Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Zimbabwe: Reta ivuga ko inzovu zimaze kwica abantu 60 uno mwaka
Umuvugizi wa reta ya Zimbabwe avuga ko inzovu zimaze kwica abantu 60 gushika ubu uno mwaka gusa.
Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa Twitter, Nick Mangwana, yagize ati:
"Ikibazo c'umubano mubi hagati y'ibikoko n'abantu kirateye agahinda. Muri uno mwaka honyene, abanya-Zimbabwe 60 baramaze gutakaza ubuzima kubera inzovu, abandi 50 barakomereka. Mu 2021, 72 nibo batswe ubuzima. Zimbabwe izotegura ikoraniro ku kibazo c'inzovu uno mwaka".
Mu karere kamwe, Bubi, inzovu "zaronye imirima zisiga yera ubu zikaba ziriko zitera zija mu mihana", nk'uko yavyanditse.
Avuga kandi ko ziriko zinjira mu mishamirano n'abantu bikaziviramwo gukomereka, ibi navyo bigatuma ziterwa "n'uburakari hamwe ata n'uwushobora no kuzitambika imbere".
Bivugwa ko muri Zimbabwe haharurwa inzovu 100.000 kandi igitigiri kibandanya ciyongera.
Umuhinga umwe mu bijanye n'ubuzima bwo mu mashamba, Tinashe Farawo, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko ibintu bishobora kuba nabi.
AFP yasubiyemwo amajambo yiwe avuga ati: "Ibintu bishobora kuba nabi mu gihe turiko twegereza ici, aho amasho y'inyamaswa zizozunguruka irya n'ino zirondera amazi n'imfungurwa".