North Korea: Kim Jong-un avuga ko ikiza karanda ca Covid ku gihugu ciwe ari akaga gakomeye

Ibinyamakuru vya Korea ya Ruguru bitangaza ko indongozi yaco Kim Jong-un avuga ko umuvuduko udasanzwe ikiza karanda ca Covid kiriko kirafata ari "akaga gakomeye" ku gihugu ciwe.

Mu nama yihutirwa yabaye kuri uno wa gatandatu, Kim Jong-un yateye akamo ko hokoreshwa inguvu zose kugira barwanye uwu mugera.

Ni inyuma y'aho abategetsi b'ico gihugu batangarije ku musi wa kane ko habonetse abantu ba mbere banduye uwo mugera - n'aho abahinga bemeza ko uwo mugera ushobora kuba umaze igihe kitari gito uzunguruka mu gihugu.

Hari ubwoba ko iki kiza gishobora kugira ingaruka mbi cane muri Korea ya Ruguru.

Abanyagihugu baco bashobora kuhagirira ingorane kubera ata mugambi w'incanco uri mu gihugu, hamwe n'igisata c'amagara y'abantu atako cifashe.

Kuri uno wa gatandatu, ibinyamakuru vya reta vyatangaje ko muri zino ndwi nkeya ziheze haboneste abanyagihugu bagera ku gice c'umuriyoni bari babangamiwe n'umururumbo ku buryo budasiguritse.

Iki gihugu gifise uburyo buke bwo gupima, rero bikaba bishoboka ko hari abanduye Covid bashobora kuba batazwi.

Iki gitigiri caraduze cane ugereranije n'ivyari vyatangajwe ku wa kane no ku wa gatanu, bikaboneka ko iki kiza kibangamiye cane Korea ya Ruguru.

Itororokanirizo ry'amakuru KCNA risubiramwo Kim avuga ati: "Ikwirakwira ry'aka karanda kabi niko kaga ka mbere gakomeye gateye igihugu cacu kuva kibayeho".

Avuga ko iki kibazo kivuye ku bushobozi buke bw'abategetsi n'abajejwe amagara y'abantu, aca asaba ko bokwigira bindi bihugu ingene vyarwanije iki kiza, nk'akarorero igihugu kibanyi c'Ubushinwa.

Ibinyamakuru vyegamiye reta bivuga ko abantu 27 bamaze gupfa kuva muri Ndamukiza (4) biturutse ku mururumbo.

Aya makuru ntavuga nimba bari baranduye Covid, kiretse umwe gusa yatangajwe ku mugwa mukuru Pyongyang ko yahitanywe na Covid yo mu bwoko bwa Omicron.

Iyi ngingo yo gutangaza ko hari abanduye Covid muri ico gihugu kubwa kane ije inyuma y'ikiringo c'imyaka ibiri Korea ya Ruguru yari imaze ivuga ko ata Covid iri mu gihugu.

Iki gihugu cirebanga caranse amamiriyoni n'amamiriyoni y'incanco za AstraZeneca n'izo mu Bushinwa cari cemerewe n'amakungu mu mwaka uheze. Ahubwo coco civugira ko cashoboye kuzibiria Covid mu kwugara imbibe zaco mu wa mbere 2020.

Gisanzwe gisangiye imbibe na Korea y'Epfo hamwe n'Ubushinwa, vyompi bikaba vyarashoboye kurwanya aka karanda. Muri kino gihe, Ubushinwa buri mu rugamba rwo kurwanya ubwoko bwa Omicron mu kwugara ibisagara binini binini.

Mu nama yari ifise intumbero yo gutangaza amabwirizwa ajanye na Covid ku wa kane, Kim yabonetse ku mboneshakure yambaye agapfukamunwa ubwa mbere.

Yategetse ko haba ingingo zihutirwa zikomeye zo kurwanya uwu mugera, harimwo ibisa n'ingingo za guma mu rugo no guhagarika kurundarundana mu bibanza vy'akazi.

Korea y'Epfo ivuga ko yemereye ubutabazi umubanyi wayo wo mu buraruko inyuma y'ivyatangajwe ku wa kane, ariko ko Pyongyang itarishura.