Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Liberia : Uwuserukira EU yasavye imbabazi kuba yavuze ko Monrovia icafuye
Uwuhagarariye Ishirahamwe rya Buraya UE/EU muri Libera yasavye imbabazi zo kuba yavuze ko umurwa mukuru w'ico gihugu, Monrovia, ari igisagara "gicafuye" kandi "giteye iseseme".
Laurent Delahousse yavuze ko amajambo yakoresheje yari ayo kugira ababa muri ico gisagara "bahindure ingeso zabo zo guta umucafu aho babonye hose" no gutunganya neza gusumba ivyo gusukura igisagara bifashwa n'ishirahamwe aserukira.
Ku ndwi iheze, uwo aserukira ishirahamwe rya Buraya yari yavugiye mu nama yatunganijwe n'ubutegetsi bw'igisagara ca Monrovia ko ababazwa n'ingene umurwa mukuru, "ucafuye" kandi "uteye iseseme" kandi abafasha ico gihugu birirwa baratanga amafaranga yo kugisukura no gutuma abantu babaho neza gusumba.
Laurent Delahousse yabwiye iyo nama ko "yatangajwe " n'ivyo yabonye igihe yahashika haraheze umwaka.
Yavuze ati: "Monrovia ni igisagara giteye iseseme, ni igisagara gicafuye".
Delahousse yigeze guserukira Ubufaransa mu Burundi yavuze ati: "Mu mirwa mikuru yose nabonye muri Africa imbere y'uko nza ngaha, nta n'umwe nari bwabone ucafuye nk'uyu wanyu [Monrovia]."
Ambassadeur Delehousse yavuze ko amajambo yiwe atari agamije "kugaya uwari we wese canke gusubiza hasi izina ry'umurwa mukuru mwiza wa Liberia."
Yasavye imbabazi reta n'uwundi wese "yumva ko yarengewe n'ayo majambo, kandi ku gushaka kwanje ndasokoye ayo majambo y'indezarugero nakoresheje."
Ico gihe yari yabwiye abategetsi b'igisagara gutorera inyishu ako kaga no kwerekana ingene bakoresha amafaranga bahabwa n'abafasha ico gihugu hamwe n'ayo bakura mu makori atangwa n'abanyagihugu.
Yababwiye ati "Igisagara gifise isuku ni umutahe; kibamwo akazi kandi ndakeka ko ico arico Liberia ikeneye cane".
Uwo mu diplomate yavuze atarya umunwa yongeye ijwi ku bandi babwiye abategetsi ba Monrovia ko bidahagije kuja baracishamwo rimwe na rimwe bashira ibisharizo mu gisagara mu gihe ikibazo c'isuku kikiri ingorabahizi.
Umukuru w'igisagara ca Monrovia, Jefferson Koijee, asanzwe ari nawe arongoye ishami ry'urwaruka mu mugambwe uri ku butegetsi CDC, yabwiye abitavye iyo nama ko ikibazo c'imicafu mu gisagara kibamwo abantu b'umurengera kigoye cane.
Ariko yemeye ko babandanije gufashwa n'abo bakorana nk'ishirahamwe rya Buraya bazokomeza guhangana n'ico kibazo.
N'aho ugusaba imbazi kw'uwo aserukira ishirahamwe rya Buraya bisa n'ivyaguye neza abo mu butegetsi, abantu benshi bemeza ko ivyo yavuze kwari ukuri kw'ingene ibintu vyifashe ku murwa mukuru wa Liberia.
Haheze imyaka hatangwa imfashanyo nyinshi yo gusukura igisagara ca Monrovia, ariko kiguma cuzuye umucafu aho usanga ibirundo vyawo biri hirya no hino, hamwe hamwe bikamara iminsi myinshi ku mabarabara bitaravanwaho.