Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Mali: Ama coups d'Etat yoba ariko yiyongera muri Africa?
- Umwanditsi, Na Christopher Giles hamwe na Peter Mwai
- Igikorwa, BBC News
Kuva Afrika yikukira, igihe cose hagiye hibonekeza ingendo y'ugutembagaza ubutegetsi (coups d'Etat) vyamye bikorwa n'igisirikare mu bihugu bitandukanye.
Ibiherutse kuba muri Mali ni akarorero ka hafi kerekana ingene igisirikare kigenda kigira uruhara mu biba - aho giherutse gutembagaza ubutegetsi ku ncuro ya kabiri mu kiringo kidashika n'umwaka.
Mu gihugu kibanyi ca Niger, harabaye itembagazwa ry'ubutegetsi ryaburujwemwo mu kwa gatatu hasigaye imisi mike ngo uwatsinze amatora y'umukuru w'igihugu yimikwe.
None twohava tuvuga ko ingendo nk'iyi ya gisirikare ari yo yiganje kuri uyu mugabane?
Ni ryari coup d'Etat iba coup d'Etat?
Zimwe mu nsiguro zitangwa kw'itembagazwa ry'ubutegetsi ni uko ari igikorwa kitemewe n'amategeko gikozwe n'igisirikare (canke abandi bategetsi ba gisivire) mu kugerageza gukuraho abategetsi basanzwe bahari.
Icigwa cakozwe n'abashakashatsi babiri bo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Jonathan Powell na Clayton Thyne, cerekana ko kuva mumpera z'imyaka ya 1950 muri Afrika hamaze kuba ama coups d'Etat arenga 200.
Hafi igice mu aya ma coups d'Etats zarakunze (réussis/successful) - izi nazo zikaba ari izashoboye kurenza imisi indwi.
Burkina Faso muri Afrika y'Uburengero, nico gihugu kimaze kubamwo ama coups d'Etat menshi yakunze, aho indwi yose yakunze, imwe nayo ikaba ari yo yapfuvye/yaburijwemwo.
Rimwe na rimwe, ababa bakoze ico gikorwa bakunze guca bihutira kuvuga ko atari itembagazwa ry'ubutegetsi.
Mu 2017 muri Zimbabwe, coup d'Etat ya gisirikare yomoye ku butegetsi Robert Mugabe ihagarika intwaro yiwe yari imaze imyaka 37.
Umwe mu bari bayirongoye, Jenerali Majoro Sibusiso Moyo, yashikirije ijambo ku mboneshakure ahakana yivuye inyuma ko atari coup d'Etat ya gisirikare.
Mu kwa kane uno mwaka, inyuma y'urupfu rwa Perezida Idriss Deby wa Tchad, igisirikare caciye gishiraho umuhungu wiwe nk'umukuru w'igihugu mfatakibanza arongoya intwaro mfatakibanza ya gisirikare. Abamurwanya bavuga ko ari "itembagazwa ryakozwe hagati y'abanyamuryango" (dynastic coup/coup d'État dynastique).
Jonathan Powell avuga ko "Abarongoye iki gikorwa hafi ya bose bahakana ko igikorwa bakoze ari itembagazwa ry'ubutegetsi mu ntumbero yo kwerekana ko biri mu mategeko".
None ama coups d'Etat yoba yaragabanutse muri Afrika?
Mu myaka 40 hagati ya 1960 na 2000, ibitigiri vy'ama coups d'Etats ntivyahindutse aho hagiye haba ayababa ane buri mwaka.
Kuva ico gihe, ibi vyaragabanutse aho mu myaka hafi 20 hagiye haboneka nka nk'abiri buri mwaka gushika 2019.
Jonathan Powell avuga ko ibi bidatangaje uravye ingene ibihugu vya Afrika vyagiye bihura n'umutekano muke mu myaka yakurikiye ukwikukira.
"Ibihugu vya Afrika vyagiye bica mu bihe vyorohereza ama coups d'Etat, nk'ubukene n'ubutunzi bwasubiye inyuma. Iyo mu gihugu habaye coup d'Etat, ni ikimenyetso ko n'izindi ziri inyuma"
Ndubuisi Christian Ani wo kw'ishure kaminuza ya KwaZulu-Natal avuga ko imigumuko yo kwiyamiriza abategetsi baba bamaze igihe kirekire ku butegetsi batwaza umukazo yakunze kuba akaryo keza ko gutembagaza ubutegetsi muri Afrika.
Ati: "N'aho imyiyerekano y'abanyagihugu yemewe n'amategeko kandi ari bo nyene baba bayirongoye, akenshi usanga kugira ngo ishike ku kintu bivana n'ingingo ifashwe n'igisirikare".
Ni ibihe bihugu vyabayemwo ama coups d'Etat menshi?
Sudan nico ca mbere cabayemwo ama coups d'Etat menshi aho habayemwo 15 - atanu muri yo arakunda. Iyiheruka yabaye mu 2019 yakuye ku butegetsi Omar al-Bashirinyuma y'amezi atari make ico gihugu kirangwamwo imyiyerekano.
Bashir we nyene ubwiwe yari yashitse ku butegetsi atembagaje ubwahahora mu 1989.
Kuva 2015, mu ma coups d'Etat icenda yaharuwe kw'isi, yose, kiretse abiri gusa - Turquie (2016) na Myanmar (2021)-yabaye muri Afrika.
Muri rusangi Afrika niyo yabayemwo ama coups d'Etat menshi gusumba iyindi migabane kw'isi.
Ikurikirwa ka amerika y'ubumanuko habaye 95, muri yo 40 akaba yarashobotse.