Intambara muri Ukraine: Russia yasubiye kuburira Sweden na Finland kutarondera kuja muri OTAN/NATO

Uburusiya bwasubiye kugabisha ibihugu vya Suède na Finland bubicishije mu buserukizi bw'impande zompi ku nkurikizi zo kwinjira mw'ishirahamwe OTAN/NATO ryo kwivunira umwansi hamwe, nk'uko umuvugizi w'ubushikiranganji bujejwe imigenderanire Maria Zakharova abivuga.

Zakharova yabwiye imboneshakure Russia-24 ati: "Twaramaze kubagabisha uko dushoboye kwose, tubicishije ku mugaragaro hamwe no mu buserukizi.

"Barabizi neza, ntihagire ikintu na kimwe kizobatangaza, baramenyeshejwe ibintu vyose ku nkurikizi bishobora kuzana".

Mu kwa kabiri, Zakharova yari yagabishije ibi bihugu ko mu gihe vyoramuka vyemerewe kwinjira muri iryo shirahamwe hazoba "ingaruka za gisirikare na poritike".

Uno musi, inama nshingamateka ya Finland irugurura ibiganiro vyo kwiga nimba bakwiye gusaba kwinjira muri OTAN, inyuma y'aho Uburusiya butereye Ukraine bigatuma abatari bake, baba abanyaporitike canke abanyagihugu basaba cane kwinjira muri iryo shirahamwe ryo kwivunira umwansi hamwe.

N'aho Uburusiya bwagabishije ku mugambi wo gushinga ibirindiro vya nikleyeri mu karere ka Baltique mu gihe Finland na Suède vyokwinjira muri iryo shirahamwe, umushikiranganji wa mbere wa Finland Sanna Marin yavuze ko igihugu ciwe ari ngombwa ko gifata ingingo vuba bwango nimba cosaba kuba umunywanyi waryo.

Suède nayo nyene iriko iriga nimba ikwiye gusaba kwinjira muri iryo shirahamwe inyuma y'igitero c'Uburusiya.

Ku wa gatatu w'indwi iheze, ikinyamakuru co muri Suède Svenska Dagbladet catangaje ko umushikiranganji wa mbere wa Suède, Magdalena Andersson, ategura gusaba kwinjira muri OTAN imbere y'ikoraniro ryayo mu mpera z'uwa gatandatu.