Intanbara ya Ukraine : Abarugwanye biteguriye intambara ku karere kigaruriwe ka Luhansk

Ahavuye isanamu, Reuters
Urwamo rw'ibisasu bikomakomeye vyumvikana cane igihe twariko turagana ku kirindiro c'abasirikare ba Ukraine i Luhansk. Hari kandi n'urwamo rw'amabombe aho haza haracamwo n'urwo inkoho zito zito. Twari nko ku metero 50 uvuye ku birindiro vy'abarusiya.
Iyi ishobora kuba ari intambara yo mu kinjana ca 21, ariko uko ibinogo vyo kwinyegezamwo yimbwe, bisa n'ivyo mu ntambara ya mbere y'isi yose.
Ibitero vy'Uburusiya mu buseruko bwa Ukraine biza vyamaze kugwira. Ivyo ushobora kubibonera ku rukurikirane rurerure rw'amamodoka mu burengero rugana ahakiri agahengwe; ushobora no kubibonera ku mabarabara agaragara uriko uraca mu bisagara vya Donbas, kandi ushobora no kuvyumvira ku rwamo rw'ibisasu bikomakomeye vy'Uburusiya.
Uburusiya buriko burarungika benshi mu basirikare babwo bahora mu buraruko no mu buseruko bwa Ukraine. Intumbero n'iyo kwongereza inguvu mu ntambara iriko ibera i Luhansk na Donetsk - ibice bimwe bimwe vyaho bikaba vyari bisanzwe vyarigaruriwe n'abiyonkoye bashigikiwe n'Uburusiya. Uburusiya buzoharonkera akoyoko mu kuronka inzira ngufi bucishamwo ivyo bukeneye ku rugamba - ivyabateye ikibazo bigatuma bananirwa mu bitero vy'i Kyiv.

Uburusiya n'ababuyoboka ubu bagenzura ibice 90% vya Luhansk hamwe n'igice kirenga ca Donetsk - ahahoze ari umutima w'amahinguriro muri Ukraine. Hari umwotsi uri hejuru muri ako karere gasanzwe karasinzikajwe no kwimbwamwo ubutare hamwe n'amahinguriro.
Ingabo za Ukraine zimaze imyaka umunani zigwana iyi ntambara ngaha. Muri bo harimwo bamwe mu basirikare karuhariwe b'ico gihugu. Abategetsi ba Buraya bavuga ko ingabo za Ukraine ziri mu karere ka Donbas ari aba mbere mu buhinga bwa gisirikare kandi bafise n'ibigwanisho bigezweho.
Mu gihe ingabo z'Uburusiya ziriko ziregerana ziva mu buraruko, mu buseruko no mu bumanuko, hari ubwoba ko bashobora kubakikuza bagasigara mu kangaratete.
Uburusiya buramaze kwigarurira igice kinini ca Ukraine. Ariko baracabandanya kwimba ibinogo mu kubandanya urugamba. Mu gihe twariko turaca mu buseruko ku birindiro vyabo twabonye ibirindiro vyabo vyo kwivuna umwansi, kandi hari himvye n'ibinogo.

Ahavuye isanamu, Reuters
Anatoly, umusirikare w'imyaka 52, ariko ararabira mu matarubindi yinyegeje mu kinogo, ahari ibirindiro vy'abarusiya. Yambwiye ati: "Ndabona abarusiya, turasa".
Ariko yari yiteguye kugumya ico kirindiro. Yavuze ati : "Mu gihe bogerageza gufata ikirindiro cacu, nzobica. Ntabishe bazonyica. N'uko intambara imera."
Bamwe mu bagabo twavuganye bemeza ko bateguye neza ibinogo binyegezamwo kandi ko uko biteguye kwivuna bibaha inguvu zisumba ababateye.
Andrej, umusirikare w'imyaka 27, yari kumwe n'imbwa yiwe yitwa Lucifer mu kinogo. Yambwiye ati: "Dufise ibigwanisho vyiza, kandi dufise aho twinyegeje hakomeye, mu gihe abarusiya bodutera ngaha, bazotsindwa".

Ahavuye isanamu, Reuters
Izo ngabo zivugako zagumye zirungikirwa ibigwanisho vy'i Buraya nka misile zitwa Javelin zirarasa ibimodoka bitamenwa. Barashima ariko bizeye kuronka vyinshi gusumba.
Andrej yavuze ko prezida Putin "afise ingorane mu mutwe" (Psycho) ariko yongerako ko ibiziga vy'abasirikare biwe b'abarusiya bishobora kuba ibitabizo vy'isi yabo.
Abo basirikare baboneka nk'abantu barushe kubera iyo ntambara, ariko bose bavuga ko ishaka rikiri ryose.
Icegera c'uwurongoye urugamba, Roman, yamaze imyaka ine yiga ivyigwa vy'inyifato y'abantu (Psychology) muri kaminuza ya Lviv.
Iruhande yo kurwana, arafasha abo bari kumwe ku rugamba bafise ibibazo vyo mu mutwe.
Ariko yavuze ati: "Mu bisanzwe abantu ntibakeneye ubufasha bwanje. Bafise ishaka rikomeye ryo kugwanira imiryango yabo, abagenzi n'ivyabo ugereranije n'abarusiya agereranya n'agasuzuguro kenshi nka "zombie".

Abasirikare ba Ukraine bose barazi neza ko abarusiya bariko bararungika abasirikare benshi mu busruko. Barazi ko hagiye kuba ibintu bibi.
Ariko Roman yemeza ko abasirikare ba Ukraine bafise amayeri yo kugwana akomeye. Avuga ko amatwara ya gisirikare y'Uburusiya atarigera atera imbere kuva habaye intambara ya kabiri y'isi yose, aho bishimikiza ibirwanisho birasa kure.
Ariko ivyo bigwanisho birasa kure vy'Uburusiya bimaze gutuma abantu ibihumbi n'ibihumbi bata izabo.









