Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Inama ya AU/UA: Abategetsi ba Afrika baridogera 'igihuhusi c'ama coups d'Etat'
Abategetsi ba Afrika baridogera "igihuhusi" co gutembagaza ubutegetsi, inyuma y'aho mu mwaka uheze igisirikare cigaruriye ubutegetsi mu bihugu bitanu.
Igitigiri c'ama coups d'Etat cagiye kigabanuka muri Afrika, aho amatora yagiye aba ahatari hake, agatuma haba ihererekanywa ry'ubutegetsi mu mahoro.
Ibihugu bibiri aho igisirikare giheruka gufata ubutegetsi - Burkina Faso na Mali - bimaze igihe bihanganye n'inyeshamba ziyitirira idini rya Islam.
Mu ndwi iheze, Guinea-Bisau yaratesheje abashaka gutembagaza ubutegetsi, umukuru w'ico gihugu akavuga ko vyari vyateguwe n'imirwi idandaza ibiyayuramutwe.
Iki gihugu ni ihuriro ry'inzira ihuza ibihugu vyimbura urumogi rwo mu bwoko bwa cocaine vyo muri Amerika y'Ubumanuko hamwe n'amasoko y'i Bulaya.
Mu ndwi iheze, umukuru w'igihugu ca Ghana Nana Akufo-Addo yavuze ko itembagazwa ry'ubutegetsi bwa Mali "ryandukiye", rigatera impigi abategetsi ba gisirikare mu bihugu bibanyi vya Afrika y'Uburengero, ivyatumye Guinea na Burkina Faso na vyo bifata iyo nzira.
Mu gihe abenshi mu banyagihugu bo muri Afrika y'Uburengero bakiranye igishika aya ma coups d'Etat, ifatwa ry'ubutegetsi n'igisirikare ca Sudani mu kw'icumi ryatumye haduka imyiyerekano itari mike mu gihugu, aho abari muri yo basaba ko hagarukanwa ubutegetsi bwa gisivire.
Iyi myiyerekano irarwanywa bikomeye, aho abaharurwa muri mirongo mu bari muri yo bamaze kwicwa.
Buri mutegetsi yari muri iyo nama y'Ubumwe bwa Afrika (AU/UA) mu mpera z'indwi iheze i Addis Abeba muri Ethiopia yariyamirije ata kurya umunwa ..."igihuhusi co guhindura ubutegetsi hatisunzwe ibwirizwashingiro", nk'uko bitangazwa n'umukuru w'Inama nkuru y'Ubumwe bwa Afrika ijejwe amahoro n'umutekano, Bankole Adeoye, aho yongerako y'uko ubutegetsi bwa gisirikare budashobora kwihanganirwa.
Inyuma y'aho igisirikare gifatiye ubutegetsi, ibihugu vya Burkina Faso, Guinea, Mali na Sudan vyose vyarahagaritswe mu Bumwe bwa Afrika. Adeoye avuga ko ubu ari bwo bwa mbere ingingo nk'iyi ifatirwa ibihugu vyinshi nk'ibi mu kiringo c'amezi 12 gusa.
Hagati aho, hari bamwe bidogera AU ko igira nkunzi kubera itahagaritse igihugu ca Tchad gihana urubibe na Sudani, inyuma y'aho igisirikare gifatiye ubutegetsi, igihe Perezida Idriss Déby yicirwa ku rugamba rwo kurwanya inyeshamba mu kwa kane kw'umwaka uheze. Inama nkuru ya gisirikare yaciye igena umuhungu wiwe, Mahamat nk'umukuru w'igihugu mushasha.
Mu myaka yakurikiye ukwikukira mu myaka ya 1960 na 70, ibihugu bitari bike vya Afrika vyagiye bihura n'urukurikirane rw'ama coups d'Etat ariko akaba yagiye agabanuka kuva mu myaka ya 1990.
Imyaka 20 yakurikiye yabayemwo ama coups d'Etat umunani muri buri kiringo kimwe kimwe c'imyaka cumi, ariko kuva mu 2020 gusa hamaze kuba ama coups d'Etat atandatu.
Umunyamakuru wa BBC Kalkidan Yibeltal ari ku mugwa mukuru wa Ethiopia Addis Abeba ahariko habera iyi nama, avuga ko ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika rinegurwa kubera ritakoze ibikwiye kugira ngo ritorere umuti ibibazo vy'umutekano birangwa ku mugabane, harimwo n'intambara yo muri Ethiopia imaze guhitana abanyagihugu ibihumbi n'ibihumbi, abandi nabo baharurwa mu bihumbi amajana bakaba bahanzwe na kigoyi.
Adeoye ariyamiriza ibi, akavuga ko AU yitanze kuva umusi wa mbere kandi ko yariko irakora uko ishoboye kwose mu guhuza impande zompi kugira ngo intambara ihagarare.
Mu bindi bibazo, AU yahagaritse ibiganiro vyerekeye ukwinjiza Israel muri iri shirahamwe rya Afrika rigizwe n'ibihugu 55.
Mu mwaka uheze, Israel yahawe uburenganzira bwo kwitaba inama nk'umurorerezi - ingingo yateye uburakari mu bihugu bitari bike harimwo Algeria na Afrika y'Epfo.
Hari ibindi bihugu bitari bike n'amashirahamwe atari make, harimwo Ubutegetsi bwa Palestina n'Ubushinwa, bisanzwe bifise uburenganzira bwo kwitaba amakoraniro ya AU nk'abarorerezi, ibi bikumvikana ko bidashobora kuja mu matora yo kwemeza canke guhakana ivyemezo vyafashwe.