Abarenga 45 bishwe muri Nigeria

Ahavuye isanamu, epa
Abantu nibura 45 mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria bishwe n'bakekwa ko ari abo mu muhari ugwana witwaza idini rya Islam wa Boko haram.
Ababibonye bavuga ko abo bagwanyi bateye ikigwati ca Njaba ku wa kabiri bica abagabo n'abahungu imbere y'uko bagihereza umuriro.
Ico kigwati kiri hafi y'igisagara ca Domboa ku bilometero hafi ijana mu bumauko bw'umurwa mukuru w'intara Maiduguri.
Inkuru y'ico gitero niho kimenyekana kubera aho hantu hagoye gushika mu gihe uburyo bewo gutumatumanako nabwo buidateye imbere.
Boko Haram imaze kwica abantu ibihumbi n'ibihumbi mu mugabi wayo wo kurondera gushinga leta igendera ku mategeko ya Islam.
Ico gitero co muri Njaba cabaye igihe abahaba benshi bari mu gisabisho co mu gitondo, nk'uko bivugwa n'uwabibonye akabibwira urubuga rwa internet Sahara.






