France-Mali: Nyuma y'iyirukanwa rya ambasaderi ubu hararabwa gukura abasirikare mu Mali

Ubufaransa buriko burihweza ukuba kw'abasirikare babwo mu gihugu ca Mali nyuma y'iyirukanwa ry'uwubuserukiye, yabwirijwe guhambira n'umugwi w'abasirikare wafashe ubutegetsi.

Paris hamwe n'abafasha bayo ba Buraya bazofata ingingo hagati y'uku kwezi kwa Ruhuhuma (kwa kabiri), yuko bokurayo abasirikare bose canke bamwe, mu bagize urwego rw'abasirikare kabuhariwe.

Urwo rwego rw'abasirikare kabuhariwe ruri muri Mali mu gikorwa ciswe Operation Barkhane, kigamije kurwanya abarwanyi biyitirira idini rya Islam.

Paris yari yaramaze gutangura kugabanya abasirikare bayo bashika ku bihumbi bitanu bari mu mirwano mu karere ka Sahel.

Iyirukanwa rya ambasaderi Joël Meyer

Abategetsi ba gisirikare ba Mali birukanye uwuserukira Ubufaransa muri ico gihugu kubera ico bita amajambo "mabi cane" yavuzwe n'umushikiranganji w'imigenderanire w'Ubufaransa kuri reta mfatakibanza.

Ubufaransa buvuga ko bwatumyeko Joël Meyer, yahawe amasaha 72 ngo abe yavuye muri Mali.

Mu ndwi iheze, umushikiranganji w'imigenderanire w'Ubufaransa Jean-Yves Le Drian yavuze ko akarwi k'abasirikare kari ku butegetsi muri Mali "katemewe n'amategeko" kandi ko "kadashoboka".

Ibihugu vyo mu Burengero kandi birafise impungenge ku kungene Uburusiya bubandanya bwivanga mu bibazo vyo muri ico gihugu cahoze gitwarwa gikoloni n'Ubufaransa.

Moscou/Moscow (umugwa mukuru w'Uburusiya) ivugwa ko yarungitse abahanuzi ba gisirikare mu ndwi ziheze kugira ngo batsimbataze inzego z'umutekano mu rugamba rwazo rwo kurwanya inyeshamba ziyitirira idini rya Islam.

Amakuru ataremezwa avuga ko abacangero b'Abarusiya na bo nyene bariko barakorera muri ico gihugu co muri Afrika y'Uburengero.

Ubufaransa butegura kugabanya ingabo zabwo zarungitswe mu 2013 kugira zifashe reta ya Mali kurwanya izo nyeshamba.

Mu kindi kiganiro, umushikiranganji Le Drian yagirije abacangero b'Abarusiya "kwifashisha umutungo w'igihugu kugira ngo bakingire umutekano w'aka karwi".

Imigenderanire hagati y'Ubufaransa na Mali - igihugu kidafise umuhora ugishikana kw'ibahari kikaba giharurwa mu bihugu bikenye cane kw'isi - yaratitutse kuva igisirikare cigaruriye ubutegetsi mu kwa munani mu 2020.

Icuka kibi cagiye kwiyongera cane mu kwezi kwa mbere igihe aka karwi kahindura amasezerano yategekanya amatora muri uku kwa kabiri gaca kiyemeza ko kazoguma ku butegetsi gushika mu 2025.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi w'Ubufaransa Florence Parly yagiriza abategetsi ba Mali ko bongereje "ubusotoranyi" ku gihugu ciwe.

Bwana Meyer "yaratumweko amenyeshwa ingingo ya reta imusaba kuva mu gihugu mu masaha 72 inyuma y'amajambo mabi cane yashikirijwe n'umushikiranganji w'imigenderanire w'Ubufaransa", nk'uko biri mw'itangazo ryasohowe na reta ya Mali rigasomwa kuri televiziyo y'igihugu.

Ubushikiranganji bw'imigenderanire bw'Ubufaransa buremeza ko bwaciye butumako uyu muserukizi wabwo.

Ubufaransa bwarungitse ingabo zabwo muri Mali mu 2013 inyuma y'aho inyeshamba ziyitirira idini rya Islam zigaruriye uturere two mu buraruko bw'igihugu. Gifashijwe n'Ubufaransa, igisirikare ca Mali carisubije utwo turere, ariko izi nyeshamba zibandanya ziha inkumbi mu karere kose ka Sahel.

Ubufaransa bwararungitse kandi ingabo muri Niger na Burkina Faso, na vyo nyene bihanganye n'izi nyeshamba.