Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kenya: Reta yahevye amakori yari yatumye ikena ry'imiti yo gupfupfahaza Sida
Kenya yahevye amakori ku mfashanyo y'imiti yo gupfupfahaza Sida yari imaze amezi atatu iri mu mpari zatumye iyo miti ikena mu gihugu.
Umushikiranganji ajejwe ikigega ca reta yavuze ko uko guheba amakori kuri iyo mfashanyo ya USAID (Urwego rwa Amerika rujejwe iterambere mpuzamakungu) kubaye inyuma y'aho umushikiranganji ajejwe amagara y'abantu avugiye ko miriyoni z'abanya Kenya bari ku miti yo gupfupfahaza Sida (ARV) bariko barayibura.
Ibitaro vyinshi ubu vyari bisigaye bitanga iyo miti ku rushi, kugira birabe ko iyo bifise mu bubiko imara igihe kirekire gishoboka.
Kare abarwayi ba Sida bahora bahabwa imiti ibamaza amezi atandatu icarimwe, ariko ubu bari basigaye habwa iyimara indwi imwe gusa.
Iryo kena bivugwa ryatanguriye aho USAID yankiye kwinjiza imiti ibicisihije mu rwego rwa Kenya rujejwe imiti , KEMSA, ivuga ko ari ku mpamvu z'ibiturire n'ikoreshwa nabi ry'iyo miti.
USAID yahisemwo gucisha iyo miti mw'ikompanyi yigenga mu kuyinjiza no kuyikwiza mu gihugu.
Imiti ibiri nkenerwa cane, Nevirapine na Zidovudine banywa, yo ntihari hagisigaye namba.
Umwe ufasha kurwanya ubwiyongere bw'umugera , uwundi na wo ufasha kubuza ko umuvyeyi yanduza umwana ari munda n'iyo amaze kumuvyara.
Ku bw'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu, mu mwaka uheze abana bashika 6.800 baravukanye umugera wa Sida kuko abavyeyi babo batafashe imiti neza igihe bari bafise inda no mu nyuma yo kwibaruka.
Abajejwe amagara y'abantu baja batanguye gusemerera bavuga ko ibitigiri vy'abavyeyi banduza abana vyaduze.
Ubu abavyeyi bagiriwe inama yo kudasubira kwonsa abana babo kuko abo bana batariko bararonka imiti nk'uko itegerezwa kubangikana.