UN-UKraine: Prezida Zelensky yashikirije ijambo "kw'izina ry'abazira amahano y'Uburusiya"

Zelensky yabwiye inama ya ONU ijejwe umutekano ko ariko arayishikiriza ijambo kw'izina ry'abahura n'amahano y'Uburusiya.
Mw'ijambo rya mbere muri ONU kuva Uburusiya bugavye igitero ku gihugu ciwe, Zelesnky yavuze ko Abarusiya bica abanyagihugu basanzwe kandi bagasambanya ku nguvu.
Zelensky ivyo abivuze inyuma yo kugendera igisagara ca Bucha ku wa mbere aho ibiziga vy'abantu bishwe vyabonetse. Yagirije Uburusiya gukora jenoside.
Uwuhagarariye Uburusiya mu nama ya ONU ijejwe umutekano Vasily Nebenzya, yiyamirije ivyaha vy'intambara vyagirijwe ingabo z'Uburusiya muri Bucha, avuga ko hari "ibihushane bigaragara mu bintu vyerekanywe n'ibinyamakuru vyo muri Ukraine n'Iburaya".
Yavuze ko ibiziga vyabonywe n'abamenyeshamakuru muri ico gisagara co muri Ukraine bitari bihari buno nyene ingabo z'Uburusiya zikihava -avuga ko ivyo "vyemezwa n'ama video menshi."
Nebenzya yongeyeko ati: "Ivyo biziga nta na hamwe bisa n'ibishobora kuba bimaze iminsi itatu canke ine birambaraye mw'ibarabara".
Ariko amasanamu ya satellite yahinjujwe akemezwa na BBC yerekana ibiziga kw'ibarabara rya Bucha hafi indwi zibiri imbere y'uko ingabo z'Uburusiya ziva muri ico gisagara.

Ahavuye isanamu, BB/Maxar
Amasanamu ya satellite yatanzwe n'ikigo c'abanyamerika Maxar - hanyuma agahinyuzwa na BBC- yerekana ko hari ibiziga kuri iryo barabara nyene muri Bucha itariki 19 Ntwarante/Werurwe. Ingabo z'Ubusiya nazo zahavuye mu mpera z'uko kwezi kwa gatatu.
Ibindi Zelensky yavuze ni ibihe?
Umukuru wa Ukraine yakomeje kugira urutonde rw'amabi avuga ko yakozwe n'ingabo z'Uburusiya muri ico gitero.
Mw'ijambo yavuze asubirwamwo n'abahindura indimi, yavuze ko muri Bucha ''ata caha na kimwe ingabo z'Uburusiya zitakoze".
Avuga ko abatantu barasiwe mu mabarabara, mu mazu yabo, baratabwa mu binogo abandi bahonyorwa n'ibiduga vy'ingwano hagati mw'ibarabara "mu kwinezereza gusa" kw'ingabo z'Uburusiya.
Yongeye kuvuga ko ibikorwa vy'Uburusiya ataho bitaniye n'ibikorwa n'umurwi w'iterabwoba, Islamic State, kandi ko prezida Putin ashaka kujana urwanko rwiwe gushika mu bindi bihugu.
Umutekano inama ya ONU ijejwe umutekano itegerezwa kuzana uri he, ni uko yabajije.
''Amahoro ari he? Ibikenewe ONU ishaka guhagararira birihe?"
Yavuze ko isi igiye kubona ibindi vyaha vyo mu ntambara igisirikare c'Uburusiya gishobora kuba carakoze mu bindi bice vya Ukraine, birenze ivyo bivugwa muri Bucha.
Zelensky yerekanye video"iteye ubwoba"

Inyuma y'ingorane z'ubuhinga, umukuru wa Ukraine Volodymir Zelensky yeretse inama ya ONU ijejwe umutekano video yafashwe muri Ukraine.
Iyo video yamaze nk'umunota umwe yerekana isanamu ku yindi z'abanya-Ukraine bishwe harimwo abahiye n'abatakimenyekana isura.
Dame Barbara Woodward - ahagarariye Ubongereza (UK) muri ONU, akaba ari nawe mukuru w'inama ya ONU ijejwe umutekano yashimiye prezida Zelenshky kuba yeberetse iyo video.
Yavuze ko ayo masanamu ateye ubwoba.
Reta Zunze Ubumwe za Amerika zasubiye gushimika zisaba ko Uburisya bwohagarikwa mu rwego rwa ONU rujejwe agateka ka zina muntu -zivuga ko zatahuye ko ivyaha vy'intambara vyakozwe muri Ukraine.
Linda Thomas-Greenfield, uwuhagarariye Amerika muri ONU yabiye inama ya ONU ijejwe umutekano ko ''Uburusiya budakwiye kuba bufise ijambo mu rwego intego yabwo nyamukuru ari uguteza inbere ukwubahiriza uburenganzira bwa zina muntu".
Yavuze ko kuba Uburusiya burimwo ''bikomeretsa" izina ry'urwo rwego, biturutse kuri iyo ntambara ''itasomborokejwed hamwe n'akaga [yateye]".
Ahindukiriye ku mukuru wa Ukraine Volodymyr Zelensky Thomas-Greenfield yamubwiye ati: ''Turi kumwe n'abanya-Ukraine mu gihe muhanzwe n'ico gitero ku bwigenge bwanyu, demokrasi yanyu n'ukwishira no kwizana kwanyu."











