Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ukraine: Abimukira mu Burusiya bahatirwa kurwana mu ntambara ya Putin
- Umwanditsi, Abdujalil Abdurasulov
- Igikorwa, BBC News
Umurwi w’abacangero wo mu Burusiya, Wagner, uravugwa ko umaze kwinjiza ibihumbi n’ibihumbi vy’abapfungwa kugira ngo baje kurwana muri Ukraine. Ariko igitigiri c’abapfa n’abakomereka hamwe n’abicwa mu nzira ndengerabutungane bituma ata binjira ku gushaka, haba mbere n’abari mu mabohero.
Abenshi mu bamaze kwagirwa n’icaha bafise ubwoba ko bashobora guhatirwa kuja kurwana - abakozi b’abimukira bava mu bihugu vyo muri Aziya yo hagati bisanga bari mu bantu bageramiwe cane.
Anuar yagiye mu Burusiya mu 2018 arondera akazi. Mu nyuma yarapfunzwe yagirizwa kudandaza ibiyayuramutwe, atwarwa gupfungirwa mw’ibohero ryitwa Penal Colony Number Six ryo mu ntara ya Vladimir. BBC ntiyipfuje kuvuga izina ryiwe bwite n’igihugu ciwe c’amamuko ku mvo z’umutekano wiwe.
Mu mpera za Nzero (1), yabwiye se wiwe ko umurwi w’abapfungwa bava muri Aziya yo hagati barungitswe kurwana muri Ukraine batabishaka.
Se wa Anuar yabwiye BBC ati: “Hari benshi bava muri Uzbekistan, Tajikistan na Kirghizistan/Kyrgyzstan muri rirya bohero. Ubu bariko bategura kurungika uwundi murwi kandi umuhungu wanje afise ubwoba ko na we nyene ashobora guhatirwa kugenda”.
BBC yashoboye kubona inzandiko za sentare n’amakete ya Anuar yemeza ko apfungiwe muri iryo bohero.
Amakuru yatanze yerekeye umurwi wahatiwe kuja kurwana muri Ukraine muri Nzero nayo nyene aremezwa na Olga Romanova, umukuru w’ishirahamwe ryo mu Burusiya riharanira agateka k’abanyororo, Russia Behind Bars. Abavyeyi bafise abana babo bapfunzwe baramwituye kugira ngo abafashe.
Romanova ati: "Ntibahitishijwemwo. Bategetswe gutera igikumu ku rupapuro rw’amasezerano baca barungikwa ku rubuga rw’intambara nk’umufuko w’ibijumbu”.
Avuga ko mu ntango abavyeyi bipfuza kwitura sentare kugira ngo abana babo ntibazohave batwarwa muri Ukraine. Ariko mu nyuma baravyanse batinya ibihano abana babo bashobora guhabwa mu gihe boguma mw’ibohero.
Ibohero Penal Colony Number Six rizwi ko ari karuhariwe mu gufata nabi no gukubita abapfungwa. Olga Romanova arifata ko ari “ibohero ry’iyica rubozo”.
Ni naryo Alexei Navalny, umunyaporitike azwi cane atavuga rumwe n’ubutegetsi bwa bw’Uburusiya, apfungiwemwo.
Abarongoye iri bohero ntibarishura ku vyo BBC ibasaba vyo kwishura kuri ibi birego vy’uko bahatiye abapfungwa gutera igikumu ku masezerano ya gisirikare.
Ivyo kwinjiza abapfungwa mu barwanyi biboneka ko vyagenze neza cane, ariko ibintu biriko birahinduka inyuma y’aho bigaragariye ko umurwi Wagner uriko uratakaza bikomeye ku rubuga rw’intambara.
Igisata ca BBC gikoresha ururimi rw’iki-Uzbek/Ouzbek cavuganye na Farukh (si ryo zina ryiwe ry’ukuri), umunyagihugu wa Uzbekistan apfungiwe mw’ibohero ryo mu ntara ya Rostov mu Burusiya.
Benshi mu bapfungwa bagenziwe barinjiye muri Wagner. Ubwa mbere hari ku gushaka, nk’uko Farukh abivuga, ariko ubu afise ubwoba ko abapfungwa bashobora guhatirwa kwinjira mu ntambara.
Ati: "Mu ntango, na jewe nariyumviriye ko nokwinjira kubera bose bibaza ko Uburusiya ari igihugu gikomeye cane, ko Uburusiya bwashobora gutsinda intambara – kumbure mu kwezi kumwe, amezi atatu canke nko mu mwaka umwe.
"Ariko ubu turabona ingene abantu benshi bariko barapfira hariya kandi mu gihe ata nyigisho za gisirikare zikwiye bafise – si vyiza. Mu gihe bombwira kugenda nkanka, bashobora kunyagiriza ko ngwanya Uburusiya”.
Abanyagihugu baturuka mu bihugu vyo muri Aziya yo hagati barinjizwa mu barwanyi mu zindi nzira, si mu mabohero honyene.
Muri rusangi, hari abimukira baharurwa mu miriyoni 10 bava muri Uzbekistan, Tajikistan na Kirghizistan bakora mu Burusiya, nk’uko biri mu biharuro vya nyuma bitangwa n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati bw’Uburusiya. Iri rikaba ari isoko rikomeye ryo kurondereramwo abinjizwa mu gisirikare.
Abategetsi b’Uburusiya barararikira abantu kwinjira mu gisirikare ku kigo c’abimukira i Moscou. Hari mbere n’amatangazo yo kwamamaza mu ndimi z’iki-Uzbek, igi-Kyrgyz n’igi-Tajik zemerera abanyagihugu bo muri bino bihugu ko bazoronswa ibitabo vy’inzira vy’Uburusiya mu gihe bokwemera kwinjira mu gisirikare.
Ariko abaharanira agateka ka zina muntu bavuga ko bitama bikorwa ku gushaka.
Valentina Chupik aharanira uburenganzira bw’abimukira yabwiye BBC ko rimwe rimwe abapolisi bahagarika abimukira bava mu bihugu vyo muri Aziya ya hagati ku mabarabara bakabatera igitsure kugira ngo batere igikumu kumasezerano yo kwinjira mu gisirikare. Babwirwa ko batabikoze bashobora kwirukanwa, nk’uko Chupik abivuga.
Abenshi mu bakozi b’abimukira usanga ata mpapuro zibemerera gukorera mu Burusiya baba bafise, ugasanga baba ahatandukanye n’aho biyandikishirije, canke ugasanga bariko barahonyanga amategeko agenga abimukira. Nico gituma usanga boroshe kwinjiza mu gisirikare.
Aziz, si ryo zina ryiwe nyaryo, afise ubwenegihugu bubiri, ubw’Uburusiya n’ubwa Tajikistan, yabwiye BBC ko yahagaritswe mu gitero abapolisi bakoze ku kigo c’ubwubatsi yari asanzwe akorako.
Yabwiwe ko yategerezwa gushikanwa ku kirindiro c’igipolisi kugira ngo bakontorore ikimuranga, ariko yagiye kwisanga yashikanywe mu biro vyo kwandikiramwo abinjizwa mu gisirikare.
Atanguye gushwanira abapolisi ababaza igituma bamuhenze, baramuhotoye amaboko bamuterera mu modoka.
Amaherezo ni uko bahavuye bamurekura.
Ariko abenshi mu bimukira mu Burusiya baratinya cane abapolisi mu gihe bokwanka kwiyandikisha kuja kurwana.