Zambia-Russia: Ikiziga c’umunya-Zambia yapfiriye ku rugamba muri Ukraine catahanywe

Lemekhani Nyirenda

Ahavuye isanamu, Zambians in Moscow/Facebook

Insiguro y'isanamu, Lemekhani Nyirenda yari yagiye kwiga ibijanye na nikleyeri i Moscou

Mu mubabaro mwinshi, abaryango n’incuti z’umunyeshure w’umunya-Zambia, yapfiriye ku rugamba muri Ukraine nk’umucangero w’Uburusiya, bakiriye ikiziga (umurambo) ciwe ku wa mungu ku kibuga c’indege ca Lusaka.

Lemekhani Nyirenda Nathan yishwe mu kwezi kw'icenda.

Kompanyi ikora nk’igisiriikare Wagner yavuze ko yamwinjije mu ngabo zayo imuvanye mw’ibohero ryo mu Burisiya aho yari mu gihano ku caha co kijanye n’urumogi ibiyayuramutwe/ibiyovyabwenge).

Wagner ivuga ko yari yinjiye ku bushake bwiwe imbere y’uko apfa ”nk’intwari”.

Zambia yasavye guhabwa insiguro zose z’ingene vyagenze.

Itororokanirizo ry’amakuru AFP ryasubiyemwo umwe mu muryango avuga ko ikiziga kizoca kijamwa mu buruhikiro rw’abapfuye kugira hakorwe isumwa ry’icamwishe hanyuma azoshingurwe.

Uwo munyeshure w'imyaka 23 wo mw'ishure kaminuza rya Moscow Engineering Physics yari mu gihano c'igipfungo c'imyaka icenda azira gufatanwa ibiyayuramutwe.

Umuryango wiwe ufise ibibazo vyinshi kuri urwo rupfu kandi wipfuza kuraba ko ikiziga ari iciwe.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Nyirenda yapfuye mu kwezi kw'icenda ariko Uburusiya bwabimenyesheje reta ya Zambia hagati mu kwezi kw'icumi na rimwe.

Ubuserukizi bwa Zambia muri Ukraine bwasanze ikiziga ca Nyirenda cajanywe mu gisagara ca Rostov-on-Don kiri ku rubibe rwo mu bumanuko bw'Uburusiya nk'uko vyamenyeshejwe n'umushikiranganji wa Zambia ajejwe imigenderanire Stanley Kakubo.

Umushikiranganji Kakubo yagize ati: "Nk'umushikiranganji, jewe ubwanje nagumye mvugana, kandi nzoguma mvugana n'umuryango wabuze kugira bamenye ukuri kw'ido n'ido y'ingene uwabo yapfuye."

Se wiwe Edwin Nyirenda yabwiye itororokanirizo ry'amakuru rya Reuters ko uwo munyeshure yariko arakora akazi asanzwe akora igihe atariko ariga, ko gutanga amakete igihe haza umuntu atamenye amuha ipaki irimwo ibiyayuramutwe.

Se yagize ati: "Ntituzi" uwakuye umuhungu wanje mw'ibohero, anongerako ko umuryango gusa "waronse ubutumwa buvuye ku mugabo tutazi wo mu Burusiya yatubwiye ko hari icipfuzo umuhungu wacu yasize yanditse, kandi dutegerezwa kuja mu Burusiya".

Zambia yahora irungika abanyeshure kwiga mu Burusiya ku mfashanyo y'ico gihugu, nk'uko vyari vyagenze kuri Nyirenda.

Uko yarekuwe ava mw'ibohero ntibizwi, ariko Uburusiya bwaremereye umwidegemvyo bamwe mu banyororo mu gihe na bo bokwemera kugwana mu ntambara ibahuza na Ukraine.

Mu kwezi kw'icenda hari amasanamu y'ibanga yagiye ahabona yerekana abacangero b'umugwi Wagner bariko bararondera abanyororo baja kugwana muri Ukraine.

Muri iyo video umukuru wa Wagner, Yevgeny Prigozhin yaragaragaye ariko aratanga amategeko y'intambara, nko kudahirahira ngo utoroke canke kudakora imibonano mpuzabitsina n'abagore bo muri Ukraine, hanyuma aca aha abo banyororo iminota itanu yo kwiyumvira nimba bashaka kuja kugwana.

Mu buryo buteye amakenga, yabwiye abanyororo ko ashobora kubakura mw'ibohero bakomeye ariko ko atokwemanga ko azobagarukana bakomeye.

Igihugu ca Zambia nticagize aho cegamira mu ntambara iriko y'Uburusiya na Ukraine, co kimwe n'ibindi bihugu vyinshi vya Afrika, ariko kivuga ko ciyamiriza intambara iyo ari yo yose.