South Africa yoba yarinubwe ku bumenyi bwayo ko Omicron idakaze cane?

Ahavuye isanamu, AFP
- Umwanditsi, Andrew Harding
- Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC News muri Afrika
Abahinga bo muri Afrika y'Epfo - bashimagizwa n'amakungu kuba ari bo ba mbere babonye ubwoko bushasha bwa Omicron - bagiriza ibihugu vy'uburengerazuba kwirengagiza ivyemezo vya mbere ko ubwo bwoko bushasha bwa Covid bwari bworoshe "cane bitangaje" ugereranije n'ubwari bumaze gushegesha isi gushika ico gihe.
Babiri mu bahinga bakomeye cane mu bijanye na coronavirus bo muri Afrika y'Epfo babwiye BBC ko ukwinuba kw'ibihugu vyo mu burengerazuba ku gikorwa cabo gushobora gufatwa nk'"ivanguramoko," canke, nibura, guhakana "kwemera ubuhinga/ubumenyi kuko buvuye muri Afrika".
"Bisa nk'uko ibihugu bikize bimeze nk'ibishobora kurusha kwakira inkuru mbi ivuye mu bihugu nka Afrika y'Epfo," ivyo bivugwa n'umwigisha wa kaminuza Prof Shabir Madhi, umuhinga mu ncanco wo kuri kaminuza ya Witwatersrand y'i Johannesburg.
"Iyo dutanze inkuru nziza, buno nyene haca hatangura ukwinuba. Ivyo novyita ivanguramoko."
Prof Prof Salim Karim,yigeze kuba ariwe mukuru w'inama mpanuzwajambo ya reta ya Afrika y'Epfo mu kurwanya Covid akaba n'icegera c'umukuru w'inama mpuzamakungu ya science (International Science Council) nawe aravyemera.
Yavuze ati: "Dukeneye kwigira bamwe ku bandi. Ubushakashatsi bwacu bukorwa neza cane. Umuntu wese yari yiteze akaga [kuri Omicron], aho rero batakaboneye, baciye batangura kwibaza niba ivyo twari twihweje vyari vyakozwe neza hisunzwe ubuhinga," akanemera ko incuro nyinshi z'ingene Omicron yagumye yihindagura zishobora kuba zatumye haba ukwiyubara cane.

Umupfunda wa vuba wa Covid muri Afrika y'Epfo, watanguye mu mpera z'ukwezi kwa Munyonyo (ukwa 11) mu 2021, ubu uriko uragabanuka cane ku murindi nk'uwo wari wazananye kandi usa n'uwushobora gutangazwa ko waheze mu gihugu cose mu minsi iza.
Haracari impungenge ko urugero abantu bandurako rushobora kwongera kuduga kubera amashure yasubiye gutangura, ariko, muri rusangi, umupfunda watewe na Omicron ushobora kumara ica kabiri c'umwanya iyindi mipfunda yamaze.
Mu ntango z'ukwezi guheze, abahinga n'abaganga ngaha bari batanguye guhanahana ivyemezo ko Omicron, naho yandukira cane, ituma abantu bake ari bo binjizwa ibitaro canke bapfa ugereranije na Delta.
'Ivyo twatoye vyakiriwe n'urwinube'
Prof Marta Nunes , umushakashatsi mukuru mu gisata gisesangura ibijanye n'incanco n'indwara z'ibisebuzi kuri kaminuza ya Witwatersrand avuga ati: "Imburi twari twatanze mu kwezi kwa cumi na kabiri n'ubu iracafise agaciro. Omicron ntiyakara cane. Mu buryo butangaje. Umugera uriko utera umenyera umubiri w'umuntu, kugira uzohave uba nk'uwuja uragaruka ku gihe runaka.
Ishami rya ONU riraba amagara kw'isi OMS riragabisha ku kuvuga ko Omicron "idakaze cane", rikavuga ko ukwandukira cane kwayo kwateye "tsunami" kw'isi, igatuma inzego z'ubuvuzi zihakwa kurengerwa.
Ariko abashakashatsi bo muri Afrika y'Epfo baguma bahagaze ku bushakashatsi bwabo.
Prof Karim avuga ati: "Urugero rw'apfa ruratandukanye cane [kuri Omicron]. Twabonye urugero rwo gupfa ruri hasi cane," agashimikira ku biharuro vya vuba vyerekana ko abinjiye ibitaro ari incuro zine munsi y'abavyinjiye kubera Delta, nk'uko n'abarwayi bakenera guhabwa gufashwa guhumeka nabo bagabanutse nk'uko nyene.
Prof Karim yongerako ati: "Nta n'indwi zibiri vyafashe kugira bitangure kugaraara ko ari ubwoko budakara nk'ubwahahora. Hanyuma aho tumariye kubimenyesha abandi kw'isi, haciye haba ukuvyinuba.
Vyaravuzwe ko Afrika - canke nibura bimwe mu bice bimwe bimwe vy'uwo mugabane- yisangije uko iriko irahura n'ico kiza kubera ingene uko abayibako bameze, canke kubera izindi mvo. Muri Afrika y'Epfo, , nk'akarorero, muri rusangi umuntu afise imyaka 17 y'ubuto kurusha uwo mu Bwongereza.
Ariko abahinga bavuga ko muri Afrika ico boba barusha abandi ufatiye ku bantu bahaba ku vyerekeye Covid birengewe kure n'ingorane z'amagara ziharangwa.

Abantu bose bamaze gupfa muri rusangi mu bihe vy'ikiza muri Afrika y'Epfo ubu bangana na 290.000 - ni ukuvuga 480 ku bantu 100.000 - igitigiri cikuba kabiri ku co mu Bwongereza.
Prof Madhi avuga ati: "Ukuri ni uko Afrika y'Epfo ifise abantu bashobora gukarirwa n'indwara kurusha abo mu Bwongereza iyo haje indwara ikaze. Nivyo dufise abanyagihugu bakiri bato… ariko natwe dufise abanyaguhugu b'amagara atako yifashe kubera ibindi bituma bibangamira amagara nk'ukuvyibuha birengeje canke umugera wa Sida (HIV)."
Prof Karim avuga ati: "Igihugu cose kirafise ivyo cisangije. Ariko turamaze kumenya ingene duhereye hamwe dushobora kubona ivyoshika ahandi".
Igitigiri ca 290.000 c'abantu bamaze gupfa bose mu gihe c'ikiza ntikiremezwa ko arico nyaco cerekana abo ikiza kimaze guhitana muri Afrika y'Epfo. Kiri incuro zitatu igitigiri kizwi icese c'impfu zitewe na Covid-19.
Ariko abahinga ngaha bibaza ko abenshi muri abo bose bapfuye muri iki gihe c'ikiza bishoboka ko bahitanywe n'ikiza. Ica kabiri cabo bapfuye mu gihe ca Delta, ariko, gushika ubu, 3% bonyene nibo bamenyekanye mu gihe c'umupfunda wa Omicron, nk'uko bivugwa na Prof Madhi.
Nta kwongera gushira abantu ukwa bonyene
Reta ya Afrika y'Epfo yaranse gufata ingingo zikaze kurusha mu gihe c'umupfunda wa Omicron, yongera iranegura cane ibihugu vyo hanze vyari vyaciye vyihuta mu gufata ingingo zo kubuza ingendo z'indege ziva canke zija muri ako karere.
Abahinga ngaha muri rusangi barashimye iyo nyifato yoroshe kuri ico kibazo, ubu bakaba bibaza ko n'ibindi bihugu bikwiye gufata ako karorero.
Prof Nunes avuga ati: "Turemeza ko uwo mugera utagiye kurandurwa mu mubiri w'umuntu. Ubu dutegerezwa kwiga ingene tuzobana n'uwo mugera hanyuma nawo uzokwiga ingene utegerezwa kubana na twe."

Ahavuye isanamu, AFP
Prof Madhi avuga ati: "[Urugero rw'abicwa na Omicron] rwerekana ko turi ku ntera itandukanye y'ikiza. Nobigereranya n'igihe c'ukwiyandaza iyo wahora urwaye".
Asanga Afrika y'Epfo, "ibiravye hasi hejuru" yararetse ivyo gushira abantu ukwa bonyene no kuguma irondeza aboba barakoranyeko n'abanduye, hanyuma agasaba reta kureka gupima Covid-19 ku rugero rwo mu kibano avuga ko bidakenewe.
Ahubwo avuga ko ico gushira imbere ari ukugabanya abantu binjizwa ibitaro kubera Covid-19.
Prof Madhi anashikiriza amakenga ko ubutumwa bunyuranye ku kugene Afrika y'Epfo iriko iravyifatamwo neza mu kurwanya ikiza bushobora "kugabanya icizere ku ncanco [n'ubwo ikiri co ari uko] tuzi ko zibuza umuntu kurwara akaremba.
N'ubwo Afrika y'Epfo iza inyuma cane y'ibihugu nk'Ubwongereza uravye urugero rw'abantu bahawe incanco, nibura bitatu kuri bine vy'abanyagihugu barakingiwe bifadika biciye ku bufatanye bwo kuba warigeze kwandura umugera hamwe no gucandagwa.
Prof Karim aremera ko ukwandukira vyihuse kwa Omicron bitera ingorane ku gihugu nka Amerika, ariko afatiye ku biriko biraba muri Afrika y'Epfo, avuga ati "iciza n'uko kubera [urugero rwo kwandura] rwaduze vuba gutyo, no kumanuka niko ruzokwihuta, gutyo ibitaro ntibizoheza ngo birengerwe cane".










