Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Idini ryo kwiyicisha inzara muri Kenya: ‘Umugore wanje n’abana 6 bakurikiye Pasitori Mackenzie’
- Umwanditsi, Dorcas Wangira
- Igikorwa, BBC News, Malindi
Umumenyeshamana Paul Nthenge Mackenzie yarengutse muri sentare inyuma y'aho hatorewe ibiziga biharurwa kuri mirongo mw'ishamba. Yagirizwa guhimiriza abayoboke biwe kwisonzesha gushika gupfa - ubu abantu amajana bariko baribaza ivyashikiye ababo.
Igihe umukuru w'ishengero Good News International Church (Ishengero Mpuzamakungu ry'Inkuru Nziza) Pasitori Mackenzie, yavuga ko umuhero w'isi uzoshika mu kwezi kwa gatandatu mu 2023, umugore wa Stephen Mwiti yaramwemeye.
Ubu arazi ata gukeka ko yisonzesheje gushika gupfa hamwe n'abana babo batandatu.
Uwo mugabo w'imyaka 45 abeshejweho no kugurisha ibitumbura agendana ifoto y'umugore wiwe n'abana babo bane agenda arabaza ko atawoba yarabonye abo bantu.
Ivyo amaze igihe abikora mu gisagara ca Malindi, mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Kenya, kuva umugore wiwe abuzwe irengero aho hantu mu kwezi kw'umunani.
Mwiti yaragiye no kubarondera mw'ishamba rya Malindi, aho abayoboke b'ishengero rya Pasitori Mackenzie bari bagiye ukwa bonyene.
Umugore wiwe, Bahati Joan, yari afise inda igihe yagenda mu mwaka uheze ajanye n'abana babo batanu: Hellen Karimi, w'imyaka icenda, Samuel Karimil, imyaka indwi, Jacob Kimathi, itatu, Lillian Gatumbi, amezi 18, na Angelina Gatumbi, amezi indwi.
Mwiti mu nyuma yahavuye amenya ko umugore wiwe yavyaye umwana w'umuhungu, nawe yapfuye.
Yari umuyoboke akomeye wa Pasitori Mackenzie kuva mu 2015, akaba yari yagiye ubwa mbere mw'ishamba rya Shakahola mu 2021, hanyuma aguma agenda agaruka.
Amaze kubimenyesha igiporisi incuro nyinshi kandi akananirwa kenshi we ubwiwe kubatabara, yamenye ubu vuba abibwiwe n'abandi bana bashoboye gutoroka bakaba bari mu minwe y'igiporisi, ko abana biwe bapfuye.
''Barabamenye ku mafoto. Bari bazi amazina yabo kandi bazi n'aho Jacob na Lillian bahambwe,'' niko avuga, agerageza kwigumya ngo amosozi ntakoroke.
''Nabwiwe ko ntobandanya kurondeza abana banje. Bose barapfuye. Naracerewe.''
Yemera ko bahambwe muri iryo shamba ariko ibiziga vyabo ntibiramenyekana.
Shakahola n'ijambo ry'igiswahili risigura ngo: ''Aho amaganya ahera''.
Riri mu gahinga kanini Kangana na hegitari 20.000 ka Chakarama mu ntara ya Kilifi iri ku nkengera [z'ibahari Indiano].
Pasitori Mackenzie bivugwa ko asanzwe afise itongo ringana na hegitari zirenga 300 kuri iryo shamba.
Ubwinjiriro bw'iryo shamba, umanukanye akayira uva kw'ibarabara rikuru, ni urugendo rw'amasaha abiri uri mu mudoka uva Malindi, igisagara ca mbere kiri hafi.
Gushika muri iryo shamba ry'ibisaka vy'amahwa n'uruzitane rw'ivyatsi ntivyoroshe. Rirangwamwo ubushuhe hafi umwaka wose kandi hari igihe inzovu ziba ziriko ziritembereza muri ako karere.
Uko winjira cane, niko umirwa [n'ishamba]. Nta mirongo ya terefone ishikayo, nta internet.
Ariko aha niho ''Igihugu' gishasha c''Ubweranda'' cashinzwe.
Ako karere kari karaciwemwo ama karitiye, imwe imwe yose ihabwa izina ry'ibibanza vyo muri Bibiriya.
Bamwe mu bayoboke ba Pasitori Mackenzie bari babayeho ubuzima bwo kwiyima ikintu cose nko mu Buyudeha (Judea/Judee). Abandi bari binyegeje i Bethlehem. Hari kandi na Nazareth.
''Namenye ko umugore wanje n'abana babaye kandi bagapfira i Yerusaremu,'' niko Mwiti avuga. Ariko ntarigera ajayo kuva abategetsi batanguye kuzura ibiziga mu mva zashwizeko ibimenyetso.
Muri iryo shamba, abakora amatohoza bari babanje gutora ibibanza 65 aho abantu bahambwe. Kimwe kimwe cose cari gifise imva nyinshi zitimvye [kwimba] cane, ibiziga bihamvye vyegeranye.
'Abana nibo babanza gupfa'
Abazuye ibiziga bavuga ko kubona abantu bahambwe ata gateka vyabahahamuye. Gushika ubu abantu 110 baremejwe ko bapfuye, ariko hari ubwoba ko igitigiri gishobora kuba kinini kurusha aho mu gihe amatohoza abandanya muri iryo shamba.
Ibipimo vyo kurondera icishe umuntu birindiriye gukorwa ariko igiporisi n'abashikirizamanza ba reta bavuga ko uretse kwicwa n'inzara, bamwe muri abo bayoboke bashobora kuba baranizwe, barabujijwe guhema canke barakubitishijwe ibintu bidasongoye canke bidakarishe.
Abahoze ari abayoboke b'ishengero Good News International Church bavuga ko bahatiwe kwiyicisha inzara nka kimwe mu kigaragaza ukwemera kw'izo nyigisho zayo.
Titus Katana yashoboye guhunga, avuga ko abagerageje kuvayo baca bitwa abahemu hayuma bakagirirwa nabi cane.
Yavuze kandi ko hariho urutonde rw'ingene abantu bategerezwa gupfa imbere y'umuhero w'isi.
''Abana nibo bari aba mbere mu gupfa. Hanyuma inyuma y'abana, hakurikira abasore n'inkumi. Hanyuma abavyeyi b'abagore hanyuma abakuze cane bagahereza.''
Abarongoye ishengero vyari bitegekanijwe ko aribo baba abanyuma mu gupfa.
Asigura icatumye ahurumbira iryo shengero, Katana yavuze ko yibaza ko Pasitori Mackenzie yari ''inkerebutsi kandi yigisha neza ijambo ry'Imana''.
Ikindi cabitumye ni uko ''Mackenzie yagurisha ubutaka ku bayoboke biwe. Ivyo vyarankozeko. Naguze hegitari zirenga 6. Ariko aho mboneye ko inyigisho ziwe zirimwo amahinyu, naciye mpitamwo kuvayo.''
Mwiti avuga ko yumvise abavuga ko umwana w'uruyoya rw'umuhungu wiwe yonkejwe rimwe gusa. Mu nyuma aca yicwa no kubuzwa guhema.
''Numvise ko igihe umuhungu wanje yicwa, abayoboke aho bogandaye baciye bakoma amashi baranezerwa ngo aruriye [mw'ijuru] aca abonana na Yezu'', niko avuga.
Umwihwezo wa BBC w'inyigisho za Mackenzie zo kuri video ntaho zimwerekana ubwiwe ariko arabwira abantu kwisonzesha, ariko hari henshi abwira abayoboke gutanga ibimazi vy'ibintu vya mbere baha agaciro, harimwo n'ubuzima bwabo.
Mu mpera z'indwi iheze, Croix Rouge yo muri Kenya yavuze ko abantu 410, barimwo abana 227, vyibazwa ko bafitaniye isano n'ishengero rya Mackenzie, babuzwe irengero.
Ubu abaryango babo baguma bakebakeba mu micungararo y'ibitaro n'igituro c'igiporisi vya Malindi, barindiriye amakuru y'ababo.
Sinashoboye kwumvisha mama kuvayo
Muri abo harimwo Patrick Ngumbau.
Nyina wiwe yabuzwe irengero haraheze imyaka ibiri kandi yaragiye kumurondera muri Shakahola, ariko naho yamutoye ntiyashoboye kumwumvisha kuvayo.
"Naramubajije niba yokwemera gutaha.
"Yanyishuye ko ari ngaho ku butumwa bwo kurondera Yezu", bivugwa na Ngumbau mu gihe atonze umurongo mu bandi benshi barindiriye kumenya amakuru y'ababo.
"Navuye Shakahola mu 2021 mbabaye cane kuko numva ko twamaze kubura mama".
Yari yavuye mu ntara ya Makueni - ku birometero 270 - agarutse kuraba ko hari ibindi yomenya. Imiryango y'ababuzwe irengero bakoraniye i Malindi bavuye irya n'ino mu gihugu no kure y'aho, mu bihugu bibanyi vya Uganda na Tanzania, hamwe no muri Nigeria ku yindi mpera y'umugabane.
Christine Nyanchama yaje i Malindi avuye i Nyamira, hafi ku birometero 800, aje kurondera umugore bavukana, muramuwe n'abandi baryango batandatu.
Abana b'uwo bavukana - umuhungu n'umukobwa - baza baramaze gutorwa ibiziga, ariko madame Nyachama yibaza ko abandi bashobora kuba bakiri bazima.
"Aho uwo tuvukana ari hose, akeneye gufashwa vyihuta uko vyoshoboka kwose, imbere y'uko apfa. Maze kwumva ko aza amaze kwisonzesha iminsi 22'', niko avuga afatiye ku butumwa bwa nyuma yaronse kuri terefone.
Inyigisho za Pasitori Mackenzie kuri internet no ku mboneshakure hari abo zakoze aho bari basanzwe bababara.
Mu vyo yigisha harimwo kwanka kuja kw'ishure no kwa muganga [wa none].
Yari yavuze ko yugaye Good News International Church haraheze imyaka ine inyuma y'imyaka hafi cumi akora , ariko inyigisho ziwe, n'ubu zimwe zikiri kuri internet, ziboneka ko zafashwe inyuma y'iyo tariki.
Bamwe mu bayoboke biwe bamwemera cane baratabuye impapuro zabo z'umutsindo, baraheba ubuzi bongera baranka gucandagisha abana babo.
Dr Susan Gitau, atanga inama mu bijanye n'inyifato yemera ko benshi mu bantu bakurikiye Mackenzie - barimwo abantu bahejeje za kaminuza hamwe n'umuporisi wo mu rwego rwo hejuru - barondera icobahoza [amaganya canke agahinda barimwo], umwizero, n'ugushigikirwa.
Pasitori Mackenzie yahagaritswe muri kwezi kwa gatatu igihe abana babiri batorwa bapfuye muri Shakahola. We n'abavyeyi babo bagirijwe kubicisha inzara no kubabuza guhema imbere y'uko babahamba muri iryo shamba.
Ariko yaciye arekurwa kubera ata vyemezo vyariho.
Ubu yarongeye gufatwa ariko ntaco aravuga ku birego vyo kugandagura, gutera ubutagondwa hamwe no kubangamira umutekano w'abanyagihugu, bimurindiriye.
Prezida Ruto yemeye gushinga umugwi wo gutohoza ku vyashitse ariko n'abategetsi ubwabo barindiriwe n'ibibazo bitoroshe.
Kimwe muri ivyo n'ingene bafashe uwo mwanya wose kugira bamenye ko hari icariko kiraba.
"Nta nsiguro z'igituma abategetsi batigeze babibona", bivugwa na Hussein Khalid, umuyobozi nshingwabikorwa wa Haki Africa, ishirahamwe ryatabaje kuri izo mpfu.
"Dufise ishaka kandi dushaka ko umwe umwe wese muri abo bantu aronka ubutungane".
Mwiti ata ishavu kuri reta, igiporisi n'abategetsi b'akarere muri Malindi kuba ataco bakoze.
"Jewe nza mfise imyaka 45. Buno nyene ncumva ko bapfuye, numvise ko nanje napfuye".
Ubu yahaye abategetsi ADN/DNA yiwe mu cizere c'uko abana biwe bazomenyekana. Ico gihe honyene niho azoheza akagandara.