Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kubera iki Katolika ititeguriye kwemera gushingira abafise ibitsina bisa?
Itangazo riherutse gusohorwa na Papa François rivuga ko yemereye abapatiri guhezagira abubakanye basangiye igitsina ryabonetse ko ari intambwe ikomeye ku batinganyi, abantu bazwi nka LGBT+, muri Ekleziya Katolika.
Ariko nubwo benshi babonye ko Ekleziya Katolika yemeye abubakana basangiye igitsina, siko bimeze, abahinga bakabona ko iki cemezo kitofatwa nk’intambwe ikomeye ya Vaticano mu nzira yo kwemera gushingira abafise ibitsina bisa.
Mu rwandiko rwo ku wa 18 Kigarama (18) rwateweko igikumu na Papa, Vaticano yatangaje ko abapatiri bakwiye kwemererwa guha imihezagiro ababanye bafise ibitsina bisa canke “abubakanye badakurikije amategeko ya Ekleziya” mu bihe bimwe bimwe.
Hagati aho, uru rwandiko ruvuga ko ino mihezagiro atari iyo mu migirwa isanzwe ya Ekleziya. Vaticano ibandanya ibona ko ukwabirana ari ubumwe hagati y’umugabo n’umugore. Nk’uko bivugwa na Filipe Domingues, umwigisha kw’ishure kaminuza Université Pontificale Grégorienne/Pontifical Gregorian University i Rome:
"Ni vyo ko uru rwandiko ari ikintu gikomeye cane kuko abantu batari biteze itangazo nk’iri ku mugaragaro [rivuye i Vaticano]".
Ariko uno muhinga arerekana ko uru rwandiko rwemejwe na Papa François rugasohoka ku wa 18 Kigarama ata kimenyetso na kimwe cerekana ko Ekleziya yoba ifise umugambi wo gutera izindi ntambwe ziganisha ku kwemera ubugeni bw’abafise ibitsina bisa.
Avuga ati: "Uru rwandiko rurashimangira ico ari co Isakaramentu ryo kwabirana kandi rugasigura neza ico ari co umuhezagiro. Ibi biratomoye”.
Itangazo rya Vaticano ry’imbere y’aha kuri iki kibazo, ryasohowe mu 2021, ryariyamiriza uguhezagira ababana bafise ibitsina bisa rivuga ko Imana idashobora “guhezagira icaha”.
"Papa ntiyanyuzwe cane n’urwo rwandiko rwo mu 2021. N’aho vyari uko, yaremeye”, niko umwigisha wa kaminuza Domingues yongerako, akavuga ko kuva ico gihe Papa François yagumye akoresha imvugo yo kunywanisha.
Imihezagiro y’ubwoko bwinshi
Ekleziya Katolika ifise ubwoko butandukanye bw’imihezagiro. Nk’uko biri mu mabwirizwa yo gusenga, Umukatolika ategerezwa kuba “agendera kw’ishaka ry’Imana rigaragarira mu nyigisho za Ekleziya” kugira ngo ahabwe umuhezagiro.
Ariko Papa ubu yazanye uburyo bushasha bwo gutahura uno muhezagiro ka mwungere canke Ekleziya nk’umuryango.
Uru rwandiko rwo ku wa 18 Kigarama ruvuga ko umuntu uwo ari we wese asavye guhezagirwa aba “yerekanye ko akeneye ko Imana-mukiza yomuba hafi” kandi aba ariko “asaba ko Imana yomufasha, ikamuha ubuzima bwiza”.
Abakristu bashaka kwubakana n’abandi bafise ibitsina bisa na rwabo bashobora kuronswa imihezagiro mu mashengero amwe amwe.
Umwigisha wa kaminuza Domingues asigura ati: "Uru rwandiko ruratomora neza ko uno muhezagiro udashobora gutangwa hakurikijwe imigirwa ya Liturjiya. Vyokorwa ata birori bibanje kuba, atari ibintu babanje gutegura, kandi hadakoreshejwe ijambo ubugeni canke ngo habe umugirwa wihariye.
"Ni ingingo yo gufasha abantu bumva ko bari hanze canke kure ya Ekleziya”.
Abapatiri bashobora kudatanga uno muhezagiro
Mu buryo bumwe, ibi vyari bisanzwe bikorwa mu maparuwasi ya Ekleziya Katolika bivuye ku ngingo ifashwe n’abapatiri canke abepiskopi bamwe bamwe babanje kuvyiga ku giti cabo. Kuva ubu, hari ico umuhinga mu vy'imibereho y'abantu akongera akaba n’umuhinga mu bijanye n’amadini kw’ishure kaminuza ya Sao Polo muri Brezili, Francisco Ribeiro Neto, yita ivyemejwe n’inzego.
Ribeiro Neto ati: "Uno muhezagiro utangwa n’umwungere wari usanzwe utangwa. Ubu rero hari agaterantege, ubu Vaticano iremera ko aka kigoro gahawe ikaze na Ekleziya.
"Ariko si ngombwa ko umupatiri atanga uno muhezagiro, arashobora kwiga ikibazo c’umuntu umwe ku wundi ku gatwe kiwe. Ico Ekleziya ivuga ni uko uwemera afise uburenganzira bwo kwitabwaho n’umwungere”.
Uno muhinga mu mibereho y’abantu aremera kandi ko uru rwandiko rwo ku wa 18 Kigarama rudashobora gufatwa ko ari intambwe iganisha ku ntego y’aho Ekleziya Katolika izohava yemera ubugeni bw’abatinganyi.
Ati: "Papa François ntari mu nzira yo kuzobitangira uruhusha, ahubwo ashiraho uburyo bwo kwemera ko abatinganyi ari abantu nk’abandi, atari ubwo kuzobaha umuhezagiro nk’ubugeni bw’abafise ibitsina bisa”.
Ribeiro Neto abona ko iyi ngingo ari uburyo bwo gushimisha uruhande rugendera ku mico ya kera n’urugendera ku mico na none muri Ekleziya.
"Bisigura ko ariko arondera uburyo [mu kugerageza] gukuraho izi mpari zijanye no kwemera canke kutemera ubugeni bw’afafise ibitsina bisa. Abubakanye bafise ibitsina bisa bipfuza kwakirwa na Ekleziya bazoronswa uno muhezagiro.
Hagati aho, Ribeiro Neto ashimangira ko uno muhezagiro udasigura ko Ekleziya yemera umubano wabo.