Intambara ya Russia na Ukraine: Umukuru w'umutumba n'umuryango wiwe wose barishwe n'Abarusiya

Olha Sukhenko, umugabo wiwe Igor n'umuhungu wabo Oleksander bose bavugwa ko bagandaguwe

Ahavuye isanamu, Facebook

Insiguro y'isanamu, Olha Sukhenko, umugabo wiwe Igor n'umuhungu wabo Oleksander bose bavugwa ko bagandaguwe

Abategetsi ba Ukraine bavuga ko ingabo z'Uburusiya zagandaguye umukuru w'umutumba, umugabo wiwe n'umuhungu wabo. Ibi - hamwe n'ibindi biziga vyatowe vy'abagabo batanu bari bambaye impuzu zisanzwe - vyiyongereye ku bimenyetso vy'ivyaha vy'agahomerabunwa bibandanya vyibonekeza muri Ukraine. Umunyamakuru wa BBC Yogita Limaye yarishikiye muri ivyo bibanza bibiri vyabereyemwo ubu bwicanyi.

Mu gisagara ca Bucha, hanze gato ya Kyiv, amahano yabaye mu gihe Uburusiya bwari bwigaruriye iki gisagara aratanguye kuja ahabona.

Mu nzu yo mu kuzimu y'inyubakwa yahoze ari ikigo c'irerero ry'abana, ibiziga vy'abantu batanu birambaraye hasi - abagabo batanu bambaye impuzu zisanzwe, amaboko aboheye mu mugongo.

Bamwe bari barashwe mu mutwe, abandi nabo mu gikiriza. Ntibari bwamenyekane, ariko abategetsi ba Ukraine bavuga ko aba bagabo bari bafashwe bugwati n'ingabo z'Uburusiya zica zirabica.

Vlad, umwe mu baduganye ibi biziga babivana muri iyo nzu yo mu kuzimu, avuga ati: "Twarumvise baraswa. Twarumvise ama mines aturika muri ako karere. Aha mu micungararo yacu huzuye ama mines. Ni igihamana kubona tukiri bazima".

Vlad avuga ko yumvise umugabo ahamagara umugore wiwe yari yasohotse hanze kurondera amazi, hanyuma yumva amasasu menshi. Mu nyuma yasanze uyo mugabo n'umugore bapfuye. Ati: "Ni ibintu vyinshi nshobora kukubwira ariko reka ndabireke. Ndipfuza kuvyibagira".

Hafi yaho gato, ku mutumba wa Motoyzhyn, ibiziga bine bihambwe mu mva ntoya mw'ishamba. Bitatu vyaramenyekanye - Olha Sukhenko w'imyaka 51, umugabo wiwe Igor n'umuhungu wabo Oleksander yari afise imyaka 25.

Olha yari umukuru w'umutumba. Bizwi ko we n'umuryango wiwe bishwe bagirizwa ko bafasha abasirikare ba Ukraine, baca batabwa ku nkengera y'ishamba, bahambwe igice, ukuboko kwa Ohla no mu maso h'umuhungu wiwe biboneka mw'ivu.

Bucha

Umukuru w'igihugu ca Ukraine Volodymyr Zelensky yaragendeye Bucha ejo ku wa mbere. Yagize ati: "Dushaka kwereka amakungu ivyabereye hano, ivyo igisirikare c'Uburusiya cakoze, ivyo Uburusiya bwakoreye Ukraine yari yibereye mu mahoro. Vyari ngombwa ko mubona ko aba bantu bari abasivire".

Avuga ko Ukraine yiteguriye kuganira n'Uburusiya. Yabwiye BBC ati: "Ukraine ikeneye amahoro. Ntidushobora kuba mu ntambara. Imisi yose igisirikare cacu cama kiriko kirarwana, ariko ntidushaka ko ubuzima bw'amamiriyoni y'abantu buzimangana. Nico gituma dutegerezwa kuganira n'Uburusiya".

Mu tundi turere twa Bucha, hari amakuru y'ibinogo rusangi vyimbwe kugira bihambwemwo ibiziga vyarengeye ivyumba vy'uburuhukiro.

Amasanamu n'amareresi yerekana abasivire bishwe babohewe amaboko mu mugongo. Ibimenyetso vy'ivyaha vy'agahomerabunwa muri kino gisagara cigeze kuba kirangwamwo ituze vyabandanije vyiyongera ejo kuwa mbere.

Umukuru w'igisagara, Anatoliy Fedoruk, avuga ko abasivire n'imiburiburi 300 bagandaguwe. Nta bitigiri ntabanduka biramenyekana.

Uburusiya burahakana ko ata ruhara bubifisemwo, bukavuga ko ibi bimenyetso vyose vyerekanywe ari irementanya, ariko aya majambo yiyamirijwe n'uburakari bwinshi. Ibimodoka vy'intambara vyabwo vyaturiwe vyuzuye ibarabara rimwe rya Bucha.

Ubu turazi bimwe mu vyabereye hano, mu burengero gato bwa Kyiv. Ariko hari ibisagara bitari bike muri Ukraine bikiri mu minwe y'Uburusiya. Hari ubwoba ko ivyabonetse hano bishobora no kuboneka n'ahandi, ko hashobora kwibonekeza ibindi biziga mu vyumba vyo mu kuzimu no mu mva ntoya.