Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Novak Djokovic: Australia yongeye gufuta visa y'ico camamare muri tennis
Novak Djokovic yimirije gupfungwa ku wa gatandatu inyuma y'aho Australia ifutiye visa yiwe ubugira kabiri mu mpari z'uko aguma mu gihugu atacandazwe.
Iyo ngingo yafashwe ku mvo "z'amagara n'ukwubahiriza umutekano" isigura ko ashobora kwirukanwa kandi agaca abuzwa gusubira guhabwa uruhusha rwo kwinjira muri ico gihugu ikiringo c'imyaka itatu.
Abashingwamanza ba Djokovic bavuze ko iyo ngingo "bigaragara ko itumvikana" kandi baja kwunguruza.
Uwo nomero ya mbere muri tennis y'abagabo yari ategekanijwe gukina mw'ihiganwa rya Australian Open rizotangura ku wa mbere.
Umushikiranganji wa Austrilia ajejwe abasohoka n'abinjira Alex Hawke yavuze mw'itangazo ati: "Uyu munsi nakoresheje ububasha bwanje… kugira mfute visa yari ifiswe na Novak Djokovic ku mvo z'amagara no kwubahiriza umutekano, kuko kubikora vyari mu nyungu z'abanyagihugu".
Umushikiranganji wa mbere Scott Morrison yavuze ko iyo ngingo yafashwe "vyihwejwe neza".
Mw'itangazo yavuze ati: "Abanya-Australia bahevye vyinshi cane muri iki kiza, gutyo birumvikana ko bitega ko ivyavuye muri uko kwiheba bikingirwa."
Mu ntahe yihuta ya sentare ijoro ryitereye inyuma y'aho ingingo itangarijwe ku wa gatanu, umucamanza Anthony Kelly yafashe ingingo y'uko Djokovic adashobora kwirukanwa mu gihe hakibandanya ivyo kwunguruza urwo rubanza.
Intahe y'urubanza rwo kwunguruza yitezwe ku wa mungu.
Umucamanza yavuze ko reta ishobora kupfunga Djokovic ahejeje kubonana n'abategetsi bajejwe abinjira n'abasohoka i Melbourne ku wa gatandatu mu gitondo.
Ariko azoba yemerewe kuja mu biro vy'abamwunganira mu mategeko kugira bategure intahe yo ku wa mungu.
Abunganira Djokovic mu mategeko bavuze ko ingingo y'umushikiranganji yo gufuta visa yiwe ''bigaragara ko itumvikana".
Umushingwamanza wa Djokovic , Nicholas Wood yavuze ko ingingo yafashe atari ukubera ko ashobora kugeramira abanyagihugu, ahubwo ari ukubera ko "azokabura agatima ko kurwanya incanco".
N'ubwo Djokovic atiteje urucanco, nta ruhara rweruye yaguze bikorwa yagize vyo gutere intege amakuru atari yo y'abagwanya incanco.
Wood yongeye ko umushikiranganji yahisemwo ''kuvana umuntu w'igihagararo ciza" muri Australia no ''kwonona" kazoza kiwe k'inkino kubera amajambo agwanya incanco Djokovic yavuze mu 2020.
Uwo mukinyi amaze gutsinda Australian Open incuro icenda yari yizigiye kurwanira ikibanza ciwe ku ndwi iza, hamwe yari gutsinda, akaba yociye aba uwa mbere aronse intsinzi nyinshi muri kahise k'urwo rukino mu ruhande rw'abagabo ku ntsinzi 21 za Grand Slam.
Gushika ubu Djokovic aracari muri iryo higanwa aho vyitezwe ko azohura n'umuvukagihugu wiwe Miomir Kecmanovic ku ndwi iza.
Hamwe yokwirukanwa, ikibanza ciwe gishobora guca kijamwo umurusiya Andrey Rublev.
Visa ya Djokovic yari yafuswe ubwa mbere agishika i Melbourne itariki 6 ukwezi kwa mbere, inyuma y'aho abategetsi b'imbibe muri Australia bavugiye ko "yananiwe no kwerekana icemezo kibereye" c'uko yarekuriwe kutiteza urucanco.
Kuva bikimeyeshwa ko azoja gukina muri Australian Open, abanya-Australia, babaye mu bihe birebire kandi vy'ingingo zikaze za guma mu rugo, bamwe bamwe vyari vyababaje kuko bitagaragara niba azokwubahiriza amategeko akaze cane yo kwinjira muri ico gihugu.
Agishika yaciye apfungirwa amasaha makeya ku kibuga c'indege ca Melbourne, mu nyuma amara iminsi mw'ihoteri y'inzego zijejwe abasohoka n'abinjira.
Haheze iminsi umucamanza yaciye asesa ingingo yo gufuta visa yiwe aca ategeka ko arekurwa avuga ko ababijejwe batari bakurikije ingingo nyazo igihe yashika.
Ariko ku wa gatanu ku mugoroba umushikiranganji Hawke yongeye gufuta visa yiwe yitwaje ubundi bubasha bwo mw'itegeko rya Australia rigenga abimukira. Rimuha ububasha bwo kwirukana uwo wese abona ko ashobora kubanganira amagara, umutekano canke iyubahirizwa ry'amategeko muri Australia", ariko Djokovic ashobora kwunguruza.
Bishitse mu gihe Djokovic yemeye ko uwumufasha mu ngendo yihenze mu kwuzuza urupapuro rw'ingenzi. Djokovic yemeye kandi ko yabonanye n'umumenyeshamakuru yongera arifotoza kandi yari yatowe ko yanduye Covid-19.