Rya tohoza ryo gufata ku nguvu rivugwa n'ibinyamakuru vya Suède kuri Mbappé ryugawe kubera ata vyemezo

Kylian Mbappé

Ahavuye isanamu, Getty Images

    • Umwanditsi, André Rhoden-Paul
    • Igikorwa, BBC News

Abashikirizamanza muri Suwede (Suède/Sweden) bugaye rya tohoza rijanye n'ivyo gufata ku nguvu bivugwa n'ibinyamakuru vyo muri ico gihugu kuri kizigenza w'umurwi nserukiragihugu w'Ubufaransa, Kylian Mbappé.

Marina Chirakova wo mu biro vy'umushikirizamanza mukuru w'igihugu wa Suwede, avuga ko iri tohoza rijanye no gufata ku nguvu rivugwa ko ryakorewe ku mugwa mukuru Stockholm ryahagaze kubera ata vyemezo.

Uno mukinyi wa Real Madrid, umwe mu bakinyi karuhariwe mu mupira w'amaguru ntiyigeze avugwa izina ku mugaragaro n'abashikirizamanza ba Suwede canke ngo bamumenyesha ko yikekwako icaha.

Muri Gitugutu (10), igihe ibi birego vyaja ahabona, umushingwamanza wa Mbappé yavuze ko umukiriya wiwe yariko arategura kweza izina ryiwe mu kwuguruza urubanza yitwarira abamutyoza. Mbappé yari yavuze ko aya makuru ari "ibinyoma".

Umupfasoni Chirakova, ari na we yarongoye amatohoza y'intangamarara, yemeje ko ivyemezo bidakwiye kugira ngo itohoza ribandanye kandi ko kubera ivyo rihagarariye aho.

Ikinyamakuru Le Figaro candika ko umushingwamanza w'uno mukinyi yanse kugira ico abivuzeko.

Ivyo gufata ku nguvu hamwe n'ihohotera rishingiye ku gitsina bivugwa ko vyabereye mw'ihoteri yo ku mugwa mukuru wa Suwede ku wa 10 Gitugutu (10).

Ibinyamakuru bitari bike vya Suwede, harimwo Aftonbladet na Expressen, hamwe n'imboneshakure ya reta SVT, vyaradomyeko izina rya Mbappé nk'uwagirizwa.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ico gihe yahora aja gutembera i Stockholm.

Igipolisi carabonetse cinjira muri iyi hoteri, Bank Hotel, yashikiramwo, aho abapolisi basubira inyuma batwaye amasakoshe. Amakuru amwe yavuze ko batwaye impuzu bavanye muri iyo hoteri mu kurondera ivyemezo.

Ku wa Mungu, igihe yavuga ku ncuro ya mbere ivyerekeye ibi yagirizwa, Mbappé yavuze ko ata ruhara abifisemwo, hari mu kiganiro Clique co ku mboneshakure yo mu Bufaransa.

"Nta kintu na kimwe ndabona, si ndigera ndengutswa...Nta ruhara ndabifisemwo".

Imbere y'aha, umushingwamanza wiwe yavuze ko ibivugwa n'ibi binyamakuru vyo muri Suwede ari ugucafuza umuntu, kandi ko ata kintu na kimwe cari kizwi kuri ibi birego.

Marie-Alix Canu-Bernard ati: "[Mbappé] nta na rimwe aba ari wenyene. Nta na rimwe yigera ashirwa mu bihe vy'aho yokwisanga yinjiye mu ngorane".

Muri ino ndwi, uno musatirizi wa Real Madrid yarinjije igitsindo ciwe kigira 50 mw'ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo. Muri uno mwaka wa 2024, niho yasezera muri Paris Saint-Germain (PSG) akinjira muri uyo murwi muri Espagne.

Mu 2018, yatsindiye igikombe c'isi yose nk'umukinyi akiri muto mw'ihiganwa ryabereye mu Burusiya, yongera yinjiza ibitsindo bitatu mu rukino rwa nyuma rw'igikombe c'isi yose mu 2022 muri Qatar - hano Ubufaransa bukaba bwatsinzwe na Argentina ya Messi ku ma penaliti (penalties).

Muri PSG, yari umwe mu bihangange bitatu vy'uno murwi ari kumwe na Messi n'umusatirizi wa Brezili Neymar.

Mu mwaka uheze, uno mukinyi rurangiranwa yavukiye i Paris mu Bufaransa yarangije ari mu kibanza ca gatatu mu bahiganira Ballon d'Or (Umupira w'Inzahabu) n'Umukinyi mwiza wa FIFA ku ruhande rw'abagabo.