Liberia: Uwatoye $50.000 akayasubiza baramutwenga ngo 'ntuzopfa utunze'

Umuhungu w'umuyabaga wo muri Liberia yunguruza abantu kw'ipikipiki (taxi moto) yatoye amafaranga hanyuma akayasubiza umugore w'umugwizatunga avuga ko abatashimye ivyo yakoze baguma bamukekeza bamutwenga ko atazopfa atunze.

Emmanuel Tuloe, w'imyaka 18, yasubije ibihumbi 50 vy'ama dorari (ni miriyoni hafi 100 mu mafaranga y'Uburundi) inyuma yo kwumva nyeneyo ariko aratabaza ayarondeza mu maradiyo.

Tuloe, yahevye ishure ari mu mwaka w'indwi anyonga ipipipiki kugira arondere ingene abaho.

Abagenzi biwe baramutwenze igihe ipikipiki yiwe yagira ingorane mw'ibarabara bamubwira ko atari akwiye kuba yasubije ayo mafaranga.

Yabwiye BBC ati: "Bambwira ko ntazokwigera ntunga mu buzima bwanje, bavuga ko kubera nasubije amafaranga angana gutyo nzobaho kandi ngapfa nkenye."

Tuloe yatoye ayo mafaranga yari atekeye mw'isashe aca ayaha nyinabo ngo abike ahadata imbere y'uko yumva Madame Yancy ariko arayarondeza.

Uwo mugore w'umugwizatunga mu gushima yarayahe uwo muhungu amafaranga (angana na $1.500) n'ibindi bintu birimwo i matera yavuze ko azoca aha inakuru.

Tuloe yavuze ko hari abantu bamubwiye nabi igihe yari kwa madame Yancy aho bariko barigina kuba ayo mafaranga yabonetse.

Yabwiye BBC ari aho aba mu gisagara ca Gbolor Dialla ku rubibe na Cote d'Ivoire ati: "Naciye ndahava nsubira i muhira kuko mu bari bahari harimwo n'abari bandakariye ko nasubije ayo mafaranga, barananteye ubwoba, ubu mbere nkeneye gukingirwa bikomeye".

Yavuze ko abagenzi bake cane bonyene aribo bashimye bakanamukeza kuri ubwo bunyankamugayo yerekanye.

Ariko avuga ko ivyo abamukekeza no gushaka kwicuza ku vyo yakoze yabirengeye.

Tuloe asaba abagenzi biwe batwara moto kwama basubiza ivyo batoye vyatakaye kuko batazi "ico kazoza katubikiye".

Urwego rwa Liberia rwo kurwanya ibiturire ruvuga ko "rwashitswe ku mutima cane n'uko kuvugisha ukuri uwo muhungu yerekanye".