Umusi w'Intsinzi: Putin avuga ko Uburengero bwariko butegura igitero

Perezida Vladimir Putin avuga ko ibihugu vyo mu Burengero vyanse kwumviriza Uburusiya kubera vyari bifise izindi nteguro.
Mw'ijambo yavugiye ku kibanza 'gitukura' (PLace Roge/Red Square) i Moscou, Putin yavuze ko ibihugu vy'Uburengero vyariko "bitegura gutera ubutaka bwacu, harimwo na Crimée /Crimea".
Yabwiye ingabo ko intambara zirimwo ubu ziriko zirwanira umutekano w'Uburusiya.
Yabandanije ijambo ryiwe avuga ko "igikorwa kidasanzwe ca gisirikare" muri Ukraine cari nkenerwa kandi ko caje "hageze".
Avuga ko yabaye "ingingo nyayo" nk'igihugu cikukiye, gikomeye kandi cigenga.
Putin yavuze kandi ko igihugu kizokora "ibishoboka vyose" kigafata mu mugongo imiryango yose yaburiye mu ntambara ya Ukraine.
Ati: "Umusirikare uwo ari we wese apfuye adutera umubabaro".
OTAN/NATO 'akaga gakomeye' ku Burusiya - Putin
Perezida Vladimir Putin avuga ko imyaka itatu iheze yaranzwe n'icuka kibi n'ibindi bihugu vya Bulaya, hamwe na OTAN.
Avuga ko Uburusiya "bwasavye ibiganiro n'Ubulaya, ariko ntibashatse kutwumviriza", akavuga kandi ko buriko butegura ibindi bihano kuri Donbas mu burengero bwa Ukraine, aho avuga ko ubu ibikorwa vy'Uburusiya ari ho vyibanze.

Ahavuye isanamu, Reuters
"I Kyiv bahora bavuga ko bashobora kuronka ibirwanisho vya nikleyeri mu gihe OTAN yari yatanguye kwiga akarere katwegereye, ibi bikaba vyabonetse ko kari akaga ku gihugu cacu no ku mbibe zacu. Ibintu vyose vyatwereka ko twategerezwa kurwana".
Hagati aho, ibihugu vyinshi kw'isi n'amashirahamwe mpuzamakungu nka ONU, bifata ko igitero c'Uburusiya muri Ukraine ari igitero giteye kubiri n'amategeko.
Putin yaciye asaba umunota wo kwunamira Abarusiya bapfiriye mu ntambara ya kabiri y'isi yose ariko kandi n'abasirikare bariko bararwanira Uburusiya muri Donbas.
Nk'uko abatari bake bari bavyiteze, nta kintu gikomeye yatangaje mu migambi yoba afise.
Putin yerekanye Uburusiya nk'igihugu gihohoterwa - umuhinga wa gisirikare
Katarzyna Zysk, umurusiyakazi w'umuhinga mu vya gisirikare, yabwiye imboneshakure BBC News ko ata gitangaza kirimwo kwumva Vladimir Putin afatanya iyi ntambara ya Ukraine n'intambara ya kabiri y'isi yose, "mu gushimagiza kahise k'ubutegetsi bw'aba Soviyeti, mbere akerekana inkumbu afitiye Abasoviyeti, ikintu gikwiye mu Burusiya hose, ubu bikaba vyunyuwe n'abategetsi b'Uburusiya".
Avuga ko yabandanije asubiramwo ivyo yagiriza OTAN ko yariko itegura igitero ca nikleyeri, yongera avuga ko Uburusiya burwanya "Aba-Nazi ba Ukraine".
Zysk avuga ko ibi biri mu ntumbero yo kwerekana ko Uburusiya ari ikirindiro gisugerejwe kandi ko aho hose Uburusiya bwagiye bunanirwa kuva mu myaka ya 1990 yabaye amakosa y'ibihugu vy'uburengero.
Ati: "Yerekana ko Uburusiya buhohoterwa. Ibi kandi ni mu ntumbero yo gusigura iyi ntambara".

Ahavuye isanamu, Reuters
Avuga ko yatangajwe n'ukungene Putin atigeze avugamwo abahemu b'Abarusiya bakorana n'Uburengero kugira ngo ate mu mporero abo bose batumva iyi ntambara.
Avuga kandi ko bitangaje kwumva avuga ko Uburusiya buri mu ntambara na OTAN hamwe na Ukraine.
'Ico gihe twaratsinze. N'ubu tuzotsinda' - Zelensky
Ku ruhande rwiwe, Perezida Volodymyr Zelensky yasohoye video irimwo ubutumwa yahaye abanyagihugu mu guhimbaza intsinzi ku ba-Nazi b'Abadagi mu ntambara ya kabiri y'isi yose, aho avuga ko igihugu ciwe kizotsinda intambara kirimwo n'Uburusiya.
Zelensky avuga kandi ko Ukraine idashobora kurekura "agace na gato k'ubutaka bwacu" ngo kigarurirwe n'Uburusiya.
Ati: "Turiko turarwanira intsinzi nshasha. Ni inzira itoroshe ariko nta nkeka dufise ko dutegerezwa gutsinda".










