Nigeria: Abanyeshure bataryama kugira birinde urutavanako rw'imiduga rw'i Lagos

Schoolgirl Oluwapelumi Ogebere on the way to school in Lagos, Nigeria
    • Umwanditsi, Na Nduka Orjinmo
    • Igikorwa, BBC News, Nigeria

Urutavanako rw'imiduga rwabaye akaramanda mu mabarabara y'igisagara ca Lagos muri Nigeria rutuma abana bataronka umwanya uhagije wo kuryama.

Igihe Oluwapelumi Ogebere w'imyaka 14 avira imuhira isaha 11 z'igitondo zibura iminota 10 (04h50), haba hatarabona kandi hakanye cane.

Agenda afatanye ukuboko na nyina wiwe Atinuke Ogebere, bakagenda imetero 100 imbere y'uko bashika aho afatira bisi.

Haba hacijimye ku buryo batabona iruhande yabo, ikimuri ca terefone ngendanwa ya nyina naco kibonesha hato imbere yabo gusa.

Ariko bompi baramaze kumenyera ingene bahagenda kubera kubikora buri gihe -bahaca buri munsi w'ishure guhera mu 2018 kuva bimukiye mu karere ka Ikorodu mu gisagara ca Lagos.

Bishitse bagacererwa na gato kw'isaha bavyukirako, nka madame Ogebere ntavyuke sa munani z'ijoro (02h00), umukobwa wiwe nawe sa kumi (04h00) - canke nk'ishesheti ikabura - aho Oluwapelumi aca asanga imodoka zamaze kuba urutavanako agaca ashika yacerewe kw'ishure ryisumbuye riri kuri 18km muri district ya Ikeja.

Imiryango myinshi ibayeho gutyo - kubona abana, harimwo n'abagifise imyaka ibiri gusa, batunye mu ma bisi y'ishure isaha icumi n'imwe y'igitondo, ni ibintu bisanzwe cane muri ico gisagara.

Benshi mu bavyeyi baja ku kazi nabo bategerezwa kuvyuka kare kugira babanze gushikana abana babo kw'ishure hanyuma nabo batonde ku kazi imodoka zitaraba nyinshi mw'ibarabara hanyuma baje kubahitana ku mugoroba.

Abana bakeneye gusinzira

Ariko abahinga bavuga ko aya masaha menshi agira ingaruka zizobatera ibibazo ku gihe kirekire mu buzima bwabo.

Schoolgirl Oluwapelumi Ogebere and her mother walking to a bus station early in the morning in Lagos, Nigeria
Insiguro y'isanamu, Oluwapelumi Ogebere na nyina wiwe bariko baraja ku gituro ca bisi hatabona, bakoresha ikimuri ca terefone kugira babone aho baca

"Umwana yategerezwa gusinzira hagati y'amasaha icenda na 12 usanga aronse amasaha atanu canke indwi gusa," bivugwa na Fehintota Danniels, umuhinga muri psychothérapie i Lagos.

Abana bakuze gutyo bahava bamenyera kutagira itiro, bakamana inyendamuvano, kwamana umutima uhagaze no gusamara bishobora amaherezo kubaviramwo kwamana umutima uhagaze, kuyinga no kugira ibibazo vy'ishavu.

Abana b'imyaka itatu baba bakiri bato cane kugira batahure ibijanye no gukora, uruja n'uruza mu mabarabara, canke mbere no kuja kw'ishure, "gutyo ntibatahura igituma mama aza kubavyura amasaha ya kare gutyo", nk'uko Madame Daniels abisigura.

Madame Ogebere aremeza ko umwana wiwe yagizweko ingaruka no kuvyurwa isaha cumi y'igitondo mu myaka ine iheze.

"Iyo aba atari kubera uwo mwitwarariko wo gucika ijoro, ndazi ko mw'ishure aba akora neza kurusha.

"Hamwe novuga ko ata ngaruka bimugirako, noba ndiko ndibesha."

Ariko avuga ko ata kundi bari bafise bobigenza igihe bimukira Ikorodu kuko batakunze amashure y'abikorera ku giti cabo yari hafi - kandi bakaba batari baronse ikibanza mw'ishure rya reta.

Baciye bemera kuja kw'ishure rya reta muri Ikeja, bituma Oluwapelumi ategerezwa gufata imodoka kabiri ku munsi ku nzira imwe y'uruja n'uruza rwinshi cane muri Lagos.

Umwanya wo kuyaga

Ariko hari abavuga ko abo kwa Ogebere bo ibintu vyoyoshe.

Bamwe mu baba mu gisagara ca Lagos i musozi ariko bakaja gukora mw'izinga (ikirwa) rya Lagos bandiskisha abana babo hafi y'aho bakorera kugira biborohere gushikayo.

Students about to enter a bus
Insiguro y'isanamu, Abana b'abanyehure benshi bashika ku mirongo yo ku gituro ca bisi imbere y'uko buca

Adaora Uche, akora muri banki, aba ahitwa Shangisha i musozri n'umwana wiwe w'umuhungu w'imyaka itatu bompi bava imuhira 04h45 baja mw'izinga rya Victoria Island -urugendo rwa 27km.

Imodoka bafata ibacisha ku kiraro ca Third Mainland Bridge -kizwi cane ku rutavanako rw'imiduga rushobora kumara gushika ku masaha ane mu gihe c'uruja n'uruza rwinshi.

Aho rero bahaca kabiri ku munsi.

Madame Uche -areze uwo mwana wenyene - avuga ko ata "kundi nari kugira atari ukumushira mw'ishure riri hafi y'aho nkorera."

Ikindi cashoboka kwari ugushira uwo mwana mw'ishure ry'i musozi ariko aho naho ku mugoroba yashika kumuhitana isaha zitatu canke zine z'ijoro.

Avuga ati: "Umwanya tumara mu mudoka utuma turonka umwanya wo kuyaga. Iyo turi mu rutavanako rw'imiduga turavugana ibijanye n'iminsi yacu, tugapanga ibikorwa, aho ni mu gihe ataba asinziriye."

Ariko kumenyera ivyo bifise ingaruka, nk'uko madame Daniels agabisha - ibintu Lawrence James, abu ari mu myaka ya 30, amenyereye cane.

Akiri umwana yamaze imyaka 12 yama ava imuhira 04h30 aja kw'ishure i Lagos.

Avuga ati: "Ushika kw'ishure wamaze kuruha ku buryo udashobora kwiga neza."

Avuga ko amaze gukura vyatumye aba umuntu atagira ukwihangana - kandi bituma bimunanira kumenyera Lagos.

Ubu yarimutse arava Lagos aja Calabar mu bumanuko bwa Nigeria, aho avuga ko ubuzima butekanye gusumba kandi bugenda gahoro gahoro.

Kuronka amashure hafi yo muhira

N'abigisha i Lagos bavuga ko batanguye kubona abana benshi basinzira mw'ishure canke bagashika kw'ishure batiteguye neza.

Schoolgirl Oluwapelumi Ogebere on the way to school in Lagos, Nigeria
Insiguro y'isanamu, Madame Ogebere avuga ko ata shure bashima ryabonetse kugira Oluwapelumi w'imyaka 14 ashobore kwiga hafi yo muhira

"Ntibakora ibikorwa baba bahaye ngo bakorere mu hira kuko baba barushe, ubundi ntibategerezwa kugira umwitwarariko nk'uwo kuko baba bakiri bato cane," bivugwa na Fayan Ekeng, umwigisha mu karere ka Iyana Paja muri Lagos.

Ariko aratahura ko abavyeyi bategerezwa gukora kugira baronke ivyo gutunga umuryango agahanura ko, aho bishoboka, bohitamwo amashure ari hafi yo muhira kandi bakarondera ababafasha ibikorwa vyo mu rugo kugira bagabanye umuruho wo kurera abana muri Lagos.

Iyo Oluwapelumi ashitse ku gituro ca Agric gufata bus ija Ikeja, asanga abategera imodoka bamaze kuba benshi -

Umurongo muremure cane uboneka kubera umwe umwe wese aba yakije ikimuri ca terefone.

Benshi bambaye umwambaro w'ishure (uniforme), umwe mu bana b'abahungu yambaye umupira w'imbeho usa n'urwatsi rutoto arasinziriye mu mugongo wa nyina.

Mw'isakoshi ya Oluwapelumi harimwo terefone, niyo aza gukoresha mu kwandikira nyima amumenyesha ko ashitse nko mu masaha abiri.

Madame Ogbere aca avuga agasabisho yizeye gusubira kubona unwana wiwe ku mugoroba -ashobora gushika imuhira hagati y'isaha cumi z'umuhingamo ( sa kumi (16h) n'isaha imwe y'ijorro (19h00).