Intambara ya Ukraine: umukuru wa Kharkiv yabwiye BBC ko ingabo za Russia zavuye muri ico gisagara

Igisirikare ca ukraine carirukanye ingaob z'uburusiya muri Kharkiv

Ahavuye isanamu, Getty Images

Umukuru w'igisagara ca Kharkiv, Ihor Terekhov, yabwiye BBC ko Abarusiya bavuye mu micungararo y'ico gisagara berekeza ku rubibe rw'Uburusiya.

Avuga ko igihe kimwe ingabo z'Uburusiya zashoboye kwinjira mu gace gatoya k'ico gisagara co mu buraruko bushira ubuseruko, ariko ko batahamaze igihe kinini.

Avuga ati: "Abarusiya babandanije batera Kharkiv amabombe y'urutavanako kubera bari bagumye hafi y'iki gisagara. Ariko kubera ubutwari bw'abajejwe gucungera umutekano wa Kharkiv n'ingabo za Akraine, Abarusiya bataye baromoka baja kure ku rubibe rw'Uburusiya.

"Ubu Kharkiv iratekanye kandi n'abantu batanguye kugaruka bukebuke muri iki gisagara. Abantu bose turabaha amazi, gaze n'umuyagankuba. Ikibazo gusa, ni uko amazu y'abantu yabomaguwe canke akononekara. Rero mu misi iri imbere tuzoba dufise igikorwa gikomeye co gusanura".

"Haraciye imisi itanu ata ma bombe atewe muri kino gisagara. Icabaye conyene ni uko Abarusiya bagerageje gutera igisasu ca misire hafi y'ikibuga c'indege ca Kharkiv, ariko iyi misire yaciye isamburwa n'igisirikare ca Ukraine".

Umukuru w'iki gisagara ashikirije aya majambo inyuma y'aho ikigo cigisha ibijanye n'intambara Institute for the Study of War, kibona ko Ukraine "isa n'iyamaze gutsinda intambara ya Kharkiv".

Mu mwihwezo iki kigo giherutse kugira ku bijanye n'iyi ntambara, abahinga bemerwa cane mu vya gisirikare bavuga ko Uburusiya bwananiwe no kugota iki gisagara ca Ukraine kigira kabiri - kandi ko bwahevye uwo mugambi.

Amakuru ava ku rubuga rw'intambara avuga vyabaye ngombwa ko ingabo z'Uburusiya ziva muri iki gisagara zirukanywe na Ukraine isa n'iyariko "iratsinda" urugamba rwo muri kino gisagara, nk'uko bivugwa n'iki kigo cubahwa cane muri Amerika.

Amakuru ya nyuma yatangwa n'iki kigo yashigikira ibi vyavugwa, aho umuvugizi w'ibiro bikuru vya gisirikare wa Ukraine yasubirwamwo na AFP avuga ko muri ako karere, "umwansi ariko ashira inguvu zose gukura ingabo ziwe mu gisagara ca Kharkiv".

Ni mu gihe abanyamakuru ba Reuters bavuga ko kino gisagara kiri mu buraruko bushira ubuseruko kimaze indwi zibiri gitekanye.

Ariko bivugwa ko Moscou ikibandanya icucagira ibibombe mu turere two mu micungararo yaco - harimwo akarere ka Dergachi kari ku birometero 10 mu buraruko bwa Kharkiv.

Mu masaha yitereye y'ejo ku wa gatanu, ibinyamakuru vy'Uburusiya vyatangaje ko ingabo z'Uburusiya zateye ikigo c'ububiko bw'ibirwanisho muri aka karere.

Kharkiv, igisagara kiri mu buraruko bushira ubuseruko, rimwe na rimwe gikunze kwitwa igisagara ntavogerwa. Iri zina cararironse muri ino ntambara.

Kuva igitero gitanguye, intumbero nyamukuru y'ingabo z'Uburusiya kwari ukwigarurira iki gisagara.

Ariko, mu kiringo c'amezi arenga abiri, uretse ko zananiwe no gushika kuri iyo ntumbero kandi ko - ariko ibi bikavugwa n'iki kigo c'abahinga co mu Bwongereza - zahevye uwu mugambi.

Ingabo za Ukraine zivugwa ko zirukanye iż'Uburusiya gushika ku rubibe, hakaba hari amakuru avuga ko ingabo zo muri za ntara zishaka kwiyonkora kuri Ukraine za Donetsk na Luhansk zikaba zegamiye Uburusiya, zirindirijwe kwinjira mu Burusiya.

Hagati aho, ibi si ukuvuga ko zasubiye inyuma rwose nk'uko vyagenze mu micungararo y'umugwa mukuru Kyiv.

'Integuro z'Uburusiya kuri Ukraine zapfuye' - niko Ubwongereza buvuga

Kubona Uburusiya bwashoboye gusa gushinga ku nguvu ubutegetsi bwabwo mu gisagara kimwe gusa ca Ukraine - Kherson - vyerekana ko igitero c'Uburusiya ataho kiragera mu bijanye n'intumbero bwari bufise kuri Ukraine, nk'uko bivugwa n'ubushikiranganji bw'Ubwongereza bwo kwivuna abansi.

Mu makuru ya nyuma bwatanze, ubu bushikiranganji buvuga ko ubutegetsi bwa gisivire na gisirikare bwashinzweho n'Uburusiya muri Kherson bwatangaje ko bugiye gusaba ako karere kegukira Uburusiya bubicishije muri kamarampaka.

Buvuga ko mu gihe iyi kamarampaka yokunda, nta nkeka ko Uburusiya "buzokora amanyanga ku bizoyivamwo kugira bwerekane ko benshi bashigikiye ko biyonkora kuri Ukraine.

Hagati aho, ubu bushikiranganji bwongerako y'uko kubona Uburusiya bwashoboye gushinga ku nguvu ubutegetsi bwabwo mu gisagara kimwe gusa ca Ukraine vyerekana ko intumbero shingiro yabwo yo "gushinga ubutegetsi bwegamiye Uburusiya mu turere twinshi twa Ukraine wananiwe".