Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Pablo Escobar: hatowe amafaranga menshi yanyegejwe mu nzu y'uyu yahoze acuruza ibiyayuramutwe
Umuhungwabo w'uwahoze ari rurangiranwa mu rucuruza rw'ibiyayuramutwe Pablo Escobar avuga ko yatoye isashe yuzuye amafaranga angana na miliyoni 18 z'amadolari yari anyegeje mu ruhome rw'imwe mu nzu za se wabo.
Nicolás Escobar yabwiye ikinyamakuru co muri Colombia aho bashobora gusanga aya mafaranga mu nzu asanzwe abamwo mu gisagara ca Medellín.
Avuga ko atari bwo bwa mbere atoye amafaranga mu bibanza se wabo atashaka kubonamwo umuntu, ni mu gihe uyu Escobar avugwa ko yasize anyegeje amamiliyoni menshi mu mazu yiwe.
Yapfuye mu mwaka wa 1993 arashwe n'abapolisi.
Igihe yagera kw'isonga ry'umwuga wiwe, Escobar yaramenyekanye ko yari umuntu agira indwi atunze kw'isi yose.
Kuva apfuye, hagumye hari ibihuha i Medellín ko Escobar yanyegeje amatungo yiwe, inyuma y'imyaka iharurwa muri mirongo arwana na leta ya Colombia yashaka kumurungika muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika zariko ziramuhiga.
Nicolás Escobar yabwiye televiziyo yo muri Colombia Red+ Noticias ko yatoye kandi n'imashini yo kwandika, amatelefone yakorana naza satellite, ikaramu y'inzahabu, kamera hamwe na firime y'amafoto atari bwogeshwe.
Ati: "Igihe cose naricara mu cumba co gufungura, nkaraba muri parikingi y'imodoka, nama mbona umugabo yinjira muri ico kibanza agaca agenda".
"Umunuko wari muri ico kibanza wari uteye ubwoba. Umunuko wasumvya incuro ijana uwuva mu kintu capfuye".
Nicolás Escobar, yari asanzwe aba muri iyo nzu mu myaka itanu iheze, avuga ko amwe mu manoti amaze imyaka mirongo yari yaboze ku buryo atokoreshwa.
Mu kiganiro, avuga ko kenshi yama aherekeza se wabo, kandi ko igihe kimwe yigeze kunyuruzwa n'abantu bariko barondera aho Escobar yari yinyegeje.
Ati: " Naraborejwe igufa mu kiringo c'amasaha indwi yose. Bamwe mu bakozi banje bakubiswe umusumenu".
Pablo Escobar yari nde?
Escobar yavukiye ahitwa Rionegro muri Colombia mu 1949, akaba yatanguje akarwi kacuruza ibiyayuramutwe mu gisagara ca Medellín mu myaka ya 1970.
Mu myaka uru rudandazwa rwari rukomeye cane, aka karwi niko kinjije mu buryo bwa magendo hafi ibice 80% vy'urumogi rwinjijwe muri Amerika.
Ubutunzi bwiwe bwamutumye ashirwa ku rutonde rwa Forbes (ikinyamakuru gitangaza amakuru y'ubutunzi) rw'abatunzi ba mbere w'isi mu kiringo c'imyaka indwi yose.
Igihe Amerika isohoreye umutahe wo kumurondera, Escobar yararwanye intambara kugira ntashobore gufatwa, aho akarwi kiwe kakoze ibitero ku banyapolitike, abapolisi n'abamenyeshamakuru.
Amaze gufatwa mu 1991, Escobar yapfungiwe mw'ibohero yubatswe ku ntumbero we nyene yatanze, yari yataziriwe Katederari (Cathedral), ayo yabandanije agenzura urudandaza rwiwe i Medellín.
Muri rusangi, Escobar aharurwako abantu bagera ku 4000 bishwe.
Ariko rero, amamuko yiwe y'umuntu yicisha bugufi yatumye amenyekana mu Banyakolombiya batari bake bari bamushigikiye kubera amafaranga menshi yabaha, mbere akaba yarafashije uturere dukenye mu gisagara ca Medellín.