Araburira abantu inyuma y’umwigeme yishwe anizwe mu gihe c’imibonano mpuzabitsina

Georgia Brooke

Ahavuye isanamu, Family

    • Umwanditsi, David Spereall
    • Igikorwa, BBC News

Umuhinga akora amatohoza ku nkomoko z’impfu araburira abantu inyuma y’aho amatohoza yerekanye ingene umugore yanizwe n’umukunzi wiwe agapfa igihe bari mu mibonano mpuzabitsina.

Georgia Brooke w’imyaka 26 yanizwe na Luke Cannon, na we nyene yagiye gutorwa yapfuye bukeye, nk’uko uwo mukozi wa sentare ya Bradford yabibwiwe.

Igihe yandika umwanzuro kuri ubu bwicanyi, umuhinga mukuruakora amatohoza ku nkomoko z’impfu Martin Fleming avuga ko igikorwa co kunigana mu gihe c’imibonano mpuzabitsina ari “akaga” kandi ko “akenshi birangira inkumbi iguye”.

Nyina wa Brooke, Samantha Beaumont, avuga ko igikorwa c’umuryango co kurondera ubutungane “kigiye kirangira”.

Luke Cannon w’imyaka 31 yaherekeje umukunzi wiwe ku bitaro mw’ijoro igihe ibi vyaba ku wa 03 z’ukwa kabiri 2022, ariko akaza guhunga aciye mu muryango w’ubutabazi iyo hadutse umuriro imbere y’uko igipolisi gishobora kuvugana na we, nk’uko abacamanza babibwiwe.

Haciye hatangura amatohoza kuri bwicanyi, ariko mu nyuma yagiye gutorwa yapfiriye mw’ishamba ry’ibiti hafi y’ibitaro Bradford Royal Infirmary.

Itohoza ku rupfu rwa Cannon ritegekanijwe kuri uno wa kane.

Inzandiko z’incuti z’aba bakunzi zasomwe muri sentare ziravuga ingene aba bantu babiri bari bakunze gukora imibonano mpuzabitsina mu buryo budasanzwe.

Abavuze muri sentare bavuze ingene umwigeme Brooke, yari asanzwe aba ahitwa Ossett igihe yapfa, yakunda imibonano mpuzabitsina irimwo ukunigana.

Ibi vyemejwe n’ubutumwa bugufi bwa terefone bwabonywe n’igipolisi amaze gupfa.

Hagati aho, umuganga ajejwe gusuzuma impfu Chris Johnson yabwiye abakora amatohoza ko, kugira apfe, ugukamvya izosi rya Brooke vyari gutegerezwa kuba vyabandanije umwanya utari muto amaze guta ubwenge.

Ifoto ya Brooke yashikanywe muri sentare na nyina wiwe, Samantha Beaumont, hamwe na mukuruwe, Nadia Brooke
Insiguro y'isanamu, Ifoto ya Brooke yashikanywe muri sentare na nyina wiwe, Samantha Beaumont, hamwe na mukuruwe, Nadia Brooke

Mu mwanzuro wiwe, wa mhinga akora amatohoza ku nkomoko z’impfu avuga ko, nubwo ata cemeza ko Cannon yari afise intego yo kwica umukunzi wiwe ico gihe yakoresheje inguvu "z’umurengera".

Avuga ko umwigeme Brooke "atari kuba yaremeye ingaruka zigeza ku rupfu" z’ivyo umukunzi wiwe yamukoreye.

Avuga ko urupfu rwa Brooke rukwiye guha "ubutumwa bukomeye" abantu bakunda kunigana mu gihe c’imibonano mpuzabitsina, agira ati: "Ubu bwoko bw’imibonano mpuzabitsina ni akaga kandi ni ugwangara, kandi kenshi ikunze kurangira ibara riguye".

Nyina w’umwigeme Brooke yari yabwiye abakora amatohoza ingene umukobwa wiwe, umuhererezi muri bane bavukana, yari “yamamaye” mu gutamba kuva afise imyaka itanu kandi ko yari ageze ku rwego rwo hejuru.

Imbere y’urupfu rwiwe, yari yahawe akazi mu nzu y’ubutambiro mu Bugiriki, aho yari yarigeze gukora mu 2020.

'Uzokwama mu mitima yacu'

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mw’itangazo ryahawe abajejwe amatohoza, umupfasoni Beaumont yavuze ko umukobwa wiwe yari yatanguye guhindura inyifato kuva atanguye kubonana na Cannon mu 2021, ariko ko impungenge ziwe ataco zabwiye Brooke.

Avuga ko Cannon “yamukarira cane” kandi ko yategeka umukunzi wiwe “ivyo yategerezwa kwambara”.

Avuga kandi ko "yamugenzura cane" gushika n’aho yamutegeka aho yicara iyo arinze aja hamwe n’umuryango wiwe kuri Noweli.

Hagati aho, itangazo rya mwenewabo na Cannon, Joshua, rivuga ko ahubwo "yitaho cane" umwigeme Brooke kandi ko yari "umuntu w’intore yitanga uko ashoboye kwose mu gufasha abantu".

Mw’itangazo yasomye hanze ya sentare inyuma y’amatohoza ku rupfu rw’umukobwa wiwe, Beaumont yavuze ko urugendo rw’umuryango rwo "kurondera ubutungane rugiye rushika ku musozo".

Yongerako ati: "Georgia yabona ubuzima bwiwe imbere. Ugutamba bwari bwo buzima bwiwe kandi cari ikintu akunda cane. Georgia yari afise imyaka 26 – umukobwa mwiza akaba n’umuhinga mu gutamba – yashimagizwa kandi yakundwa na nyina wiwe hamwe n’umuryango wose.

"Georgia, uzokwama mu mitima yacu no mu mitwe yacu imyaka yose. Turagukunda, bandanya utamba uri kumwe n’abamalayika”.