Ukubangama kwananiranye kwa taxi moto muri Kenya

Mu makete y'abanditsi bo muri Afrika, umunyamakuru wo muri Kenya Waihiga Mwaura aragaruka ku mahano yakozwe n'abatwara taxi moto (muri Kenya zizwi nka Boda Boda) hanyuma akibaza igituma umenga vyarananiranye ko bafatirwa ingingo.

Umuntu wese anyonga imodoka ku murwa mukuru wa Kenya arazi ko ategerezwa kwiyubara taxi moto -ngaha zizwi nka "boda-boda".

Ubwa mbere hari aho uja wumva iriko irahindira inyuma yawe, uwuyingonya ariko yongereza umuhindo wayo, hayuma kumbure ukayibona mu kiyo co kuraba ibiri inyuma - uzi ko barangwa n'udukoti twakaka canke inkofero y'umuhondo ukaze. Hanyuma buno nyene ukabona bari hirya no hino yawe - begereye ku mpande z'imodoka yawe, banyuragiranwa imbere yawe, bajabuka inzira utumbereye.

Hagize uwugonga imodoka yawe, buno nyene aba yigiriye ataco muvuganye, canke iyo bibaye nabi gusumba mugahangana.

Bivugwa ko impari inyuma y'isanganya no guhohotera umugore yariko aranyonga imodoka ariyo nyanduruko yo kwiyamiriza muri iyi minsi ukubangama kw'ama boda boda.

Video yahererekanywe ikarabwa cane yerekana uwo mugore ariko arakoma induru atabaza ariko arataburirwako izo yambaye kandi ata amaboko.

Hari abantu bahagaritswe, hari abavyiyamirije n'abasavye ko hari icokorwa kugira ico gisata c'ama boda boda gicungerwe neza gusumba.

Ariko mu nzira zibiri, ico kibazo si gishasha na gato. Ubwa mbere ingene abantu bahaguruka biyamiriza ihohoterwa ry'abagore, hanyuma ishaka rya reta mu kugira ico ikoze ku ma taxi moto.

Kuba iryo hohotera ryabaye imbere gato y'umunsi mpuzamakungu w'uburenganzira bw'abagore, vyaje kwibutsa ko umugore adatekaniwe muri iki gisagara.

Ku wa kabiri harabaye urugendo rw'abagore bafise ivyapa vy'amajambo nk'aya: "Umva amaborogo yanje".

Ariko sibwo bwari ubwa mbere hamenyekana igitero nk'ico.

Mu 2014 abantu barakoranye bagira imyiyerekano i Nairobi kugira bashigikire umugore yari yatewe agataburirwako izo yambaye n'umugwi w'abagabo kuko bivugwa ko yoba yari yambaye ijipo ngufi (mini).

Ibihumbi vy'abagore bitavye imyiyerekano bakwira amabarabara bafise icapa kivuga kiti: "Izo nambara, nije ndazihitamwo".

Haheze imyaka itandatu, umushoferi wa taxi minibus n'umukomvwayeri wiwe baraciriwe urwo gupfa kubera uguhohotera.

Ariko akenshi ivyo bigarukira kuri ivyo biba vyashoboye gufatwa amasanamu - ariko hari vyinshi bidafatwa amasanamu, bidahererekanywa ngo bimenyekane cane, maze bikarengana uko bitavuzwe.

Umenga igiporisi gihaguruka ari uko vídeo yatumye abantu bashegeshwa - naho nyene haheze iminsi itatu ibintu bibaye.

Guteba gutyo bishobora kuba bisigura ko ibirego vy'iryo hohoterwa ry'abagore bidahabwa agaciro cane canke naho ko bidakorwako amatohoza uko bibereye.

Hanyuma iyo hageze kugira igikozwe ku gisata c'ama taxi moto, abanya-poritike bama berekana inyifato imaze kumenyerwa cane.

Prezida Uhuru Kenyatta yaciye ategeka ko haba umukwabu ku bagendesha boda boda bose mu gihugu.

Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu Fred Matiang'I nawe yaciye avuga ati: "Dutegerezwa kubuza ko mu mabarabara yacu haba bene ivyo bikorwa vy'ububisha kandi vyo kwiyamiriza".

Ariko mu myaka ibiri iheze yararonse icegeranyo c'umugwi wari washizweho ngo wihweze ico gisata hanyuma yemera ko hari ibigiye gukorwa.

Muri Myandagaro/Kanama (ukwezi kw'umunani) mu 2020 yashizeho urwego rw'amakuru ajanye na boda boda rwari rugenewe kwegeranya no kubika ivyerekeye abakoresha boda boda bose mu gihugu kugira ico gisata kivemwo akajagari.

None ivyo vyaherereye he?

None ubu asa n'uwushaka ko hashingwa uwundi mugwi, habe integuro y'izindi ngingo kugira hagire igikozwe.

Imwe mu ngorane ni uko, kuri benshi, boda boda zibangutse, zikanyaruka kandi zigasaba amahera make mu gushika iyo umuntu ashaka, hanyuma abanya-poritike bakizikoresha cane mu gihe c'amatora.

N'igisata kiguma gitera imbere gitanga akazi ku bantu ibihumbi n'ibihumbi bakiri bato, gutyo ukugituganya ukundi vyotegerezwa kujana n'uburyo bwinshi.

Ariko nk'uko ikigo c'igihugu kijejwe ubushakashatsi bujanye n'ivyaha cavyerekanye mu kwezi guheze, boda boda kandi zirabangamye cane mu mabarabara kandi bamwe mu bazigendesha baravugwa mu bikorwa vy'usuma burimwo intureka, gucuruza ibiyovyabwenge mbere no kwica.

Uretse kwegeranya amakuru yose ajanye na boda boda, ico kigo gitanga inama y'uko abazigendesha bakarihirizwa ubwenge (bahabwa amahugururwa) bakanakoreshwa ibibazo.

Hari kandi akarorero kofatirwa ku gihugu c'Urwanda aho uwariwe wese afise uruhusha rwo gutwara taxi moto aca ahabwa n'ubuhinga bwa none bwerekana aho aba ageze igihe icarico cose (GPS trackable smart meter).

Ariko raba twebwe turacari muri ibi.

Ikibazo co guhohotera abagore n'ikibazo ca taxi moto birazwi neza.

Vy'ukiri umwanya wo kwerekana gusa ko uhagaritswe umutima n'ikibazo waraheze, hageze ko hagira igikozwe.

Ariko mfise amakenga ko tuzotegerezwa kurindira (gutegereza). Icizere mfise muri aka kanya n'uko uwo mugore yahuye n'ivyago yoba ariko aritabwaho n'abamukunda kandi bariko baramufasha guca muri ivyo bihe bitegerezwa kuba bitoroshe.