Africa-Urudandazwa ku buryo bwa none: Abagore bahevye iduka bakaja kuri terefone zigezweho

    • Umwanditsi, Na Sam Fenwick
    • Igikorwa, BBC Business Daily

BBC yibanze ku bagore batatu b'abanya-Afrika - uwahora afise iduka, umwigisha n'umushoferi wa taxi - bongereje amafaranga binjiza kuva batanguye gukora urundadazwa ku buryo bwa terefone zigezweho (smartphones na digital platforms).

Ikiza ca coronavirus catumye benshi basubira kwiyumvira ingene boronka ikibabeshaho.

Ikigo cigenga gikora ubushakashatsi Caribou Digital catoye ko abagore muri Kenya, Nigeria na Ghana bariko baravyaza umusaruro uburyo bwo gukora urudandazwa uciye ku buhinga bwa none bwo gutumatumanako (smartphones na digital platforms) kuko bwo bworoshe gushikira no gukora ibitandukanye -gutyo bagashobora kwinjiza amafaranga kandi bakabandanya n'amabanga yo kwitaho abana babo.

Sharon Tarit

Madame Tarit (mubona kw'ifoto aho hejuru) ntiyibaza ko yoshoboye kugwiza na kabiri amafaranga yinjiza mu kiringo c'amezi icenda.

Ikiza ca Covid cari catumye yugara iduka ryiwe ry'impuzu z'abana muri Eldoret mu burengero bwa Kenya, none gukotesha ibibanza aciye ku bigo bikorera kuri internet nka Airbnb bisa n'ibiriko birazibira igihengeri cari catewe no kwugara urudandazwa rwiwe.

Ariko, Madame Tarit w'imyaka 29, ari mu bandi bagore benshi bariko baratera imbere mu gukoresha imbuga nka Facebook, Whatsapp, Instagram na apps z'ama taxi nka Uber na Bolt.

Yatanguye urundadazwa rwiwe n'ikibanza kimwe haraheze amezi icenda none ubu afise indwi -ubu akaba akotesha ku gihe kirekire hanyuma nawe agapangisha aciye kuri Airbnb.

"Ubu ninjiza amafaranga menshi kurusha ayo nakura mu rudandazwa imbere y'ikiza [ca Covid]," niko yabwiye BBC Daily.

Abakoresha urwo rudandazwa ahanini n'abakerarugendo babikisha aho bazorara hamwe n'abagwizatunga bashima kurara muri Airbnb aho kurara mw'ihoteri.

"Mu gihe ca Covid benshi mu bagenzi banje baratakaje ubuzi baca batangura gukorera ku materefone kugira binjize amafaranga. Ubu bagurisha ivyo kurya baciye kuri internet hanyuma bagakora nk'abashoferi bo kubishira abakiriya", nk'uko Madame Tarit avuga.

Josephine Adzogble

Umunsi usanzwe kuri Madame Adzogble w'imyaka 32, utangurwa no gushira ubutumwa bwo kwamamaza ivyo acuruza kuri Whatsapp no kuri Facebook yibereye i muhira i Acra, umurwa mukuru wa Ghana.

Ari mu bariko baravyaza umusaruro zimwe mu mpinduka zikomeye cane mu butunzi muri Afrika -ukwiyongera kw'ibibanza vyo gukoreramwo ubucuruzi kw'isoko ryo kuri internet.

Agurisha amaterefone ngendanwa, ivyuma vyo kuzana akayaga mu nzu hamwe n'ama-television, ivyo vyose akavyamamaza aciye ku migwi yashinze kuri Whatsapp na Facebook, hamwe no mu yo asanzwemwo, nk'uwo ahuriramwo n'abo basenga hamwe.

Madame Adzogble yahevye akazi ko kwigisha igifaransa kugira aronke umwanya ukwiye wo gukora urudandazwa rwiwe kuri internet.

"Bivamwo amafaranga menshi kurusha kwigisha. Ndashobora kugurisha ikintu kimwe nkinjiza ayaruta ayo mara ukwezi nkorera mu kwigisha. Mfise abana. Nkeneye guha abana banje indero nziza ishoboka, akaba aribo bampa umwete wo kurondera kwigenga mu bijanye n'amafaranga", niko avuga.

Ku bwa Madame Adzogble, kwubaka imigenderanire myiza n'abakiriya n'ikintu nyamukuru ushaka guca amafaranga uciye kuri internet.

"Aho baraheza bakakugurira hanyuma bakakuvuga neza."

Ayobami Lawal

Madame Lawal, w'imyaka 34, akorera ibigo vy'amataxi uhamagara uciye ku buhinga bwa none Uber na Bolt mu gisagara ca mbere kinini muri Nigeria, Lagos.

Ariko, ntibimworohera - uyo mugore areze abana bane wenyene avuga ko hari abagabo banka gutwarwa n'umugore.

Lawa avuga ati: "Igihe natangura gutwara taxi muri Lagos, abagabo bose baca bafuta urugendo maze gushika kubajana."

"Lagos haragoye , bisaba kuba ukomeye cane kugira ushobore gutwara imodoka mu gisagara. Abagabo bibaza ko izo nguvu atazo mfise, mbanza kubajijura kugira bemere kwinjira mu modoka."

Icigwa ca Caribou Digital cerekana kandi ko abagore benshi barondera ikibabeshaho baciye ku buhinga bwa digital bafise impungene ku mutekano wabo.

Umukuru w'abakoze ubwo bushakashatsi Grace Natabaalo yabwiye BBC ati: "Abagore benshi twavuganye bavuze ko baburagijwe bishingiye ku gitsina iyo bitavye ababa bafatishije ingendo."

Ati: "Mu gihe reta ihimiriza abagore bakiri bato gufata bene aka kazi bakeneye no kumenya urundi ruhande rwako - ko hari ingeramizi kandi zitegerezwa gufatwa nk'ikibazo gikomeye n'inzego z'igiporisi na reta."

Ariko Lawal avuga ko ivyiza birimwo biruta cane ibibi.

Ati: "Ni vyiza cane kuba ushobora kwironkera ikikubeshaho ariko kandi nshaka no kugira ico ntereye mu butunzi muri rusangi mu gutanga amakori (imisoro). Nsaka ko ubwanje ntera imbere, na Nigeria igatera imbere."