Ukraine: Nta biganiro na Putin ku butaka bwacu - Zelensky abwira BBC

    • Umwanditsi, John Simpson na James Waterhouse
    • Igikorwa, BBC News, Kyiv

Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine ntarota arekura ubutaka bw’igihugu ciwe mu ntumbero yo kurondera umwumvikano n’Uburusiya.

Mu kiganiro na BBC mu rwego rwo kwibuka umwaka urangiye Uburusiya butanguje igitero kuri Ukraine, agabisha ko guheba ubutaka vyosigura ko Uburusiya "bwokwama buza”, kandi ibirwanisho vy’Uburengero bishobora gushika ku mahoro.

Zelensky avuga kandi ko igitero cari citezwe mu misi iza camaze gutangura.

Ati: "Ibitero vy’Uburusiya biriko biraba biva mu mpande zitandukanye”.

Ariko aremeza ko ingabo za Ukraine zishobora kubandanya zihanganye n’Uburusiya gushika aho zizokorera igitero co kwibohoza – n’aho abandanya asaba ibihugu vy’Uburengero ko vyomuha imfashanyo ya gisirikare.

Ati: "Ni vyo, ibirwanisho vya none biranyarutsa kugarukana amahoro. Umunwa w’inkoho ni rwo rurimi rwonyene Uburusiya butahura”.

Mu ndwi iheze, yabonanye n’abategetsi b’Ubumwe bwa Bulaya n’ab’Ubwongereza mu ntumbero yo kwongereza imfashanyo mpuzamakungu no gusaba ibirwanisho bigezweho kugira arwanire igihugu ciwe.

Igihe umukuru w’igihugu ca Ukraine asaba indege z’intabara zigezweho, umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza yishuye ko ata “kintu na kimwe kidashoboka”.

Ariko, Kyiv ntiyishimira ukungene Uburengero bubandanya bukwega ibirenge mu kuyirungikira ibirwanisho.

Ama-chars y’intambara yemewe na bimwe mu bihugu vy’uburengero, harimwo Ubudagi, Amerika n’Ubwongerea – bizwi ko hagisigaye amayinga n’amayinga kugira ngo ashike ku rubuga rw’intambara.

Perezida Zelensky yagarutse no kw’iterabwoba ry’umukuru w’igihugu ca Biélorussie/Belarus Alexander Lukashenko, aho agabisha ko ashobora kwifatanya n’ingabo z’Uburusiya mu ntambara mu gihe hoba hari umusirikare umwe gusa wa Ukraine yoramuka ajabutse urubibe.

Ati: "Ndizeye ko [Biélorussie] itazokwinjira [mu ntambara]. Mu gihe yoramuka ibikoze tuzorwana kandi tuzorutsinda”.

Avuga ko kwemerera Uburusiya gukoresha ubutaka bwa Biélorussie mu gutegura intambara kuri Ukraine ryoba kandi ari “ikosa rikomeye”.

Igihe Uburusiya butangura intambara, igice c’ingabo zabwo carinjiriye muri Biélorussie, haraciye amezi 12.

Zarabandanije amaja mu bumanuko zitera zisatira umugwa mukuru Kyiv ariko zaratujijwe biba ngombwa ko zisubira inyuma mu mayinga makeya, zimaze gukubitwa bikomeye.

Abajijwe nimba atangazwa n’amayeri y’intambara Uburusiya bukoresha, Zelenksy avuga ko ata “gaciro kayo”.

Ati: "Ingene basenyura ikintu ico ari co cose. Nimba ingabo zabo zarahawe [kandi zigashira mu ngiro] ayo mabwirizwa, bisigura ko basangiye imigambi”.

Ibiharuro vyasohowe muri ino ndwi, vyerekana ko ingabo z’Uburusiya ziriko zirapfa ku bwinshi muri kuno kwezi gusumba ibihe bindi vyose kuva um ndwi ya mbere intambara itangura.

Ibi biharuro ntibishobora guhinyuzwa, ariko ubushikiranganji bw’Ubwongereza bujejwe kwivuna abansi buvuga ko iboneka ko “bishobora kuba ari ivy’ukuri”.

Zelensky ati: "Uno musi, kubaho kwacu tugukesha ubumwe bwacu. Ndizeye ko Ukraine iriko irarwanira ukubaho kwayo “.

Avuga ko igihugu ciwe gitera gifata inzira ya Bulaya mu vyo ubutunzi, biciye kandi mu mico n’imigenzo yaco.

Ati: "Twahisemwo iyi nzira. Dukeneye umutekano. Umwumvikano uwo ari wo wose woshingira ku butaka bwacu wotuma dutakaza inguvu nk’igihugu.

"Ariko ikibazo si ku mwumvikano ubwawo. Kubera iki twowutinya? Mu buzima twama twumvikana n’amamiriyoni y’abantu buri musi.

"Ikibazo gusa ni ukumenya ni nde twogiriranira uwu mwumvikano? Na Putin? Oya. Kubera nta cizere tumufitiye. Kuganira na we? Oya. Kubera nta cizere tumufitiye”.