HIV: Umugore wa mbere kw'isi yakize umugera wa SIDA atewe uturemangingo

Umugore wo muri Amerika abaye umuntu agize gatatu kw'isi, akongera akaba umugore wa mbere, akize umugera wa SIDA atewe uturemangingo.

Uyu mugore yari asanzwe ariko avurwa indwara ya kanseri yo mu maraso (leucémie/leukaemia), aca aterwa uturemangingo tw'ikinyinanyina (stem cells/cellules souches) tw'umuntu asanzwe afise ubudahangarwa ndemanwa bwo kutandura umugera utera SIDA.

Uyu mugore ubu amaze amezi 14 ata mugera umurimwo.

Ariko abahinga bavuga ko ubu buhinga bwo gutera uturemangingo, hakoreshejwe amaraso yo mu ruzogi, bushobora kuvamwo ingorane ku bantu benshi bafise umugera wa Sida.

Ivyabaye kuri uyu mugore vyashikirijwe mu nama y'ubuvuzi yabereye i Denver ku wa kabiri, rikaba ari irya mbere ubu buhinga bukoreshejwe nk'uburyo bwo kuvura umugera wa SIDA.

Uyu murwayi yatewe amaraso yo mu ruzogi nk'imwe mu nzira yo kumuvura kanseri kandi kuva ico gihe ntiyigeze akenera ya miti yo gupfupfahaza ihabwa abarwaye umgera wa Sida.

Ibi biri mu bushakashatsi bukomeye buriko burakorwa muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika ku bantu bagendana umugera wa SIDA bakaba barahawe ubwoko nk'ubwo nyene bw'amaraso mu kuvura kanseri n'izindi ndwara zikomeye.

Utu turemangingo (cellules/cells) twatewe uyu muntu dufise ubushobozi bwo guhindagura kamere (mu gifaransa mutation génétique) ku buryo tudashobora kwandura umugera wa SIDA.

Abahinga bemeza ko abasoda b'umubiri bongereza ubudahangarwa umuntu ntashobore kwandura uwu mugera.

Amakuru yose avuga ibijanye no kuvura umugera wa SIDA ni amakuru akomeye cane kandi yo kwishimira cane - yerekana ko hazogera igihe hakaboneka umuti wo kuwuvura.

Ariko gusa, ubu buryo ntibusigura ko turi hafi yo kuronka umuti wo kuvura imiriyoni 37 zose z'abagendama umugera wa SIDA kw'isi, abenshi muri aba bakaba baba musi y'ubugaragwa bwa Sahara ku mugabane wa Afrika.

Ukuvura hakoreshejwe ubuhinga bw'uturemangingo bwatanguye kwerekanwa mu 2007 igihe Timothy Ray Brown yaba umuntu wa mbere kw'isi "yavuwe agakira" umugera wa SIDA. Yatewe uturemangingo tw'umuntu yari asanzwe afise ubudahangarwa ndemanwa bwo kutandura umugera.

Kuva ico gihe, ikintu nk'iki kimaze gusubirwamwo incuro zibiri gusa kuri Adam Castillejo hanyuma rero n'ubu kuri uyu mugore w'i New York.

Aba batatu bose bari bafise kanseri bakaba bari bakeneye guterwa utu turemangingo kugira bashobore kurokoka. Kuvura umugera wa SIDA ntiyari yo ntumbero ya mbere kandi ubu ni uburyo bushobora guteza ibibazo bikomeye ku buryo budashobora gukoreshwa ku bantu bose barwaye umugera wa SIDA.

Ico abantu bokwibuka ni uko imiti yo gupfupfahaza iha akaryo abagendana umugera wa SIDA ko kubaho ubuzima busanzwe nk'abandi bose.

Ivyizigiro nyamukuru biri ahanini ku ncanco canke ibinini bishobora kwirukana uwu mugera mu mubiri.

Mu kuvura uyu mugore hakoreshejwe amaraso yo mu ruzogi, ariko siko vyari vyagenze kuri aba barwayi babiri b'imbere yiwe bobo bahawe uturemangingo two mu misokoro yo mu magufa.

Amaraso yo mu ruzogi niyo aboneka cane gusumba uturemangingo tw'ikinyinanyina twakoreshejwe imbere y'aha kandi ubu buryo bukaba budasaba ko amaraso y'uwutanga nay''uwakira aba yegeranye cane.

Sharon Lewin, aherutse gutorwa ngo arongoye ishirahamwe ryishinze kurwanya umugera wa SIDA kw'isi, aragabisha ko ubu buhinga bwo gutera ubu bwoko bw'uturemangingo bwakoreshejwe kuri uyu mugore atari bwiza ku bantu bose bagendana umugera wa SIDA.

Ariko, yongerako y'uko ivyabaye kuri uyu mugore "vyerekana ko umuti wo kuvura umugera wa SIDA ushobora kuboneka kandi bugatanga icizere ko kuwuvura hakoreshejwe uturemangingo ari uburyo bukomeye mu kuvura uwu mugera".

Ivyavuye muri ubu bushakashatsi bwa vuba ntiburahinyurwa ngo bushirwe ahabona mu kinyamakuru, vyumvikana rero ko ata vyinshi biramenyekana kuri bwo.