South Africa: Hoba hagire haze umupfunda wa 5 wa Covid-19?

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abandura Covid muri Afrika y'epfo ku munsi bariyongereye gushika ku rugero rwa 60% hagati yo kuwa gatatu no kuwa kane bigatera impungenge z'uko hoba hagire haze umupfunda ugira gatanu w'iyo ndwara muri ico gihugu.
Haraharuwe abantu 9.757 bashasha banduye mu gihe kwandura no kwinjira ibitaro biriko biriyongera ku rugero ruri hejuru, nk'uko bitangazwa n'ikigo c'ico gihugu kijejwe indwara zandukira.
Ubushikiranganji bujejwe amagara buvuga yuko ubwoko bubiri bwamuka kuri Omicron ari bwo buriko buratuma ibitigiri biduga, bikigaragaza mu ntara nini zitatu - Gauteng, Western Cape na KwaZulu-Natal.
Bamwe mu bahinga b'indwara zandukira bavuga yuko bafatiye ku ruhande rw'ubuhinga, bovuga yuko Afrika y'epfo imaze gushikirwa n'umupfunda wa gatanu wa Covid, kandi bikaba bibaye kare kurusha uko vyategekanywa.
Kuwa kane, ikigo c'igihugu kijejwe ivy'amagara, National Department of Health, congeye amezi atatu ku ngingo zimwe zo gukumira iyo ndwara; zirimwo kwambara agapfukamunwa mu mazu, kugabanya igitigiri c'abemerewe guhurira ahantu hamwe co kimwe n'ic'abinjira mu gihugu.
Ico kigo cigije inyuma itariki ntarengwa yo gutangaza ingingo zivuguruwe zijanye n'ivy'amagara, kugira habe ukundi kuganira kwa bose nyuma y'ikurwako ry'ibihe bidasanzwe vy'ikiza bimaze imyaka ibiri kubera Covid.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abanye-Afrika y'epfo bari biteze kuja mu bihe vy'ukwisanzura nyuma y'ikurwako ry'amategeko adasanzwe, ariko leta iracariko iragerageza guhangana n'ubuzima busanzwe bushasha.
Iki gihugu nico cashegeshwe cane na covid kurusha ibindi ku mugabane kandi cararanzwemo amategeko akomeye cane ajanye no gukumira ikiza.
Ariko abajejwe intwaro barahanganye cane n'igitigiri c'abapfa, ubu kikaba kiri ku rugero rw'indwi mu masaha ari hagati ya 24 na 48 aheruka.












