Roman Abramovich: Ivyemezo bishasha vyerekana amasezerano y'ubuguzi yaranzwe na ruswa

Roman Abramovich

Ahavuye isanamu, Getty Images

    • Umwanditsi, Na BBC Panorama
    • Igikorwa, Reporting team

Amatohoza ya BBC yashize ahabona ivyemezo vy'amasezerano yaranzwe na ruswa yatumye Roman Abramovich yegeranya ubutunzi.

Uyu nyene umurwi wa Chelsea yaregeranije amamiriyaridi n'amamiriyaridi inyuma yo kugura ikompanyi y'igitoro ayiguriye reta y'Uburusiya mu camunara c'amahinyu mu 1995.

Abramovich yaguze Sibnef ku miriyoni zababa 250 z'amadorari y'abanyamerika imbere y'uko asubira akayigurisha kuri reta y'Uburusiya nyene ku miriyaridi 13 z'amadorari y'abanyamerika mu 2005.

Abashingwamanza biwe bavuga ko ata kintu na kimwe c'ishingiro cerekana ko yegeranije ubutunzi bwinshi cane mu manyanga.

Mu ndwi iheze, uyu mutunzi ruhebwa w'Umurusiya yarafatiwe ibihano na reta y'Ubwongereza kubera ubucuti afitaniye na Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya.

Amatungo ya Abramovich yarafashwe aca aramburwa amabanga yo kurongora Chelsea.

Uyu mutunzi ruhebwa w'Umurusiya yari amaze kwemanga muri sentare imwe yo mu Bwongereza ko yatanze ruswa kugira ngo amasezerano yo kugura Sibneft ashoboke.

Yarigeze kuburanywa i Londres n'uwahoze akorana urudandazwa nawe Boris Berezovsky mu 2012.

Abramovich yaratsinze urubanza, ariko yarabwiye sentare ingene camunara ya Sibneft yabayemwo amanyanga akavyungukiramwo, n'ingene yahaye Berezovsky imiriyoni cumi y'amadorari kugira ayahe umutegetsi wo muri Kremlin.

BBC Panorama yahawe ikopi y'urwandiko ruvugwa ko rwavuye mu Burusiya mu kinyegero.

Umuntu atashatse ko izina ryiwe rimenyekana ni we yahaye iyi nkuru iki kiganiro, aho avuga ko uru rwandiko rwagiriwe ikopi mw'ibanga ruvanywe mu zindi nkaratasi zerekeye Abramovich ziri mu minwe y'inyamiramabi mu Burusiya.

BBC ntishobora guhinyuza aya makuru, ariko hari abandi mu Burusiya bemeza vyinshi mu biri muri uru rwandiko rw'impapuro zitanu.

Uru rwandiko ruvuga ko reta y'Uburusiya yibwe imiriyaridi 2,7 z'amadorari y'abanyamerika mu masezerano ya Sibneft - ivyemezwa n'amatohoza y'inama nshingamateka y'Uburusiya mu 1997. Uru rwandiko kandi ruvuga ko abategetsi b'Uburusiya bashatse kwitwarira Abramovich bamwagiriza magendo.

Ruvuga ruti: "Igisata c'abajejwe amatohoza mu vy'ubutunzi [Dept. of Economic Crimes] bashitse ku cemezo ko iyo Abramovich arengutswa mu butungane yari gushobora kwagirizwa magendo...yakozwe n'umurwi w'inkozi z'ikibi".

Panorama yararondeye hasi hejuru uwahoze ari umushikirizamanza mukuru w'Uburusiya yakoze amatohoza kuri aya masezerano mu myaka ya 1990.

Yuri Skuratov ntiyari azi uru rwandiko rwo mw'ibanga, ariko yaremeje vyinshi mu bivugwa mw'igurishwa rya Sibneft.

Skuratov yabwiye iki kiganiro ati: "Mu ntango, wari umugambi w'amanyanga, aho abagize uruhara mw'ishirwa ry'iyi kompanyi mu minwe y'abigenga bari bagize akarwi k'inkozi z'ikibi katumye Abramovich na Berezovsky bazunguruka reta, bituma batariha aya mafaranga yari akwiranye n'iyi kompanyi".

Uru rwandiko ruvuga kandi ko Abramovich yari akingiwe ikibaba n'uwahoze ari umukuru w'igihugu c'Uburusiya Boris Yeltsin.

Ruvuga ko inyandiko ziri mu minwe y'inyamiramabi kuri Abramovich zungururijwe muri Kremlin kandi ko amatohoza yariko arakorwa na Skuratov yahagaritswe n'umukuru w'igihugu.

Uru rwandiko ruvuga ruti: "Skuratov yariko arategura urubanza rujanye no kwigarurira Sibneft rushingiye ku matohoza ajanye n'ishirwa ryayo mu minwe y'abigenga. Aya matohoza yarahagaritswe na Perezida Yeltsin … Skuratov yaciye abogozwa mu mabanga yiwe".

Skuratov yirukanywe inyuma y'aho hasohokeye ikaseti ivuga ivy'imibonano mpuzabitsina mu 1999. Avuga ko yari amayeri yo kumuteza urubwa no gutesha agaciro amatohoza yiwe.

Avuga ati: "Ibi bintu vyose vyarimwo poritike yeruye kubera mu matohoza yanje nari hafi yo gushika ku muryango wa Boris Yeltsin, cane cane biciye muri iri tohoza ku bijanye n'ishirwa rya Sibneft mu minwe y'abigenga".

Abramovich yagumye mu karwi gatoya kegereye Kremlin igihe Vladimir Putin ashikiye ku butegetsi mu 2000.

Uru rwandiko rurimwo ayandi makuru avuga iyindi camunara y'amanyanga imyaka ibiri inyuma y'aho, arimwo ikompanyi y'igitoro y'Uburusiya yitwa Slavneft.

Abramovich yunze ubucuti n'iyindi kompanyi mu ntumbero y'ukugura Slavneft, ariko iyindi kompanyi yo mu Bushinwa yahiganwa nawe yariko itegura gutanga amafaranga arenga incuro zibiri ayo we yategura gutanga.

Hari abantu benshi bakomeye - kuva muri Kremlin gushika mu nama nshingamateka y'Uburusiya - bari kuhahombera iyo iyi kompanyi y'Ubushinwa itsindira iyi camunara.

Uru rwandiko ruvuga ko umwe mu bari mu ntumwa z'Ubushinwa yanyurujwe bageze i Moscou barondera iyi camunara.

"CNPC, ikompanyi y'Ubushinwa ikomeye cane yarondera cane iii camunara vyabaye ngombwa ko ivanamwo akarenge inyuma y'aho umwe mu ntumwa zayo anyururijwe ashitse ku kibuga c'indege ca Moscou mu nyuma akaza kurekurwa iyi kompanyi itangaje ko ikuyemwo akarenge".

Inkuru ivuga ivy'inyuruzwa ry'uyu mushinwa iremezwa n'abantu ku giti cabo batanazi ivy'uru rwandiko.

Vladimir Milov yari icegera c'umushikiranganji w'amasoko ntanganguvu igihe Slavneft yari hafi kugurishwa. Ntaco avuga kuri iri nyuruzwa, ariko avuga ko abanyeporitike bo hejuru bari bamaze gufata ingingo ko Abramovich ari we yategerezwa gutsindira iri camunara.

"Navuga nti, raba, aba Bashinwa bagomba kuza kandi bashaka gutanga amafaranga menshi cane. Bati ntaco bitwaye, ceceka, ivyo ntibikuraba. Ingingo yamaze gufatwa. Slavneft ija mu minwe ya Abramovich, twamaze kwemeranya igiciro. Abashinwa bazokwirukanwa ukuntu.

Nta cemeza nimba Abramovich yari azi ibijanye n'integuro y'iri nyuruzwa canke nimba yararigizemwo uruhara.

Abashingwamanza biwe babwiye BBC ko ivy'iri nyuruzwa "bidafise ishingiro na ritoya" kandi "ntiyari azi na kimwe kuri ibi".

Hari imirwi myinshi yarwanira iyi kompanyi Slavneft kandi hari benshi barwanya ko hagira Abashinwa baba mu bayihiganira.

Uko vyoba vyaragenze kwose kugira ngo Ubushinwa bwiyonjorore, Abramovich ni we wenyene yari asigaye mw'ihiganwa. Kandi yaguze Slavneft ku mafaranga make cane.

Abashingwamanza ba Abramovich bavuga ko igiturire yagirizwa mu masezerano yo kuri Slavneft na Sibneft ari ibinyoma, kandi nawe agahakana ko atakingiwe ikibaba na Yeltsin.