Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umugore yakize umugera wa Sida ata muti afashe
Umugore wo muri Argentine yagaragaye atagifise umugera wa HIV ata muti yafashe canke ngo yivuze - akaba abaye uwugize kabiri bishikiye kw'isi.
Abaganga bemeza ko abasoda b'umubiri b'uwo mugwayi ari bo biyiciye uwo mugera.
Ikigo ca Archives of Internal Medicine kivuga ko ibipimo ku turemangingo twiwe turenga umuriyaridi vyerekanye ko ata mugera ukirangwa mu mubiri wiwe.
Mu gihe hokwigwa uko vyagenze, bishobora gutanga akaryo ko gutuza canke kuvura umugera HIV, nk'uko bishikirizwa n'abahinga.
Gutuza umugera wa Sida (HIV)
Ibipimo vyarerekanye kandi ko abantu bake bavuka bafise ubushobozi kavukire bwo kudahangarwa na HIV.
Bamwe bafise uduce ntangakamere dukinga ukwandukira.
Abandi - harimwo "Esperanza patient", atashimye ko izina ryiwe rija ahabona - baboneka ko bandura ariko mu nyuma uwo mugera ugatuzwa.
Ariko abantu benshi bafise umugera wa HIV bakeneye kunywa umuti igihe kirekire ugwanya uwo mugera (ART).
Mu gihe bahagaritse gufata uwo muti, umugera wiyubitse ushobora kuvyuka ukaguteza ingorane kandi.
Muri iyi mwaka iheze ariko, hari ivyegeranyo vyerekanye ko hari "abantu bashobora kumara imyaka myinshi bafise umugera uri hasi cane canke utakiboneka mu bipimo kandi ata miti bakenera gufata", amaherezo bakaruha bagakira uwo mugera ku bufasha mugabo butarimwo imiti ya SIDA.
Adam Castillejo, w'i Londre, yarashoboye guhagarika gufata uwo muti wa HIV wo ku musi ku musi inyuma yo guhabwa akaremangingo n'uwundi muntu kubera iyindi ngwara ya Cancer yari asanzwe agwaye.
Uturemangingo twamaze gushikamwo umugera wa Sida twaravanyweho duca turasubirizwa igihe yariko aravurwa Cancer.
Ku gihamana, uwamuhaye uturemangingo n'umwe mu bantu bashika 1% bafise uduce ntangakamere tubuza umugera wa HIV kwinjira no kwandukiza uturemangingo.
Ntibiramenyekana ikiringo ivyo bizomara kuri Castillejo.
'Umuti wo kwikingira kw'umubiri'
Ariko umugwayi Esperanza ntiyigeze agaragarako umugera wa HIV mu kiringo kirenga imyaka umunani.
Loreen Willenberg, w'i San Francisco, na we yaragaragaye ko yakize Sida bivuye ku basoda biwe b'umubiri.
Ibi bitanga icizere c'"ukwikingira k'umubiri" ku bandi bagwayi.
Umushakashatsi mukuru Dr Xu Yu, wo mu bitaro vya Ragon Institute of Massachusetts hamwe na Harvard yavuze ati: "Hashobora kuba habaye intambwe ikomeye mu kwikingira kw'umubiri ku bantu badashobora kuvyikorera ubwabo.
"Ubu turiko turihweza uko twoshoboka gukoresha urukingo nk'uru ku bantu bafata ART, hakoreshejwe urucanco, mu ntumbero yo gufasha abasoba b'umubiri babo gushobora guhagarika uwo mugera hadakoreshejwe ART."
'Iyandukizwa ryaburijwemwo'
Prof John Frater wo muri kaminuza ya Oxford, yabwiye BBC News ko mu gihe bisa n'ibidashoboka kuvuga ko umuntu yakize neza Sida, abakora amatohoza barakoze "ivyo twoshobora kubabaza vyose hishimikijwe ubuhinga bwa none" kugira bavyemeze.
Yavuze ati: "Ikibazo gikomeye n'ukumenya ko abagwayi bikijije bonyene canke ko hari "iyandukizwa ryaburijwemwo", aho umugera uba utanguye kwandukira ariko ugaca uzima."