca New York, akaba kandi ari n'uwa mbere yavukiye muri Afrika - akaba yavukiye muri Uganda.
Afise imyaka 34 gusa, akaba abaye umukuru w'iki gisagara co muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika akiri muto kurusha bose bamaze gutwara ico gisagara kuva mu 1892.
Intsinzi yiwe yateye iteka imiryango y'abimukira n'urwaruka rw'abanyeporitike bashasha, kandi irerekana impinduka zidasanzwe muri poritike y'ico gisagara camamaye cane ku isi.
Uva i Kampala ukaja i Queens
Mamdani yavukiye i Kampala muri Uganda, aza kwimukira i New York afise imyaka indwi gusa. Yize mu mashure azwi cane, harimwo Bronx High School of Science, hanyuma aronka impamyabushobozi muri Africana Studies muri kaminuza ya Bowdoin College.
Ni umwana w'umuremeshakiyago w'umugore Mira Nair, azwi cane ku bikorwa vyiwe vya sinema. Se ni umuhinga mu vy'imibano Mahmood Mamdani, umwigisha muri kaminuza ya Columbia.
Ukwemera n'akarangamutima
Zohran Mamdani ntiyahishije ukwemera kwiwe kw'idini ry'aba Islam. Mu bikorwa vyiwe vy'ukwiyamamariza, yaragiye gusenga mu misigiti itandukanye, asohora amavidewo avuga mu ndimi zitandukanye harimwo iki-Urdu, iki-Espangol n'Icongereza, kandi rimwe rimwe mu masaha y'ugufungura amasengesho ya Ramadan yasangiye n'abanyagihugu bari muri gari ya moshi.
Yavuze ati:
"Tumenye ko kuza ku mugaragaro nk'umu Islam bisigura ko twishize aho dushobora gutakaza umutekano."
Naho hari abamwandikiye ubutumwa bw'urwanko, Mamdani avuga ko urugendo rwiwe, kuva muri Afrika gushika i New York, ari ikimenyetso c'ubuzima bw'abimukira benshi barondera amahirwe mashasha.
Ubutumwa bushingiye ku buzima n'uburinganire
Mu migambi yiwe, yashimikiye cane mu gutuma New York coba igisagara ciza kandi kizimbutse kuri bose .
Yabwiye BBC ati "Muri iki gisagara umuntu umwe kuri bane aba mu bukene, abana ibihumbi amajana atanu baryama batariye, tudafashe ingingo ruhasha ubu, New York izotakaza ivyahora bituma iba iyidasanzwe."
Mu migambi yiwe harimwo:
- Gutanga ingendo ku buntu mu bisagara (bus)
- Gushinga amaduka agurisha ibifungurwa ku giciro gito
- Gukomeza amategeko y'ugupanga inzuu kugira ntihakorwe amayeri
- Gutanga uburaro ku giciro gito ku miryango ifise ubukene
- Gutegura Imirwi Ikurikirana abakodesha/abapangisha amazu barenganya abantu
Abamunegura bavuga ko imigambi yiwe itoshoboka kubera uburyo bw'amafaranga, ariko abamushigikiye bavuga ko ivyiyumviro vyiwe vyerekana "New York y'ukuri", aho abantu bose bumvwa kandi bafise ijambo.
Avuye mu bikorwa vy'abanyagihugu aja ku butegetsi
Imbere yo kwinjira muri poritike, Mamdani yakora nk'umufasha afasha imiryango y'abatagira aho baba kugira ntibasohorwe mu mazu i Queens. Iyo ngendo y'ugufasha abandi ni yo yamubereye ishingiro mu bijanye no gutegura ibikorwa vy'uguhindura imibereho.
Umuhinga wa poritike Trip Yang yavuze ati:
"Zohran ashigikiwe n'abantu, si amashirahamwe. Ingene yaduze vyerekanye ukuntu abanyagihugu bashaka impinduka mu buryo bushasha."
Urugendo rw'intsinzi
Mu majambo yiwe y'intsinzi, Mamdani yibukije urugendo rwiwe kuva i Kampala gushika ku biro bikuru vy'igisagara ca New York.
Yagize ati: "Ndi ngaha kubera abavyeyi banje bizeye ko kujabuka ibahari vyoshobora gukingura imiryango mishasha.
"Uyu musi mpagaranye namwe nk'ikimenyetso c'uko iyo miryango ari iyacu twese, aba-Islam, abimukira, urwaruka n'abakozi, tweseiki gisagara ni icacu."
Zohran Mamdan yinjiye mu mateka nk'umwe mu bayobozi batanga icizere gishasha ku runganwe rw'abimukira n'urwaruka rwifuza kubona isi irimwo bose.
Ibibazo birindiriye Zohran Mamdani
Naho yatsinze mu buryo budasanzwe, Zohran Mamdani agiye guhangana n'ibibazo bikomeye mu rugendo rwiwe rwo kurongora New York. Hari nkibibazo bijanye n'ubuzima buzimye cane, ubusumbane bukomeye hagati y'abanyagihugu, hamwe n'ububasha buke umukuru w'igisagara afise mu gushira mu ngiro imigambi minini y'iterambere.
Imigambi yiwe yo kuvura abana ku buntu, kugabanya ibiciro vy'amazu no kwagura uburyo bwo kwiyunguruza, ishobora kudakunda kubera abategetsi batazokwemera kuduza amatagisi kugira bafashe imigambi nkiyo. Hari kandi n'abadandaza bakomeye bo muri Manhattan bashobora kwanka imigambi yiwe yo guhindura ingene ururdandazwa rukorwa.
Ikindi kibazo gikomeye ni uko azotegerezwa guhuza ivyiyumviro vyiwe vya poritike n'ingene ico gisagara kinini gisanzwe kibayeho, kugira ntatakaze icizere kubamutoye biteze impinduka. Abanyeporitike bamwe bo mu mugambwe iwe bamwita umunyaporitike ahengamye cane birenze, mu gihe abatavuga rumwe na we bamubona nk'umuntu ashobora guhungabanya ubutunzi bw'ico gisagara.
Abatavuga rumwe na we b'aba-Conservateurs kuva kuri Perezida Donald Trump kumushushanya n'akaga k'ivyiyumviro vy'igisosiyalisti, afise poritike n'imigambi izotuma iki gisagara ca mbere kinini muri Amerika gisenyuka, yongere inateze akaga igihugu cose mu gihe coyigenderako.
Naho azotsitara na gatoya, naba mu buryo ubwo ari bwo bwose, bazoca babifatirako mu kumwerekana ko ataco abamariye.
Trump we nyene ubwiwe, nk'umuntu afitaniye isano ryihariye na New York, nta kabuza ko yiteguriye guhangana bikomeye na Mamdani muri poritike, kandi afise imikenyuro myinshi yo kutazokworohereza uno mukuru w'iki gisagara mushasha.
Mamdani azoba akeneye gukoresha ubwitonzi, akitondera ingingo iyo ari yo yose, n'ukumenya guhuza ivyiyumviro bitandukanye kugira ashobore gushitsa ivyiyumviro vyiwe vyiza adashwanye n'abasanzwe bakomeye muri ico gisagara. Ivyo bibazo vyose bizogerageza ubutwari bwiwe kandi binerekane inyishu y'ukumenya nimba intsinzi yiwe izoba itanguriro ry'impinduka nyazo mu gisagara ca New York.