Umushoferi wa taxi-moto muri Liberia: Ingene gusubiza $50,000 vyahinduye ubuzima bwa Emmanuel Tuloe

    • Umwanditsi, Na Jonathan Paye-Layleh
    • Igikorwa, BBC News, Monrovia

Inkuru y'ivyashikiye umunya-Liberia Emmanuel Tuloe ni nka 'harabaye' ya none.

Uwo muhungu w'imyaka 19, yambaye umwambaro w'ishure (uniforme) w'ibara ry'ubururu, asa n'uwutajanye no kuba ari mw'ishure ry'abanyeshure arusha nibura imyaka itandatu.

Ariko uwo muhungu yari yarahevye kwiga akiri mu mashure matomato ubu aranezerewe.

Mu mwaka uheze yita ku rutare arondera ubuzima mu kugendesha taxi-moto igihe yatora amafarannga angana n'amadorari 50.000 mu ruvange rw'inoti zo muri Liberia n'amadorari ya Amerika atekeye mw'isashe ku nkengera z'ibarabara.

Yari kuba yaciye ashira ayo mafaranga mu mufuko ubuzima bwiwe bugaca buhinduka. Ariko yaciye ayaha inasenge ngo ayabike neza hanyuma nyeneyo avugiye kuri radiyo abaza ingene yotora amafaranga yiwe, Emmanuel aca aravuga ko yayatoye.

Atwengwa na bamwe kubera ukuba imvugakuri - abantu baramutwenze bavuga ko azopfa ari umukene - ivyo yakoze vyatumye aronka udushimwe turimwo kwiga kuri Ricks Institute, rimwe mu mashure meza cane muri Liberia.

Prezida George Weah yamuhaye amadorari 10.000, umwe mu bantu bafise ikinyamakuru nawe amuha ayandi, amwe yavuye mu bantu bumviriza canke baraba ico kinyamakuru. Nyene ayo mafaranga nawe yamuhaye ibintu biciye amadorari 1.500.

Uretse ivyo kandi kumbure ari naco gikomeye cane, ishure kaminuza ryo muri Amerika ryaciye ryemera kumurihira amafaranga yose yo kwiga (ryamuhaye bourse) niyo yarangiza amashure yisumbuye.

'Kuryoherwa n'indero yo kw'ishure'

Ubu rero nico ariko arakora kuri Ricks , ishure ry'indaro rimaze imyaka 135 rishinzwe ryigamwo abana b'abanya-Liberia bari bateye imbere bamutse ku bahoze ari abaja (esclaves/slaves) inyuma yo kubuvanwamwo, ari nabo bashinze ico gihugu.

Ni inyubakwa z'amagorofa abiri ziri mu kibanza ciza cane gitotahaye ku birometero 6 (6km) uvuye ku nkengera z'ibahari Atlantique.

Emmanuel avuga ati: "Ndakunda kw'ishure, ariko si ukubera Ricks ari izina rizwi cane, ariko n'ukubera ivyigwa hamwe n'indero vy'aho".

Nk'uko bikunda gushikira abana b'imiryango y'amikoro make y'abirimizi, yahevye ishure ku myaka icenda kugira atangure guca amafaranga yo gufasha umuryango. Aho ni ukuva aho se apfiriye atwawe n'amazi, uwo muhungu aca aja kubana na inasenge.

Haheze imyaka mike yaciye atangura kugendesha taxi-moto.

Inyuma y'imyaka myinshi ahevye kwiga, akeneye gufashwa cane kw'ishure.

Igihe Emmnuel yasubira mu mwaka wa gatandatu "yumva ko asa n'uwuri hasi, mw'ishure ntaco yavuga, ariko uko iminsi yagiye irahera, twaramufashije", nk'uko umwigisha wiwe mukuru yabisiguriye BBC.

"Mu bijanye n'ivyigwa, yaje afise umushinge muto cane, duca tugerageza kumushira muri gahunda yo kumufasha vyihariye. Ivyo vyaramugiriye akamaro."

Ubu asigaje imyaka itandatu kugira aheze amashuri yisumbuye, azoba afise imyaka 25 ni yaheza. Ariko kuba aruta cane abo bigana ubu ntaco bimubwiye kandi avuga ko ari "abana beza".

Emmanuel kandi arakunda ubuzima bwo mu buraro, avuga ko "ubuzima bwo mu buraro ari bwiza kuko bukwigisha ingene umunsi umwe uzobaho wibako".

Muri kazoza, Emmanuel ashaka kwiga ivyo guharura amafaranga (comptabilité/accounting) kuri kamimuza "kugira nitegurire gufasha mu gutumbereza ingene amafaranga y'igihugu akoreshwa".

Ukwiyubara hamwe no kuba imvugakuri vyafashwe nk'akarorero mu gihugu aho ibiturire bivugwa ko vyiraye kandi aho bivugwa ko abategetsi akenshi basahura uburyo bw'igihugu.

'Vyiza kuba imvugakuri'

Ku kuntu abantu bamwe bamwe bamutwenze ko asubije amafaranga, aremera ko yari kuba yayakoresheje kugira yimare ubukene "ariko ntiyari kuba yampaye amahirwe mfise ubu".

Emmanuel arashimira Imana yamuhaye izo mpera kandi arashimira "cane abavyeyi banje banyigishije kuba invugakuri".

"Kandi ubutumwa bwanje ku bantu bose bakiri bato ni: Ni vyiza kuba imvugakuri; ntugatware ibitari ivyawe."

Abigisha kuri Ricks baranezerwa no kuba Emmanuel yiga kuri iryo shure.

Bangbeor avuga ko uwo mufana pfampfe wa Chelsea "uretse ko twagize amahirwe yo kuronka umuntu w'imvugakuri kw'ishure, aza ubugira kabiri mu banyegori b'umugwi w'ishure", aho akinana n'abanyeshure begeranye mu myaka.

N'abanyeshure bigana na Emmanuel nabo barashima kuba yiga kuri iryo shure.

Bethlene Kelley, w'imyaka 11, yamwise ko ari "umugenzi akomeye kandi yitaho abandi kuko atekanye kandi atavuga menshi. Yubahiriza ico musezeranye, arubaha kandi avugisha ukuri".

Caleb Cooper, w'imyaka 12, arashima Emmanuel ku nyifato yiwe mw'ishure no mu buraro.

"Ntiyiba abandi bana," nk'uko Caleb yabivuze atwenga.

"Emmanuel atoye ikintu kitari rwiwe, aca agishira umwigisha. Iyo umwigisha atahari, aca agishira ku ntebe ya bo".

Kandi abo bahora basangiye ubuzima bwo gutwara taxi-moto nta nzigo bamufitiye ku buzima bushasha arimwo.

Umwe muri bo, Lawrence Fleming w'imyaka 30, yabwiye BBC ko yahevye ishure ari umuyabaga yiga mu mwaka w'icenda, kandi yarakurikiranye cane inkuru ya Emmanuel.

Avuga ati: "Ni vyiza kubona Emmanuel yasubiye kw'ishure, turashimira Imana ku bwiwe."

Impande ya moto yiwe ya Boxer ikorerwa mu Bushinwa, ku mahwane y'uruja n'uruza rwinshi mu gisagara ca Brewerville mu burengero bwa Monrovia, yacishijemwo akajambo k'impanuro.

Ati: "Reka abandanye amashure ku neza ya kazoza kiwe n'ako abana biwe... ubu afise amahirwe bamwe muri twebwe tudafise."